#Article 1: Uburundi (855 words)


Repuburika y’Uburundi (Uburundi) ni igihugu kiri muri Afirika y’ubuseruko. Gikikujwe n'Urwanda mu buraruko; Tanzaniya mu buseruko hamwe na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo RDC mu burengero. Ikiyaga Tanganyika kiri mu burengero bw’Uburundi kiri hafi y’umurwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura kikaba ari ica kabiri kw’isi gifise munsi kure cane.

Abashakashatsi bavuga ko Uburundi bwamyeho bwa gihugu cikwiye kuva mu kinjana ca 16. Mu mwaka w'1903 ni ho catakaza intahe y’ukwikukira igihe hashikiye abadagi; umwami w’ico gihe Mwezi Gisabo akaba yasinyanye nabo Amasezerano y’i Kiganda. Haheze ingwano y’isi yose ya mbere caciye gicurwa bufuni na buhoro n'igihugu c’Ububirigi. Uburundi bwarafatanijwe n’igihugu c'Urwanda: Rwanda-Urundi. Ku wa 1 Mukakaro 1962 niho casubira kuronka intahe yaco y´ukwikukira irondewe n´umuganwa Rwagasore Rudoviko umuhungu w'umwami Mwambutsa Bangiricenge akaba n'umukuru w’umugambwe w'abadasigana UPRONA. Uburundi cari igihugu cifashe kandi cagutse. Mu nyuma ku ntwaro y'Ababirigi gitakaza Ubugufi, imwe mu ntara yari nini, ica yegukira Tanzaniya.

Akahise k’Uburundi karanzwe n’igihe c’ubwami bwa kera bwabayeho imbere y’ubukoroni, n’imbibe zitahindutse. Uburundi bwashinze imizi kuva mu kinjana ca 16 canke ca 17 mu karere karimwo abantu kuva mu kimpumbi ca mbere imbere y’umuzo wa Yezu Kirisu. Bwari Ubwami bushingiye ku migenzo n’amategeko kama y’Imana, umwe wese akamenya ico ajejwe ariko kandi ata migenderanire ishemeye n’amakungu iriho. Ico gihugu rero kitagira imihora co muri Afirika y’Ubuseruko, gitumbereye mu karere k’ibiyaga binini kikaba kigizwe n’abahutu (bangana n’ibice 85%), abatutsi (bangana n’ibice 14%) n’abatwa (bangana n’igice 1%) kikaba kirangwa n’imico imwe n’ururimi rumwe. Indimi zizwi kandi zikoreshwa mu kazi ni ikirundi, igifaransa; igiswahili gikoreshwa canecane mu buzima b'urudandazwa.

Kuva Uburundi buronse ukwikukira, bwagize ingorane nyinshi zijanye n’ivy'imibano na poritike zagumye zigaruka ari zo zatumye haba indwano, haba abahungiye mu mahanga abandi bakegeranirizwa hagati mu gihugu, harasamburwa inyubakwa rusangi n’ubutunzi. Ingwano yabaye mu Burundi mu 1993, niyo yabaye ndende cane kandi ni nayo yagize inkurikizi mbi cane ku vyerekeye poritike. Kukaba nkako, uretse ihagarikwa ry’umuzo w'intwaro rusangi n’itituka ry’ivyerekana iterambere mu vyerekeye ubutunzi ico kiza nyene c’intambara cateye, caranatumye haba itituka ry’ubutegetsi n’akaranga mu bice vyinshi vy’igihugu.

Kimwe mu bituma indyane zidahera, ni igwirirana ry’abantu mu matongo yaze n’inkurikizi zaryo ku butunzi busanzwe bushimikiye canecane k'uburimyi. Abenegihugu bangana n'imiriyoni umunani ugereranije bagwirirana ku rugero rugwijije na kabiri uko imyaka mirongo itatu iheze, bakagwira kurugero rungana n’ibice bitatu kw'ijana (3%) ku mwaka. Tugereranije, dusanga hafi ica kabiri c’abarundi bafise munsi y’imyaka 15, ibice bingana mirongo icenda kw'ijana (90%) babeshwaho n’uburimyi. Abangana n’ibice mirondo indwi (70%) nabo usanga baronka agahembo kari munsi y’idorari rimwe ry’Abanyamerika ku musi.

Inyuma y’ihagarikwa ry'intwaro rusangi mu 1993, ibihugu bigize kano karere (Ubuganda, Tanzaniya, Afirika bw’epfo), bishigikiwe n’amakungu , vyarafashe ingingo yo kugarukana amahoro mu gihugu, ibiganiro vyatumye haba ishirwa ry’igikumu i Arusha ku masezerano y’amahoro n’umwumvikano mu Burundi. Amasezerano y’i Arusha ashimikiye ku mwumvikano n’ubumwe mu gihugu, agategekanya n’ingene abadasangiye ubwoko boserukirwa ata mahinyu. Ishirwa mu ngiro ry’Amasezerano ryabaye intango y’intwaro y’infatakibanza, mu ntambwe yashitseko iyihambaye ikaba yabaye ishikirizwa muri Gitugutu umwaka wa 2001, ry’ibwirizwa shingiro rigenga itunganywa ry’inzego mu kiringo c’amezi 36.

Muri Ruhuhuma umwaka wa 2005, Abarundi barahamagariwe kwemeza irindi bwirizwa shingiro biciye mu matora. Iryo bwirizwa shingiro risubirira iryamaze amezi 36, rirasigura neza ko Uburundi ari irepuburika yigenga, ifise intwaro rusangi kandi itisunga idini na rimwe ,  yubahiriza ubudasa bw’amoko n’amadini . Iryo bwirizwa shingiro rirubahiriza urugero amoko aserukirwa mu vya poritike, mu nzego, mu buzi bwa reta, rikongera rikubahiriza intwaro ihuriyemwo abanyeporitike n’abajejwe umutekano mu gushinga urugero ahahutu n’abatutsi baserukirwako, badasize inyuma kwubahiriza uguserukirwa kw’abakenyezi ku bice 30%.

Uburundi ni igihugu gitunzwe canecane n´uburimyi hamwe n´ubworozi. Ibice mirongo icenda kw'ijana (90%) vy´abarundi nico bakora. Kuva mu 1993 aho ingwano itereye bifatanijwe n´ibihano bwafatiwe mu 1996 n´ibihugu bibanyi vyo kwugara imbibe; ubukene bwariyongereye cane. Ubu Uburundi buriko buranaganaga kuva aho hasinyiwe amasezerano hagati y'imigwi yahora irwanya ubutegetsi hamwe n'igisoda ca reta. Abahinga babona ko Uburundi bufise kazoza keza.

Amashure matoya : Mu Burundi abana batangura amashure matoya bafise imyaka itandatu.
Amashure matoya atunganijwe mu myaka itandatu. Umwaka wa gatandatu uherezwa n'ikibazo ca Reta giha abarushije abandi uburenganzira bwo kwiga mu mashure yisumbuye akukira Ireta. Abamenye mugabo bataronse ubwo burenganzira, baca biga amshure yisumbuye akukira amakomine. Abo kinaniye barashobora guhitira canke bagaheba kwiga, bakaja kurondera ubuzima mu myuga mitomito. Abenshi muri abo birabagora cane kwiteza imbere kuko baba bavuye mw'ishure bakiri bato kandi ata bumenyi bukwiye bafise.

Amashure y'isumbuye
Mu Burundi abana batangura amashure yisumbuye bafise imyaka icumi n'ibiri canke icumi n'itatu iyo batahitiye. Mu bisanzwe amashure yisumbuye agizwe n'ibice bibiri. Mu gice ca mbere abana bamara imyaka ine ku ntebe y'ishure.Ivyirwa bikuru bikuru bakurikira ni ibi: 1. Indimi(ikirundi, igifaransa n'icongereza): 2. Ibiharuro 3. Akahise 4. Indonda bihugu 5. Uburimyi 6. Kunonora imitsi 7. Ubuhinga

Kugira babandanye igice ca kabiri, bategerezwa kumenya ikibazo co mu mwaka w'icumi. Abafise ubumenyi bujanye n'ibiharuro, barashobora guhitamwo kubandanya amashure yisumbuye mu gisata c'ibiharuro n'ibindi vyirwa bijanye. Abafise amanota meza mu ndimi n'ibindi vyirwa bijanye na bo bashobora ku bandanya amashure yisumbuye mu gisata c'indimi. Muri ico gihe, ivyirwa abana biga biba bishimikiye ku ndimi canke ku biharuro. Bitayeko, abana barashobora guhitamwo kwiga amashure y'imyuga. Abana bahisemwo kunonosora ibiharuro canke indimi, bategerezwa gukora ikibazo co mu mwaka w'icumi na gatatu. Ni ikibazo c'Ireta gihambaye cane gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuza.




#Article 2: Rudoviko Rwagasore (35 words)


Umuganwa Rudoviko Rwagasore

Rudoviko Rwagasore yavutse itariki 10 nzero 1932 mu ntara ya Gitega. Yavyawe n'umwami Mwambutsa n´umwamikazi Tereza Kanyonga. Ahejeje kaminuza 1956 yaciye ataha i Burundi aca ashinga umugambwe UPRONA kugira ngo agwanye Ababirigi.




#Article 3: Ikinyarwanda (34 words)


Ikinyarwanda ni ururimi rw'abanyarwanda, ururimi rw'abahutu, abatutsi n'abatwa. Ikinyarwanda gisa n'Ikirundi, ururimi rw'i Burundi, rukanasa n'Igiha cyo muri Tanzaniya.nkico umuhungu umwe yitwa AMANI Nasson twasanze avuga.
kuwushaka kumenya vyinshi kugiha yoturondera kuri email:
amannassonmukosa25@gmail.com




#Article 4: Interahamwe (38 words)


Interahamwe ni imbaraga ry'umuturage w'abahutu b'abextremist ry'u Rwanda.  Mu itsembabwoko ry'1994, Interahamwe zishe abatutsi (n'abahutu batanjye abatutsi) miliyoni.  Interahamwe zise abatutsi inyenzi n'inzoka, na zise abahutu batari abatutsi ibyitso.  Kuberako, zihisha muri Kongo.  Zishaka gutsembesha abatutsi ibyuma n'imipanga.




#Article 5: Kiseperanto (39 words)


Kiseperanto (kiseperanto: Esperanto) ni ururimi rw’isi; rurabugwe hose na abantu barashaka kubuga na abantu b’ururimi rundi. L. L. Zamenhof yarureme umwaka 1887. Rwaitiranwe Doktoro Esperanto (Umuganga Mw’icizigiro, izina y’umwandika mw’igitabo yambere y’ikiseperanto). Ururimi rurabugwe kuruta indimi nose nndi n’indemano.






#Article 7: Gitega (26 words)


Gitega ni umujyi mukuru w'intara ya Gitega. Ikaba ari umujyi wa kabiri muniniya mu Uburundi. Muri uwo mujyituhasanga Ingoro Ndangamuco y'U Burundi na Arkidiyosezi ya Gitega.




#Article 8: Ubwislamu mu Burundi (423 words)


Kuva kera na rindi Abarundi bamye basenga Imana. Imbere ko abarundi bo hambere batangura kwigishwa ivy'amadini mashasha, barasenga icariho c'uwo biyumvira ko yoba asumba vyose akaba ari nawe yatumye abantu babaho. Baranashimira uwo bibaza ko asumba vyose kandi atanga vyose mu guterera. Mu guterera rero baragana inzoga,bagateka indya nziza bakongera bagatumira incuti n'abagenzi. Barashikanira uwo bibaza ko asumba vyose mu kumushikiriza imfungugwa nzia ahantu mw'ishamba bibaza ko uwoo asumba vyose azohava aza kuvyakira. Ivyo babigira mu gushimira uwo bibaza ko asumba bose. Aho  baba baronse umwimbu ukwiye canke nkiyo baronse umwana. Ivyo vyose babigira mu gikorwa bita KUBANDWA.

Kubwandwa rero cari igikorwa cagigwa n'abarundi bo hambere nka bose!Imbere y'uko ubukoroni (colonisation) butangura, abazungu baraje kwigisha amadini mashasha maze abarundi baheba Kiranga batangura gusenga Imana mu bundi buryo. Amadini y'Ubukirisu nka Gatorika (Eglise Catholique) niyo yiharije inyigisho z'Imana nshanha. Aba islamu nabo nyene ntibatanzwe kuza kwigisha ivy'Imana.Naho abarundi bari binjiye idini rishasha ry'ubukirisu, ubuislamu nabwo nyene bwararonse abanywanyi. Inyigisho nazo zabo zikaba zivuga ko :Ata Mana Ikwiye Gusengwa vy'ukuri atari ALLAH kandi ko MUHAMADI ari Intumwa y'Imana.Ubwo butumwa bushasha bwace busubirira ubwo abera (missionnaires blancs) bari bigishije ko Yesu (Jésus) ari umwana w'Imana kandi ko UKWEMERA KWABO kugizwe n'UBUTATU BUTAGATIFU :Data,(Père) Mwana,(Fils) hamwe na Mutima mweranda( Saint Esprit).Ubwisiramu rero buza buhakana ko Yesu atari umwana w'Imana ahubwo ari intumwa y'Imana nkuko nyanditswe mu gitabo ceranda Korani cahishuriwe intumwa ya Allah, Muhamadi. Ubwisirimu rero mu Burundi bushinga imizi bukebuke gushika n'ubu. Abemera idini rya Islamu babandnya bagwira gushika n'ubu aho bashika ku bice 15 kw'ijana!Benshi muribo bavuga ururimi rw'igiswahili (Swahili) kandi bakaba benshi baba mu dusagara dusanga mu gihugu cose c'Uburundi.

BIMWE MUVYO ABA ISLAMU BEMERA

Abisiramu baremera Imana Imwe Rudende, Intumwa  zayo zose (harimwo ya Yesu),Ibitabo vyerenda (Korani, Zaburi, Injili), Umusi w'umuhero, Abamarayika, Urubanza rwo ku musi w'iherezo,Ijuru hamwe n'umuriro Udahera!

Gusenga muri Islamu
Abasiramu bategetswe gusenga gatanu ko musi.Biratandukanye cane n'ivyo abakirisu bagira.Hanyuma umusi w'ikoraniro ryo kugenda kumviriza inyigisho ni ku musi wa Gatanu mweranda w'indwi.Uwo musi ni uwo gusangira igisabisho kandi utegetswe kuri bose.
Igisabisho nyamukuru umusiramu wese ategerezwa kuvuga gatanu ku musi ni Ikigabane ca Mbere c'igitabo ceranda Korani naco kikaba kivuga giti:

بِسْمِ اللّهِ الرَّحْمـَنِ الرَّحِيم

1.Kw'Izina ry'Imana Nyenimbabazi, Nyeningiro

الْحَمْدُ للهِ رَبَ الْعَالَمِينَ

2.Amashimwe yose ni ay'Imana,Umufasha w'abantu bose

الرَّحْمـنِ الرَّحِيم

3.Nyene Imbabazi,Nyeningiro.

مَـالِكِ يَوْمِ الدِّين

4.Ni Wewe Uganza umusi w'umuhero.

إِيَّاك نَعْبُدُ وإِيَّاكَ نَسْتَعِين

5.Ni Wewe dusenga kandi ni Wewe dusaba imfashanyo.

اهدِنَــــا الصِّرَاطَ المُستَقِيمَ

6.Tuyobore Mana mu nzira igororotse.

صِرَاطَ الَّذِينَ أَنعَمتَ عَلَيهِمْ غَيرِ المَغضُوبِ عَلَيهِمْ وَلاَ الضَّالِّين

7.Inzira y'abo wayoboye, atari inzira y'abo washavuriye canke y'abazimiye.




#Article 9: Google (60 words)


Google Inc. n'ishirahamwe ry'imitahe ryo muri Leta Zunz'Ubumwe Z'Amerika, rifasha abanwanyi kurondera irya n'ino kuri Internet no kumenyekanisha. Kw'itariki za 30 Nyakanga, 2006; iryo shirahamwe ryakoresha abakozi (bakora ingunga zose) 9378. Rifise icicaro i Mountain View, California.
Google yatangujwe na Larry Page hamwe na Sergey Brin, tariki 7 Nyakanga, 1998. Rirongowe na Eric Schmidt, kuva aho Larry Page 
atangiye imihoho.




#Article 10: Leta z’Unze Ubumwe za Amerika (45 words)


Leta Zunze Ubumwe za Amerika ni igihugu cya Amerika. Gikikijwe na Kanada m'ububaruko hamwe na Mexico. Mu gihugu bose bavuga icyongereza n'iki espagnol.

Cyabonye ubwigenge mu mwaka wa 1776. Perezida y'igihugu ni Donald Trump. Niwe perezida wa mbere w'umwirabura wa Leta z’Unze Ubumwe za Amerika.




#Article 11: Yezu Kirisitu (19 words)


Ushingiye kuri Bibiliya n'umwana w'Imana. Ko Yesu (Jésus) ari umwana w'Imana kandi ko Ukwemera Kwabo kugizwe n' Ubutatu Butagatifu.




#Article 12: Burundi Bwacu (37 words)


Burundi Bwacu ni indirimbo ihayagiza igihugu c'Uburundi. Amajambo yayo yateguwe n'umugwi w'abanditsi bari bayobowe na patiri Yohani Batista Ntahokaja. Umudiho wayo nawo wateguwe na Mariko Barengayabo. Iyo ndirimbo yatowe ngo ibe icivugo c'Uburundi mu 1962 igihe bwikukira.




#Article 13: IProvense ya Cankuzo (15 words)


iProvense ya Cankuzo iri muntara cumi nindwi z'Uburundi,ikaba ifise km 1,965 kandi ituwemwo nabantu 172,477.




#Article 14: IProvense ya Cibitoke (18 words)


iProvense ya Cibitoke iri muntara cumi nindwi z'Uburundi.

Intara ya Cibitoke igizwe n'ama Komine atandatu ari yo akurikira:




#Article 15: IProvense ya Gitega (17 words)


iProvense ya Gitega iri muntara cumi nindwi z'Uburundi, ikaba ifise km 1,979 kandi ituwemwo nabantu 725,223 (2008).




#Article 16: IProvense ya Makamba (17 words)


iProvense ya Makamba iri muntara cumi nindwi z'Uburundi, ikaba ifise km 1,960 kandi ituwemwo nabantu 430,899 (2008).




#Article 17: IProvense ya Mwaro (49 words)


iProvense ya Mwaro iri muntara cumi nindwi z'Uburundi. Intara ya Mwaro yavutse mu mwaka wa 2002 bagabuyemwo kubiri intara ya Muramvya.

Imvukira z’iyo ntara zariyungukanije zirashiraho Kaminuza y’I Mwaro mu mwaka wa 2001. Iyo Kaminuza ifise icicaro cayo mu Kibumbu, misiyoni iri mu za mbere za kera mu Burundi.




#Article 18: Turukiya (11 words)


Turukiya (Turkiya) canke Republika ya Tur(u)kiya n´igihugu kiri muri Aziya n’Uburaya.




#Article 19: Imbata (24 words)


Imbata ni igikoko (ikiguruka).

Inyamaswa so mu mazi, ijya kumera nk' inkoko, ariko ifiite umunwa munini.

Imbata irya amafi, kandi itera majyi kugirango ibyare.




#Article 20: Umunani (10 words)


Umunani canka Munani ni igiharuro.

Kane guteranya na kane n'umunani.




#Article 21: Ubufaransa (16 words)


Ubufaransa (Faransa) canke Repubulika y'u Bufaransa (Igifaransa : France ; umu-sirikare République française) n’igihugu muri Uburaya.




#Article 22: Infuluwanza (16 words)


Infuluwanza canke giripe itegwa n’udukoko wandura duciye mumazuru, mumuhogo no mu bihaha. Ibimenyetso vyiyo ngwara nibi:




#Article 23: Indwara y’Igitigu (92 words)


Indwara y’Igitigu ni indwara iterwa n’umugera kandi igasinzikaza igitigu. Ishobora gutuma ugutakaza akayabagu, ukuruha, ugucibwamwo, ukuyorwa, ububabare mu nyama no mu nda, n’indwara y’umuhondo, itera amaso n’urukoba gusa n’umuhondo. Iyo itavuwe, ishobora gutuma igitigu cononekara, canseri y’igitigu, canke urupfu. Hafi y’ibice 30 kw’ijana vy’abafise indwara y’igitigu nta bimenyetso vyayo bafise. Iyo ndwara igwiriye cane mu bakuze gusumba abana.

Indwara y’Igitigu iboneka iyo amaraso y’umuntu ayirwaye yinjiye mu mubiri w’uwutayirwaye. Ivyo bishika mu kurangura amabanga y’abubatse n’uwuyirwaye badakoresheje agafuko, mu gusangira imiti n’inshinge, canke kuva ku muvyeyi ayirwaye ku mwana mu gihe c’ivuka.




#Article 24: Boronshite (17 words)


Boronshite nihamwe ibikororwa vyuzuranye muri twa dukenke tuja kubi haha, hama bigatera umuntu kunanirwa no guhema neza.




#Article 25: Umusonga (41 words)


Umusonga ufata kimwe niyo ndwara y’imbeho giripe, aliko yoyo ifata rwose mu bihaha. Umusonga mubisanzwe uterwa na giripe. Umusonga ushobora kwica mubakiri bato, abakura kuze, abarwayi bafise sida, hamwe n’abantu basanzwe barwaye izindi ndwara kuko nta nguvu zo kurinda indwara bafise.




#Article 26: Kanada (89 words)


Kanada n’igihugu cakira abimuka bava mu bindi bihugu. Abo bita Abanyagihugu ba mbere na Inuit ni bo bonyene badafise abakurambere batimukiye muri Kanada. Abantu baje muri Kanada kugira ngo baronke umutekano, bahunge gutotezwa,kandi bizere ubuzima bwiza. Birashoboka nawe waje kubera impamvu zisa nizo.

Abakozi benshi mu kigo gifasha gutura nabo bari abimuka. Benshi bavuga izindi ndimi wongereyeko Icongereza canke Igifaransa.

Kanada yakira abimukira barenze 200,000 buri mwaka. Abageze kuri bane kw’ijana (4%) , ni impunzi nka we zifashwa na Leta. Ivyo birashoboka kubera ikori itangwa n’abandi banyagihugu ba Kanada.




#Article 27: Australiya (195 words)


Ubwenegihugu bwa Australiya n’intambwe ikomeye cane muri kahise kawe k’umwimukira. Ukuba umwenegihugu wa Australiya bimenyesha ko wiyemeje ko uzobandanya ivyo Australia iharanira n’ico iki gihugu kimaze. N’intango kandi yo kuba umunywanyi ashitse wa Australiya. N’intambwe izotuma uvuga uti ndi Umunyaustraliya.

Australiyaga tawrif buyuruvchilar uchun. Bu yer juda chiroyli va dunyoning eng zur joyidir.

Mu myaka yakurikiye, izo koloni uko zari zitandukanye zaciye ziharira ingene zoba igihugu kimwe. Mu 1901, amakoloni yose yaciye yiyunga agira igihugu kimwe bise Commonwealth of Australia. Muri ico gihe, abantu ba Australiya bangana imiliyoni 4. Iki gitigiri ntiharimwo Benagataka.

Ico bita Commonwealth ni intara n’ibice vy’intara vyiyunze. Hari intara zitandatu n’ibice vy’intara bikuru bibiri. Canberra ni umurwa mukuru w’igihugu, intara yose n’igice gikukira intara ifise umurwa mukuru wayo.

Umusi wa Anzac uhimbazwa igenekerezo rya 25 ry’ukwezi kwa Ndamukiza buri mwaka. Uwo musi wa Anzac wahawe iryo zina inyuma yaho intwaramiheto za Australiya na New Zealand zashika Gallipoli muri Turukiya mugihe c’intambara y’isi yose ya 1 kw’igenekerezo rya 25 z’ukwezi kwa Ndamukiza 1915.

Umusi wahariwe Anzac n’umusi twibuka ukwitanga kwa Abanyaustraliya bakoreye igihugu n’abandi baguye k’urugamba, tukibuka n’ingwano zabaye hamwe n’ibikorwa vyo kubungabunga amahoro. Dushimagiza kandi ukwitanga n’ubukerebutsi bw’abashingantahe n’apfasoni ba Australiya.




#Article 28: Amabendera ya Australiya (47 words)


Amabendera ya Australiya

Australiya ifise amabendera atatu yemewe: Ibendera ry’igihugu cose, Ibendera rya Abasangwabutaka, Ibendera rya ba Torres Strait Islanders.

Vyongeye intara yose ifise ibendera ryayo. lbi dushobora kubisanga ku rupapuro rwa 11.

Amabara y’ibendera ry’igihugu ca Australiya ni ubururu, iryera n’agahama. Rifise ibice bikuru bikuru bitatu:




#Article 29: Kolesterole (132 words)


Ikinure nzibiramitsi bita “kolesterole’’ ni ikinure coroshe dusanga mu maraso. Ni ibisanzwe kugira ivyo binure kolesterole kuko bifasha mu kubumba uduhimba dutoduto twitanguriro turemye umubiri wacu. Ariko iyo ivyo binure bibaye vyinshi mu mubiri, bica bitera indwara y’umutima canke indwara iziba imitsi ijana amaraso mu bwonko.

Irwirirana ry’ibinure ‘‘kolesterole’’ ni kimwe mu bitera indwara y’umutima. Iyo hari ivyo binure kolesterole vyinshi mu maraso yawe, biraheza bikiyungiranya bikavurira imbere mu mpome z’imitsi mikuru itwara amaraso mu mutima. Haciye igihe ufise ivyo binure, bituma imitsi itimba, hanyuma igakongatara, hanyuma umurindi w’amaraso mu mubiri ukagabanuka canke bikazibira iyo mitsi. Ivyo rero bishobora gutera indwara y’umutima.

Irwirirana ry’ibinure nzibiramitsi “kolesterole” ntabimenyetso biboneka ryerekana, nico gituma bigoye kumenya ko uyigwaye utipimishije amaraso. Abantu bafise imyaka irenga 40 bategerezwa kuza baripimisha igipimo ca “kolesterole” kurugero muganga wabo yabahaye.




#Article 30: Indwara y’umutima (91 words)


Umutima uguma ukora igihe cose, haba ku mutaga canke mw’ijoro (amasaha mirongo ibiri n’ane ku munsi), upompa amaraso arimwo umwuka mwiza duhema (oxygène) n’ivyangombwa nkenerwa mu mubiri. Amaraso ashika mu mutima aciye mu mitsi mikuru. Iyo abantu barya kenshi canke barya imfungurwa zirenze urugero zuzuye ibinure canke isukari nyinshi, hanyuma ntibagire imyimenyerezo yo kunonora imitsi, ibinure biraheza bikagwirirana mu mitsi mikuru. Iyo rero vyagwiriranye, birameneka bigaca bituma haba igipfunda c’amaraso. Ico gipfunda gituma amaraso atembera nabi nabi mu mitsi hanyuma ntashike mu mutima, akaba arivyo rero bitera indwara y’umutima yamaze abantu.




#Article 31: Akomeye mu mutwe (108 words)


Akomeye mu mutwe

Umuntu yitwa ko akomeye mu mutwe igihe ashobora gukora neza mu buzima bwa minsi yose, agakorana n’abandi, agafata ingingo, akagira ico aterera mu kibano, akamenya ingene yigenza mu bintu bigusagirije no mu bihe bigoye, akongera agashika kukunezerwa bikwiye. Indwara zo mu mutwe n’indwara zihungabanya amagara y’umuntu mu mutwe.

Impunzi zirakunda gufatwa n’indwara zo mu mutwe kubera ivyo zaciyemwo mu buzima bihahamura. Igihugu c’amavuko cabo kenshi kirakenye kandi nta mutekano ukiranga, bashobora kuba barahungabanirijwe ubuzima, barabuze canke barazimije ababo, canke bapfunzwe.

Hari ubwoko bwinshi bw’indwara zo mu mutwe, hakaba n’uburyo bwinshi bwo kuzivura. Kwihebura ukaguma wijiriwe niyo ndwara yo mu mutwe ikunda kuboneka. Izindi ni :




#Article 32: Guhahamuka (63 words)


Guhahamuka (PTSD). Ivyo bishora gushika igihe umuntu yagize ubwoba cane canke yahwanye n’ingorane zimutera ubwoba cane, nko gukubitwa, guhwana n’isanganya ry’icaduka, guterwa n’abashimutsi, canke indwano za gisirikare. Abantu bahahamutse baguma bibuka ivyabaye, bakarara bararota ibiteye ubwoba, canke bigatuma bahwana n’ibisubira kubahahamura. Bashobora kwadukana ishavu canke bakiyotsa rwose ibibi boba barakoze, ubwoba, n’ibindi. Ukwo guhahamuka (PTSD) kurashobora kubera intambanyi ubuzima bw’umuntu bwa minsi yose.




#Article 33: Kwama wacitse ivutu (37 words)


Kwama wacitse ivutu. Ibitero bitavanako n’ivyo bimenyetso vyo kwama wacitse ivutu. Gucika ivutu bishika igihe umuntu afise umwitwaririko mwinshi w’ubwoba no kwamana umutima uhagaze. Kenshi bimara iminuta mikeyi, mugabo birashobora kumara igihe kiruta canke bikaza biraza bigenda.




#Article 34: Kwamana ubwoba wicura abansi n’ibikugirira nabi (64 words)


Kwamana ubwoba wicura abansi n’ibikugirira nabi. Iyo ndwara yo mu mutwe ibonekera mu guhindura ingene ubona canke wumva ibiriko biraba ukavyita ukutariko. Abantu bashobora kwumva amajwi abavugisha atayariho, bakicura ibibatera atabiriho, canke bakemeza ko ari abandi bantu. Iyo ndwara, schizophrenia, ishobora gutera kwama wicura abansi n’ibikugirira nabi, umuntu agahunga aho abandi bantu bari, agacika ikiyingiyingi, canke ntagire aharagama ngo atekereze akama ari mu ruhagarara.




#Article 35: Ikiyingiyingi (126 words)


Nta muntu atigera yumva ko yijiriwe mu buzima bwiwe, ariko kenshi n’ibintu biza bigahera. Ni kwaba uko kwijirwa kumaze indwi nyinshi kukongera kukagira ingaruka ku buzima bwa minsi yose, ushobora kuba urwaye ikiyingiyingi. Ibimenyetso bivyerekana harimwo kwama wihebuye, ukamenga nta kiri mu bwenge, canke ukama ufise ubwoba; kwama urushe rwose; kutaryama neza canke kugira itiro ryinshi; kutagira akayabagu canke kurya nk’isiha. Gucika ikiyingiyindi bishobora gutuma umuntu arwara izindi ndwara nko kuribwa mu nda canke kumeneka umutwe.

Gucika ikiyingiyingi birashika kenshi muri Leta Zunze Ubumwe z’Amerika. Abakozi bo mu buvuzi baravura kandi bagakiza iyo ndwara babicishije mu kuvugana n’umurwayi, mu kumuha imiti, canke ivyo uko ari bibiri. Ni waba uzi umuntu arwaye gutyo, mwereke ko ubabaye umushigikire, mutege amatwi umwumvirize, wongere umuhanure kuvugana n’abakozi bo mu buvuzi.




#Article 36: Kwiyahura (122 words)


Iyo abantu bacitse ibiyingiyingi canke barwaye indwara zindi zo mu mutwe, bashobora kugerageza kwikomeretsa canke kwiyica. 

Rimwe na rimwe abantu biyahura kubera ko babona womenga n’ubuhungiro bw’ingorana barimwo canke bw’ububabare, ishavu, ivyo biyotsa, kuba ruhebwa canke nyamwigendako. Abantu baraheza bakumva nk’abari mu munyororo canke barengewe n’ibintu iyo bibaza ko ibintu bitazofa bibaye vyiza gusumba canke ataco bashobora gukora kugira ngo bahindure ibintu n’ibindi. Ivyo birababangamira bikababuza kubona inyishu zibereye kandi zogira akamaro. Mu bwenge bwabo ntibifuza kupfa, ariko barondera aho bohungira. Abantu biyahura ntibabona ko bashobora guhindura ibibahanze canke ngo bamenye ingene bokwikura ivyiyumviro bibatuma bihebura.

Abahinga bavyigiye barashobora gufasha abantu kubona ko kuba ikiyingiyingi canke kurwara indwara zo mu mutwe, atari ibibahanze ubu, bituma biyumva, biyumvira canke bigenza uko bameze ubu.




#Article 37: Ibiyayura umutwe (70 words)


Ibiyayura umutwe ni ibintu bihindura ingene umubiri wawe usanzwe ukora. Bironona amagara kandi biragoye kuvyihanganira no kubiheba.

Inzoga hamwe n’ibiyayura umutwe bimwe bimwe biratuma umuntu yihebura, n’ukuvuga yuko bishobora gutuma umuntu yumva ko yijiriwe, agira ivyiyumviro bibi, canke acika ikiyingiyingi. Rimwe na rimwe abantu bijiriwe canke bihebuye baca banywa inzoga zikaze kugira ngo bibagire ingorane bafise canke bagabanye ububabare, ariko ntibabone ko ivyo bituma bihebura gusumba canke indwara yabo yongerekana. 




#Article 38: Intete nkomezamubiri (50 words)


Intete nkomezamubiri ni isoko rihambaye ry’inkomezamitsi. Inkomezamitsi ituma imfungurwa zoroherwa mu kuzunguruka mu mara, ikingira ingwara zimwe zimwe kandi irafasha kuguma ufise uburemere bugereranye. Uturorero mu mfungurwa z’intete nkomezamubiri ni umuceri usan’umugina, umukate w’ingano, n’izindi mfungurwa zikozwe mw’ifu y’ingano; nk’ubuyi canke umusururu. Ukwiye kurya imfungurwa z’intete nka kabiri ku munsi.




#Article 39: Virus (18 words)


 
Virus  : Agahimba ntagaburwa kerekana imero y’ikintu kakagira inkomezi zo guhindura canke gusubiriza agace karanga akamere nkomoko k’ikinyabuzima




#Article 40: Icongereza ka rurimi rwa kabiri (512 words)


Icongereza ka rurimi rwa kabiri (ESL English as a second language )

Abavyeyi/abafasha bazoronka ivyegeranyo bibiri ku mwaka birungitswe n’ishule umwana wabo yigako. Ivyo vyegeranya bizobafasha gutahura intambwe umwana yagize mu vyigwa, hamwe n’ingene ishure rimufata mu mugongo. Ico cegeranyo kizobereka intambwe umwana yagize mu vyigwa vyosi.

Nimba umwana wanyu akurikira porogaramu ya ESL, icegeranyo kizokwerekana intambwe umwana yagize mu kwiga Icongereza, gifatiye ku rugero rwa ESL (nka hano musi), canke gifatiye ku rugero rw’ibice bitanu, canke bifatiye kuri izo ngero zompi. Hari igihe kandi umwigisha wa ESL ashobora nawe kugira ico avuze muri ico cegeranyo.

Kuvyerekeye ibindi vyigwa navyo, icegeranyo kizokwerekana intambwe y’umwana muri cigwa kimwe kimwe, hakurikijwe ku rugero rw’ibice bitanu.

Mu gihe umwana wanyu yoba amaze ibice bine canke munsi akurikirana porogaramu ya ESL mw’ishure ryishinga inyigisho za Australiya, icegeranyo c’umwana kizokwerekana intambwe amaze kugira mu kwiga icongereza, bakoresheje urugero rwa ESL, n’insiguro y’umwigisha. Hazoba kandi n’insiguro umwigisha ashikiriza kuvyerekeye intambwe umwana yagize muri ivyo vyigwa umwana akurikira.

Mu gihe umwana wanyu yiyandikishije mu kigo cigisha Icongereza amasaha menshi canke ishule ryisumbuye ryigisha Icongereza amasaha menshi, umwana azoronka icegeranyo ku ntambwe bagize bakurikije urugero rwa ESL. Ico cegeranyo kizokwerekana kandi intambwe umwana yagize mu vyigwa vyose kugira yitegurire kuja mw’ishule ryisumbuye.

Gushikiriza ivyegeranyo ku rugero rwa ESL vyerekeye ibice bitari bike mu buryo bwo kuvuga Icongereza bwigishwa kw’ishule. Mu gihe bakoresheje urugero ESL 1, bivuga ko umwana wanyu ariho agitangura kwiga Icongereza. Hakoreshejewe ESL 6 naho bivuga ko umwana wanyu yateye intambwe ikomeye mu congereza, bihagije kugira akurikire ivyigwa vyinshi kw’ishure.

Ni ngombwa gutahura ko kugira abana bakomeze batera imbere mu myaka y’ishule, hakenewe kuba bafise intambwe yisununuye mu congereza. Abanyeshule bari mu myaka yambere y’amashule mato mato (Kindergaten –2ème année) ntibasabwa kuba bari hejuru ya ESL 3.

ESL 6 : Umunyeshure arashobora kuvugana n’abandi haba mu bo bamenyeranye canke batamenyeranye. Ivyo akabikora ata makosa kandi akoresheje amajambo atabayebaye. Mu gihe afise uwumufasha, uwo munyeshule ashobora kwiheza inzandiko zitoroshe, akaba kandi ashobora kungura ubuhinga bwo kwandika mu gukoresha neza umwanya no gusubiramwo.

ESL 5 : Umunyeshure ashobora gutanga ivyiyumviro kuvyerekeye ibintu bitari bike, birashobora guhinduka mu kuvuga atarinze kwiyumvira cane canke ngo avuge ata makosa. Mu gihe afise uwumufasha, uwo munyeshule ashobora kwihweza inzandiko atamenyereye, agashobora no kwandika no gukosora ibice bijanye.

ESL 4 : Umunyeshule ashobora kuvuga ivyo yiyumvira ku bintu amenyereye, akoresheje amajambo bijanye. Mu gihe afise uwumufasha, uwo munyeshule ashobora gutahura ivyiyumviro n’ingingo nyamukuru mu nzandiko, agashobora no gushira ku mupangu no kwandika ivyerekeye ibintu amenyereye.

ESL 3 : Umunyeshure ashobora kuganira n’abandi haba hanze hamwe n’abandi canke aho bigira. Mu gihe afise uwumufasha, uwo munyeshule ashobora gusoma no gutahura inzandiko agashobora no kwandika utuntu n’utundi canke ibintu bifise ishingiro.

ESL 2 : Umunyeshure ashobora kwisigura ibisanzwe mu bo basanganywe. Mu gihe afise uwumufasha, uwo munyeshure ashobora gusoma no kwandika ibisanzwe ku vyerekeye ivyamushikiye mu buzima bwiwe, ibiriko biraba canke akagira ico avuze ku nzandiko.

ESL 1 : Umunyeshure niho agitangura kwiga Icongereza. Abanyeshure bamwebamwe barashobora kwisigura akoreshe ijambo rimwe rimwe. Abandi banyeshure bashobora kwisigura bakoresheje amajambo n’amungane asanzwe, bagashobora no gusoma no kwandika amungane asanzwe.




#Article 41: Kigamba (10 words)


Kigamba ni imwe mu ma komine agize intara ya Cankuzo.




#Article 42: Amashule y'isumbuye (121 words)


I Burundi abana batangura amashule yisumbuye bafise imyaka cumi n'ibiri canke cumi n'itatu iyo batahitiye. Mu bisanzwe amashule y'isumbuye agizwe n'ibice bibiri. Mu gice cambere abana bamara imyaka ine kuntebe y'ishure. Ivyirwa bikuru bikuru bakurikira n'ibi:

Kugira babandanye igice c'akabiri, bategerezwa kumenya ikibazo co mu mwaka w'icumi.Abafise ubumenyi bujanye n'ibiharuro, barashobora guhitamwo kubandanya amashule y'isumbuye mu gisata c'ibiharuro n'ibindi vyirwa bijanye.

Abafise amanuta meza mu ndimi n'ibindi vyirwa bijanye nabo,bashobora ku bandanya amashule y'isumbuye mu gisata c'indimi.

Murico gihe, ivyirwa abana biga biba bishimikiye ku ndimi canke kubiharuro.

Bitayeko, abana barashobora  guhitamwo kwiga amashule y'imyuga.

Abana bahisemwo kunonosora ibiharuro canke indimi, bategerezwa gukora ikibazo co mu mwaka w'icumi na gatatu.Ni ikibazo ca leta gihambaye cane gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuza.




#Article 43: Akamangu H1N1 2009 (136 words)


 

Akamangu H1N1 2009 (izwi kandi ko ari “akamangu k’ingurube”) n’umugera mushasha ushobora kurwaza abantu. Umugera w’akamangu H1NI 2009 kandukira umuntu ku muntu nk’akamangu kaza rimwe mu mwaka. Kw’italiki ya 11 Ruheshi mu mwaka w’i 2009, Ishirahamwe Nkuz’Amakungu Ryo kw’Isi Yose Rijejwe Amagara y’Abantu (WHO) ryanditse ko hateye ikiza c’indwara y’akamangu H1N1 2009. Ivyo n’ukuvuga ko umugera w’akamangu H1N1 wariko urandukira umuntu ku muntu mu bihugu vyishi.

Hari imirwi myinshi y’imigera itera indwara y’akamangu. Imwe yose bayiha izina bakurikije ibihimba vyayo. Umugera wa H1N1 bawise ubwambere “akamangu k’ingurube” kubera ugizwe n’ibice bibiri vyayo biva ku migera itera ingurube zikarwara. Indwara y’akamangu H1N1 2009 s’ico kimwe kubera irafise ibice biva ku migera y’akamangu gatera inyoni zishobora gufata n’ibice vy’imigera y’akamangu gatera abantu bakarwara. Kubera ko H1N1 ifise ibice vy’imigera idatera indwara ingurube bayita H1N1 aho kuyita “akamangu k’ingurube.”




#Article 44: Agasumo ka Mwaro (43 words)


Intara ya Mwaro izwi cane cane kubera aho bita Agasumo falls ka Mwaro, ahantu  hari haragenewe ibanga ryo Kubandwa. Imbere y’uko Abapatiri baza mu Burundi, Abarundi bose bemera Imana (one God) hanyuma bagasenga Kiranga, ariwe yari icabona c’Imana. Kiranga bamusenga babicishije mu Kubandwa.




#Article 45: Bilariziyozi (110 words)


 

Indwara ya Bilariziyozi (Schistosomiasis) n’indwara iterwa n’akayoka gatoyi cane kaba mu mazi atemba. Umuntu yandura iyo utwo tuyoka dutoyi tukugiye k’umubiri wiwe. Inzoka zishobora kwinjira mu mubiri hanyuma zigashika mu mahaha no mu gitigu, ahozikurira hanyuma zigatangura guta amagi. Inzoka zishobora kuba mu mitsi, mu gitereko, canke mu mara imyaka myinshi cane. Iyo zitavuwe, izo nzoka n’amagi yazo zirashobora kwonona igitigu, amara, n’ igitereko. Nigake zitera ingorane zindi nk’ukuraba.

Nimba warabaye canke waragendeye intara habamwo inzoka zitera bilariziyozi ziba mu mazi (akarorero, mu bihugu bimwe vyo muri Afrika, mu gihugu bita’Caribbean’, ubumanuko bwo mu Bushinwa, Ubumanuko bushira ubuseruko bwo muri Aziya no mu ntara zishira ubuseruko), ushobora kuba waranduye kera.




#Article 46: Strongyloidiasis (55 words)


 

Indwara bita Strongyloidiasis n’indwara itegwa n’akayoka gatoyi cane kiburungushuye kitwa Strongyloides stercoralis, kaba mu bihugu vyinshi bishushe. Abantu bandura iyo utwo tuyoka twinjiye mu mubiri tugaca dushika mu mara.

Uwariwe wese akoze kw’ivu canke k’umwanda mukuru utwo tuyoka twagiyeko ashobora kwandura iyo ndwara. Abantu barenga imiliyoni 30 mu bihugu 70 bararwaye iyo ndwara yitwa ‘strongyloidiasis’.




#Article 47: Sickle-cell (95 words)


 

Indwara yitwa Sickle-cell 

Uturingoti tw’amaraso atukura nitwo dukwiza umwuka bita oxygen mu mubiri wose. Uturingoti tw’amarason atukura dusanzwe dufise ishusho ryiburungushuye kandi tukagira akabiri koroshe, bigatuma amaraso atemba neza mu mubiri.

Iyo mibiri ifise iforoma riteye nk’ukwezi irashobora gufatana hanyuma igaca izibira uturingoti duto twa maraso, iyo umuntu yanduye indwara, aca ya ma akanye cane canke akenye amazi mu mubiri. Iyo uturingoti tw’amaraso tuzivye, ntampwemu zikwiye zishikira ivyo bice vy’umubiri. Uturingoti tw’amaraso tuzivye turashobra gutuma umuntu aronka ububabare, akandura indwara canke bigatuma haba ibice vy’umubiri vyononekara. Ibi bishobora gutera ingorane zikomeye iyo amahaha n’ubwonko bishikiriwe.




#Article 48: Umwungu (10 words)


 

Umwungu (Cucurbita pepo, Cucurbita mixta, Cucurbita maxima, Cucurbita moschata) n’ikiribwa.




#Article 49: Montevideo (47 words)


Montevideo ni umurwa mukuru w'igihugu ca Uruguay (dusoma IRIGWE). Ninaco gisagara kinini kuruta ibindi gifise ni ikivuko gikuru cico gihugu. Mu 2004, icogisagara cari kibamwo abantu bangana 1325968 hama be n'inkengera z'umuji kikagira abakibamwo basaga 1 668 335, ni ukuvuga hafi ica kabiri c'abanyagihugu bose ba Uruguay.  




#Article 50: Abahutu (89 words)


Abahutu; ni ubwoko bw'abantu buboneka mu karere ka Afrika y'ibiyaga binini (mu Burundi, mu Rwanda, muri Repuburika iharanira demukarasi ya Kongo, muri Tanzaniya be n'agace ko mu Buganda).

Mu Burundi no mu Rwanda, abahutu ni bo bagize igice kinini c'abantu baba muri ivyo bihugu.

Mu binjana n'ibindi vyagiye birakuriran, biravugwa ko abahutu be abatutsi(ubundi bwoko buri muri ako karere) bagiye bararwana gushitsa hatanguye intwaro y'abami iyo ikaba yari ihurikiyemwo ubwo bwoko bwose.

Inkomoko be na kahise
Ingene baboneka kumubiri
Muri poritike be no mu bikorwa vya reta
Ayandi makuru




#Article 54: Ikigabane ca 1 (534 words)


 
Irema  1 Mu ntango Imana yaremye ijuru n'isi. 2 Nayo isi yari uruvangatirane ata kiriko, umwijima wari utwikiriye inyenga, umutima w'Imana na wo wărāra ku mazi. 3 Imana ivuga iti: «Umuco nubeho.» Umuco uca urabaho. 4 Imana ibona ko umuco ari mwiza, Imana itandukanya umuco n'umwijima. 5 Umuco, Imana iwita umutaga, umwijima na wo iwita ijoro. Haba umugoroba, haba igitondo, uba umusi wa mbere. 6 Imana ivuga iti: «Nihabe ikirere hagati y'amazi, gitandukanye amazi n'ayandi.» 7 Imana irema ikirere, itandukanya amazi ari munsi y'ikirere n'amazi ari hejuru y'ikirere. Biba uko. 8 Imana yita ikirere ijuru. Haba umugoroba, haba igitondo: uba umusi wa kabiri. 9 Imana ivuga iti: «Amazi yose ari munsi y'ijuru nakoranire ahantu hamwe, haheze haboneke ahumutse.» Biba uko. 10 Ahumutse Imana ihita isi, aho amazi akoraniye na ho ihita ikiyaga. Imana ibona ko ivyo ari vyiza. 11 Imana ivuga iti: «Isi nibeko ishamba, ivyatsi birondora imbuto zavyo, ibiti vy'ivyamwa vyama kw'isi bikurikije ubwoko bwavyo, n'ivyamwa vyifitiye imbuto zavyo.» Biba uko. 12 Isi iramera ishamba, ivyatsi birondora imbuto zavyo bikurikije ubwoko bwavyo, ibiti vyama ivyamwa vyifitiye imbuto zavyo bikurikije ubwoko bwavyo. Imana ibona ko ivyo ari vyiza. 13 Haba umugoroba, haba igitondo: uba umusi wa gatatu. 14 Imana ivuga iti: «Nihabe ibimuri mu kirere c'ijuru, bitandukanya umutaga n'ijoro, bibe ibimenyetso vy'imisi mikuru, vy'imibarwa n'ivyo imyaka. 15 Nibibe ibimuri mu kirere c'ijuru, biheze biboneshereze isi.» Biba uko. 16 Imana igira ibimuri bibiri binini; ikimuri kinini c'ukugaba umutaga na gitoyi c'ukugaba ijoro, be n'inyenyeri. 17 Imana ibishira mu kirere c'ijuru ngo bimurikire isi, 18 bitegeke umutaga n'ijoro, bitandukanye umuco n'umwijima. Imana ibona ko ivyo ari vyiza. 19 Haba umugoroba, haba igitondo: uba umusi wa kane. 20 Imana ivuga iti: «Amazi nanyagaremwo ibikoko bifise ubuzima, inyoni na zo ziguruke hejuru y'isi mu kirere c'ijuru.» 21 Imana irema ibiyoka bininibinini biba mu biyaga, ibinyabuzima vyose binyogomba kandi binyagara mu mazi, kimwekimwe ku bwoko bwaco, n'inyoni zose ziguruka imwimwe ku bwoko bwayo. Imana ibona ko ivyo ari vyiza. 22 Imana irabihezagira ivuga iti: «Nimurondoke kandi mugwirirane, mwuzure amazi y'ibiyaga; inyoni na zo zigwirirane kw'isi.» 23 Haba umugoroba, haba igitondo: uba umusi wa gatanu. 24 Imana ivuga iti: «Isi nivyare ibinyabuzima, kimwekimwe ku bwoko bwaco: ibitungwa, ibinyogomba, ibikoko vyo mw'ishamba, kimwekimwe ku bwoko bwaco.» Biba uko. 25 Imana igira ibikoko vyo mw'ishamba, kimwekimwe ku bwoko bwaco, ibitungwa kimwekimwe ku bwoko bwaco n'ibinyogomba mw'ivu kimwekimwe ku bwoko bwaco. Imana ibona ko ivyo ari vyiza. 26 Imana ivuga iti: «Tugire umuntu tumwishushanyeko, ase natwe, kandi agabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere, ibitungwa, ibikoko vyo mw'ishamba be n'ubwoko bwose bw'ibinyogomba hasi.» 27 Imana irema umuntu iramwishushanya, irema uwufise agashusho k'Imana, ibarema ari umugabo n'umugore. 28 Imana irabahezagira; Imana ibabwira iti: «Nimurondoke kandi mugwire, mwuzure isi muteko muyiganze. Nimugabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere n'ibikoko vyose binyagara kw'isi.» 29 Imana ivuga iti: «Ehe ndabahaye ibimera vyose vyifitiye imbuto zavyo biri kw'isi yose, be n'ibiti vyose bifise ivyamwa vyifitiye imbuto zavyo, bizobabera imfungurwa. 30 Ibikoko vyose vyo mw'ishamba, inyoni zose zo mu kirere, ibinyagara kw'isi vyose kandi biri n'ubuzima, ndabihaye ibimera vyose biri n'itoto ngo bibibere indya.» Biba uko. 31 Imana irihweza ivyo yari yagize vyose. Emwe! Vyari vyiza cane. Haba umugoroba, haba igitondo: uba umusi wa gatandatu.




#Article 55: Ikigabane ca 3 (462 words)


Abantu birukanwa mu murima w'i Hedeni 
1 Inzoka ni yo yari iciye akenge kurusha ibikoko vyose vyo mw'ishamba Umukama Imana yari yaremye. Iraheza ibwira umugore iti: «Vy'ukuri, Imana yavuze iti: Ntimuzorye ku biti vyose biri mu murima?» 2 Umugore yishura inzoka ati: «Turashobora kurya ivyamwa vy'ibiti biri mu murima, 3 ariko ivyamwa vy'igiti kiri hagati mu murima, Imana yavuze iti: Ntimuze mubirye, ntimuze mubikoreko, ahandiho muzopfa.» 4 Inzoka ibwira umugore iti: «Haba namba ntimuzopfa! 5 Ariko Imana irazi ko umusi muzobirya, amaso yanyu azoca akanura, hanyuma mumere nk'Imana izi iciza n'ikibi.» 6 Umugore abona ko nya giti kibereye kuribwa, kiryoheye ijisho kandi cofasha kugira ngo umuntu ace ubwenge. Yakira icamwa caco ararya. Hanyuma ahereza umugabo wiwe bari kumwe, na we arakirya. 7 Amaso yabo uko ari babiri arakanura, baca babona ko bari gusa. Baterateranya amababi y'igiti c'umutenahi barayambara. 8 Hanyuma bumva ishwashwa ry'Umukama Imana ariko aratembera mu murima asama akayaga ko ku muhingamo; umugabo n'umugore wiwe binyegeza Umukama Imana mu biti vyo mu murima. 9 Umukama Imana ahamagara Adamu amubwira ati: «Uri hehe?» 10 Yishura ati: «Nakwumvise ishwashwa mu murima, nca ngira ubwoba kuko ndi gusa, ni ko kwinyegeza.» 11 Umukama Imana asubizayo ati: «Ni nde yakubwiye ko uri gusa? Woba wariye ku giti nari nakubujije kurya?» 12 Adamu yishura ati: «Wa mugore wampa ngo abane nanje, ni we yampaye ivyamwa vya ca giti, nanje ndarya.» 13 Umukama Imana abwira umugore ati: «Ivyo wagize ni ibiki?» Umugore na we yishura ati: «Inzoka yampenze hanyuma ndarya.» 14 Umukama Imana abwira inzoka ati: «Ko warikoze, uragacibwa mu bitungwa vyose, no mu bikoko vyose vyo mw'ishamba. Uzogenda urakuba inda yawe hasi, kandi indya yawe ibe ivu, imisi yose y'ubuzima bwawe. 15 Nzoshira urwanko hagati yawe n'umugore, hagati y'uruvyaro rwawe n'uruvyaro rwiwe, ruzoguhonyora umutwe, nawe urukomore ku gitsintsiri.» 16 Abwira umugore ati: «Nzogutera ububabare bwinshi igihe wibungenze, kandi uzovyara abana ubanje kubabara. Uzokwama wipfuza umugabo wawe, na we azokuganza.» 17 Araheza abwira Adamu ati: «Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku giti nari nakwihanikirije kuryako, isi izovumwa kubera wewe. Uzokwama urya ivyayo ubanje kubabara na ntaryo. 18 Izokumerera amahwa n'amatovu, bitayeko uzorya ivyatsi vyo mw'ishamba. 19 Uzorya ivyokurya ubanje kubira akuya, gushika usubire mw'ivu, kuko n'ubundi ari ryo wavuyemwo. Kuko uri ivu kandi uzosubira mw'ivu.» 20 Adamu yita umugore wiwe Heva, kuko yabaye nyina w'abazima bose. 21 Umukama Imana agirira Adamu n'umugore wiwe impuzu z'insato, arazibambika. 22 Umukama Imana avuga ati: «Ehe umuntu yabaye nk'umwe muri twebwe kuko na we yamenye iciza n'ikibi. Ubu rero reka ntahave atuma ukuboko ngo yahe no ku giti c'ubuzima, akirye, abeho imyaka yose.» 23 Hanyuma Umukama Imana aramwirukana, amukura mu murima w'i Hedeni, ngo arime agataka yari yarabumbwemwo. 24 Amaze kwirukana umuntu, ashira abakerubi mu buseruko bw'umurima w'i Hedeni, bafise inkota itigita irurumba urubeya, ngo barinde inzira irora ku giti c'ubuzima.




#Article 56: Ikigabane ca 5 (420 words)


Kuva kuri Adamu gushika kuri Nowa  1 Ng'uru rutonde rw'uruvyaro rwa Adamu: umusi Imana irema Adamu, yamuremanye agashusho k'Imana. 2 Yabaremye ari umugabo n'umugore, irabahezagira, ibaha izina Umuntu umusi ibarema. 3 Adamu amaze imyaka ijana na mirongo itatu, avyara umuhungu asa na we afise agashusho kiwe, amwita Seti. 4 Adamu amaze kuvyara Seti, amara imyaka amajana umunani, avyara abahungu n'abakobwa. 5 Imyaka Adamu yamaze yose hamwe ni amajana icenda na mirongo itatu, hanyuma arapfa. 6 Seti amaze imyaka ijana n'itanu, avyara Enoshi. 7 Amaze kuvyara Enoshi, Seti amara imyaka amajana umunani n'indwi, avyara abahungu n'abakobwa. 8 Imyaka Seti yamaze yose hamwe ni amajana icenda na cumi n'ibiri, hanyuma arapfa. 9 Enoshi amaze imyaka mirongo icenda, avyara Kenani. 10 Amaze kuvyara Kenani, Enoshi amara imyaka amajana umunani na cumi n'itanu, avyara abahungu n'abakobwa. 11 Imyaka Enoshi yamaze yose hamwe ni amajana icenda n'itanu, hanyuma arapfa. 12 Kenani amaze imyaka mirongo indwi, avyara Maharareri. 13 Amaze kuvyara Maharareri, Kenani amara imyaka amajana umunani na mirongo ine, avyara abahungu n'abakobwa. 14 Imyaka Kenani yamaze yose hamwe ni amajana icenda na cumi, hanyuma arapfa. 15 Maharareri amaze imyaka mirongo itandatu n'itanu, avyara Yeredi. 16 Amaze kuvyara Yeredi, Maharareri amara imyaka amajana umunani na mirongo itatu, avyara abahungu n'abakobwa. 17 Imyaka Maharareri yamaze yose hamwe ni amajana umunani na mirongo icenda n'itanu, hanyuma arapfa. 18 Yeredi amaze imyaka ijana na mirongo itandatu n'ibiri, avyara Hanoki. 19 Amaze kuvyara Hanoki, Yeredi amara imyaka amajana umunani, avyara abahungu n'abakobwa. 20 Imyaka Yeredi yamaze yose hamwe ni amajana icenda na mirongo itandatu n'ibiri, hanyuma arapfa. 21 Hanoki amaze imyaka mirongo itandatu n'itanu, avyara Metusherahi. 22 Amaze kuvyara Metusherahi, Hanoki amara imyaka amajana atatu ayobokera Imana; avyara abahungu n'abakobwa. 23 Imyaka Hanoki yamaze yose hamwe ni amajana atatu na mirongo itandatu n'itanu. 24 Hanoki arayoboka Imana, aca arazimangana kuko Imana yari yamujanye. 25 Metusherahi amaze imyaka ijana na mirongo umunani n'indwi, avyara Rameki. 26 Amaze kuvyara Rameki, Metusherahi amara imyaka amajana indwi na mirongo umunani n'ibiri, avyara abahungu n'abakobwa. 27 Imyaka Metusherahi yamaze yose hamwe ni amajana icenda na mirongo itandatu n'icenda, hanyuma arapfa.
28 Rameki amaze imyaka ijana na mirongo umunani n'ibiri, avyara umuhungu. 29 Amwita izina Nowa, yibwira ati: «Uwo azoturwanako mu magorwa n'imiruho amaboko yacu aterwa n'iyi si yavumwe n'Umukama.» 30 Mu nyuma z'aho avyariye Nowa, Rameki amara imyaka amajana atanu na mirongo icenda n'itanu, avyara abahungu n'abakobwa. 31 Imyaka Rameki yamaze yose hamwe ni amajana indwi na mirongo indwi n'indwi, hanyuma arapfa. 32 Nowa amara imyaka amajana atanu, hanyuma Nowa avyara Semu, Hamu na Yafeti.




#Article 57: Ikigabane ca 6 (385 words)


Inyanduruko y'isegenya  1 Abantu bari batanguye kugwira kw'isi, bavyaye n'abakobwa. 2 Abahungu b'Imana babona ko abakobwa b'abantu ari beza, barongora abo bicaguriye muri bo. 3 Umukama avuga ati: «Umutima wanje ntuzoguma mu muntu imyaka yose. Azoteba asigare ari ikibiribiri gusa n'imyaka yiwe ntizorenga ijana na mirongo ibiri.» 4 Muri iyo misi, hariho abantu b'ibihangange kw'isi. Kandi ni ho vyari bikiri, igihe abahungu b'Imana baza kugendera abakobwa b'abantu bakabavyarako abana. Ni bo ntwari zo hambere aho, abo bantu rurangiranwa. 5 Umukama abona ko ububisha bw'umuntu buguma bwongerekana kw'isi, umusi wose umuntu awumara umutima wiwe wiyumvira kugira inabi gusa. 6 Umukama rero arigaya ko yaremye umuntu kw'isi, biramubabaza mu mutima wiwe. 7 Umukama avuga ati: «Ngiye kuzimanganya kw'isi umuntu naremye, kuva ku muntu gushika ku bikoko, ibinyogomba n'inyoni zo mu kirere, kuko nigaye ico nabiremeye.» 8 Ariko Nowa we Umukama amuraba ryiza. 9 Ng'uru uruvyaro rwa Nowa: Nowa yari umuntu w'intungane, ntiyagira amahinyu mu bo barukanye ico gihe. Yamye ayoboka Imana. 10 Nowa avyara abahungu batatu: Semu, Hamu na Yafeti. 11 Isi yari yahumanye imbere y'Imana, isigaye yuzuye ububisha. 12 Imana iritegereza isi ibona yahumanye, kuko abantu bose bari basibanganije imigenzo yabo kw'isi. Imyiteguro ya Nowa 13 Imana ibwira Nowa iti: «Uko ndabibona, umuhero w'igifise umubiri cose urashitse! Nkako isi yuzuye ububisha kubera abantu, mbere nza kubatikiza hamwe n'iyo si. 14 Weho niwibazire ubwato mu biti vy'uburembo. Nya bwato uzobucamwo ivyumba, ubuhomeshe ifumba imbere n'inyuma. 15 Ng'uku ukuntu uzobugira: mu burebure buzogira intambwe i amajana atatu, mu bwaguke mirongo itanu, mu buhagurutsi na ho mirongo itatu. 16 Ubwo bwato uzobuha igisenge gikirurutse. Uzogifatira ku ntambwe imwe amaja hejuru, ni ho uzobusakarira; umuryango w'ubwato uzowushira ku ruhande, uzobuha igice j co munsi, ica kabiri n'ica gatatu. 17 Nanje ngiye kurekurira isegenya kw'isi itikize ikiremwa cose gifise ubuzima munsi y'ijuru, ikiri kw'isi cose kizopfa. 18 Nzokwunga isezerano ryanje hamwe na we; uzokwinjira mu bwato, wewe, n'abahungu bawe, n'umugore wawe, n'abakazana bawe. 19 Mu bifise ubuzima vyose, mu bifise umubiri vyose, uzokwinjiza mu bwato bibiribibiri, ikimasa n'isumba, kugira ngo na vyo ubirokore kumwe na we. 20 Mu bwoko bw'ibiguruka, mu bwoko bw'ibikoko, mu bwoko bwose bw'ibinyogomba hasi, bibiribibiri mu bwoko bwose bizokwinjira iwawe kugira ngo bibeho. 21 Nawe, akira ku biribwa vyose, uvyiziganirize; ni vyo bizoba imfungurwa ya mwe na vyo.» 22 Nowa arabigira. Nk'uko Imana yabimutegetse, ni ko yabigize.




#Article 58: Ikigabane ca 7 (389 words)


Nowa yinjira mu bwato  1 Umukama abwira Nowa ati: «Niwinjire mu bwato, wewe n'abo mu nzu yawe bose, kuko mu bo mwarukanye ari wewe musa uri intungane mu maso yanje. 2 Mu bikoko vyose bitazira, tora indwindwi, ikimasa n'isumba yayo; mu bikoko bizira na vyo, utore bibiri; ikimasa n'isumba yayo. 3 Mu biguruka mu kirere na vyo, utore indwindwi, ikimasa n'isumba, kugira ngo bize birondore ubwoko bwavyo kw'isi yose. 4 Nkako, mu misi indwi, ngiye kurekurira imvura kw'isi, imare imisi mirongo ine n'amajoro mirongo ine, ivyo nagize kw'isi vyose ndabitikize.» 5 Nowa agira vyose nk'uko Umukama yari yabimutegetse. 6 Nowa yari afise imyaka amajana atandatu aho isegenya y'amazi yuzura kw'isi. 

7 Kubera amazi y'isegenya, Nowa yinjira mu bwato, n'abahungu biwe, n'umugore wiwe, n'abakazana biwe. 8 Ibikoko bitazira n'ibikoko bizira, ibiguruka n'ivyo vyose binyogomba hasi, 9 bibiribibiri, ikimasa n'isumba, vyinjira mu bwato kwa Nowa nk'uko Imana yari yabimutegetse. 10 Imisi indwi iheze, amazi y'isegenya aradengera kw'isi. 11 Mu mwaka ugira amajana atandatu y'ubuzima bwa Nowa, mu kwezi kwa kabiri, kw'igenekerezo ry'icumi n'indwi ry'ukwo kwezi, kuri uyo musi nyene, amariba yose y'amazi i bwina kure arisuka, igisenge c'ijuru kiruguruka. 12 Hanyuma imvura yisuka kw'isi mu misi mirongo ine n'amajoro mirongo ine. 13 Kuri uyo musi nyene, Nowa n'abahungu biwe Semu, Hamu na Yafeti, umugore wa Nowa n'abakazana biwe batatu, binjira mu bwato, 14 bo n'ibikoko vyose hakurikijwe ubwoko bwavyo, ibitungwa vyose hakurikijwe ubwoko bwavyo, ibinyogomba vyikwega hasi vyose hakurikijwe ubwoko bwavyo, inyoni zitunzwe hakurikijwe ubwoko bwazo, ibiguruka vyose n'igifise amababa cose. 15 Mu bwato kwa Nowa hinjira bibiribibiri muri ivyo vyose bifise umubiri urimwo impemu z'ubuzima. 16 Mu bifise umubiri vyose, hinjira ikimasa n'isumba, nk'uko Imana yari yabimutegetse. Umukama aca aramwugarira urugi. 17 Isegenya imara imisi mirongo ine kw'isi. Amazi araduga, aterura ubwato, bureremba hejuru y'isi. 18 Amazi aragwirirana, aruzura isi, ubwato buguma bureremba hejuru ku mazi. 19 Amazi aguma agwirirana cane kw'isi, n'imisozi miremire yo munsi y'ijuru iramirwa, 20 amazi arengera imisozi gushika ku ntambwe icumi na zitanu. 21 Ibifise umubiri vyose binyagara kw'isi, ibiguruka, ibitungwa, ibikoko vyo mw'ishamba, ibinyogomba hasi vyose n'abantu bose biratikira. 22 Ivyahemera mu mazuru vyose, ivyaba kw'isi yumutse birapfa. 23 Ivyari kw'isi vyose biratikira, kuva ku bantu gushika ku bitungwa, ibinyogomba n'inyoni zo mu kirere. Birazimangana kw'isi, harokoka gusa Nowa n'ivyari kumwe na we mu bwato. 24 Amazi yiganza kw'isi imisi ijana na mirongo itanu.




#Article 59: Ikigabane ca 9 (474 words)


Imana ihezagira Nowa  1 Imana irahezagira Nowa n'abahungu biwe, ibabwira iti: «Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi. 2 Ibikoko vyose vyo kw'isi, ibiguruka vyose vyo mu kirere, ibinyagara hasi vyose n'ifi zose zo mu kiyaga, bizogira ubwoba bibatinye. Ndabishize mu minwe yanyu. 3 Ibinyogomba vyose bifise ubuzima, bizobabera ivyokurya; ndabibahaye vyose nk'uko nabahaye ibimera bitotahaye. 4 Ariko ntimuzorya inyama ikirimwo ubuzima ari bwo maraso l . 5 Ariko kandi, amaraso yanyu ari yo buzima bwanyu, nzoyishuza. Nzoyishuza igikoko cose, nzoyishuza umuntu wese, umwe wese nzomwishuza ubuzima bwa mwenewabo. 6 Uwusesa amaraso y'umuntu, amaraso yiwe azoseswa n'umuntu, kuko umuntu yagizwe mu gashusho k'Imana. 7 Nayo mwebwe, nimurondoke, mugwire, mukwire isi, mwuzure kuri yo.» 8 Imana ibwira Nowa n'abahungu biwe iti: 9 «Nanje rero, ndunze isezerano ryanje hamwe na mwebwe, hamwe n'uruvyaro rwanyu mu nyuma zanyu, 10 hamwe n'ibifise ubuzima muri kumwe: inyoni, ibitungwa, ibikoko vyose vyo kw'isi muri kumwe, ico cose casohotse kiva mu bwato, ibikoko vyose vyo kw'isi. 11 Nzokwunga isezerano ryanje hamwe namwe kandi sinzosubira gutikiza n'amazi y'isegenya igifise umubiri na kimwe, nta segenya izosubira kubaho ngo itikize isi.» 12 Imana ivuga iti: «Ng'iki ikimenyetso c'isezerano nshize hagati yanje namwe, hagati y'igifise ubuzima cose muri kumwe, uko imvyaro zizokurikirana na ntaryo. 13 Nshize umuheto m wanje mu gicu ngo ube ikimenyetso c'isezerano riri hagati yanje n'isi. 14 Ninakoraniriza ibicu hejuru y'isi, uwo muheto ugaseruka muri vyo, 15 nzokwibuka isezerano ryanje nshize hagati yanje namwe, hagati y'igifise ubuzima cose n'igifise umubiri cose; kandi amazi ntazokwongera kuba isegenya itikiza igifise umubiri cose. 16 Uwo muheto uzoba uri mu gicu, nzowuraba mpeze nibuke isezerano ry'intahava, hagati y'Imana n'igifise ubuzima cose, ico cose gifise umubiri kiri kw'isi.» 17 Imana ibwira Nowa iti: «Ico ni ikimenyetso c'isezerano nunze hagati yanje n'igifise umubiri cose kiri kw'isi.»  KUVA KURI NOWA GUSHIKA KURI ABURAHAMU 
Semu, Hamu na Yafeti  18 Semu, Hamu na Yafeti ni bo bahungu ba Nowa basohotse bava mu bwato; uwo Hamu ni we se wa Kanahani. 19 Abo ni bo bahungu batatu ba Nowa; ni bo babaye inkomoko y'abantu bakwiye isi yose. 20 Nowa, umurimyi, aba ari we wa mbere atera umuzabibu, 21 hanyuma anywa umuvinyu araborerwa, yiyambura impuzu ari mw'ihema ryiwe. 22 Hamu, se wa Kanahani, abona se wiwe Nowa ari gusa, abibwira benewabo babiri bari hanze. 23 Semu na Yafeti bafata igikwemu, bagitwara ku bitugu vyabo bompi uko ari babiri bagendesha umugongo, bapfuka se wabo baraba inyuma, ntibabona ubwambure bwa se. 24 Nowa yikanguye, umuvinyu umaze kumuvako, amenya ivyo umuhungu wiwe mutoyi n yamugiriye, 25 avuga ati: «Kanahani arakavumwa, arakaba umuja w'abaja ba benewabo.» 26 Aca avuga ati: «Nihahezagirwe Umukama Imana ya Semu, Kanahani na we abe umuja wiwe. 27 Imana irakagabira Yafeti, agerere mu mahema ya Semu, Kanahani na we abe umuja wiwe.» 28 Nowa amara imyaka amajana atatu na mirongo itanu, hanyuma y'isegenya. 29 Imyaka Nowa yamaze yose ni amajana icenda na mirongo itanu, hanyuma arapfa.




#Article 60: Wickiana (171 words)


Wickiana ni icegeranyo c’amasanamu ya Johann Jacob Wick (1522-1588), yashizwe hamwe mu bitabu 24 hagati y’umwaka wa 1560 n’umwaka wa 1587. N’isooko rikomeye c’igihe igiporoti catangura mugihugu c’ubuswise.

Wick yabaye i Zurich mugihe hatwarwa na Heinrich Bullinger, umusubirizi wa Huldrych Zwingli. Yakurikiye ivyigwa bijanye n’inyigisho z’imana i Tubingen kandi yari umwigisha w’ijambo ry’Imana kwishengero Predigkirche i Zurich. Munyuma zaho yari icegera c’umwungere wa Grossmünster.

Amaze gusezera iy’isi mu mwaka wa 1588, ivyandiko vya  Wick vyegeranijwe muri mu bice 24 baciye bashira muri Stiftsbibliothek ya Graossmünster. Mu mwaka wa 1836, ivyo vyandiko vyimukanywe muri Bibliothèque y’igisagara ca Zurich. Hari n’ibindi vyegeranyo bishika kuri 52 biri muzindi ndimi atari Ikidagi. Vyinshi muri vyo bikomoka  mu bisagara vya Augsburg, Nürnberg na Strassburg.

Ari mu masanamu canke muvyandiko, ivyo vyegeranyo bitwereka ivyaduka vyo muri ico gihe –ibigendajuru, nyamugigima, gutwagwa n’amazi- , abavukana ubumuga, n’ibindi vyinshi bijanye na kahise.

Ivyo vyegeranyo ni 439, murivyo hari 429 ari original na 10 vyongerjweko munyuma. Mu mwaka wa 1925, batandukanije ivyandiko n’amasanamu. Vyose bikaba bishinguwe muri  Zentralbibliothek yi Zürich




#Article 61: Uburusiya (12 words)


Uburusiya canke Irepuburika ya Uburusiya (ikirusiya: Россия) ni igihugu muri Uburaya n’Aziya.




#Article 62: South Tucson (12 words)


South Tucson ni igisagara mu Arizona mu Leta z’Unze Ubumwe za Amerika.




#Article 63: Bujumbura (106 words)


Bujumbura ni umurwa mukuru w' Uburundi mu vyerekeye Ubutunzi

Bujumbura n'umurwa mukuru w'uburundi muvyerekeye Ubutunzi inyuma yaho Gitega ibaye umurwa mukuru wa politike.Nico gisagara cambere kinini mu Burundi kigatera caguka.Muri 2008 cari gifise uburinganire bungana n'ibirometero kwadrato 87 Ubu naho kikaba kigeze ju birometero kwadrato 127.Ico gisagara cahora gifise Ama komine 13 Ubu naho kikaba gifise Ama komine 3 inyuma y'ingaburo nshasha y'ico gisagara.Ayo makomine atatu akaba ari Muha,Mukaza na Ntahangwa.Komine Ntahangwa ikaba iherereye mu buraruko bw'ico gisagara ikagarukira ku ruzi Ntahangwa,komine Mukaza nayo ikaba iherereye hagati, ikaba iri hagati y'uruzi Ntahangwa na Muha.Komine Muha Iherereye Mu bumanuko bw'ico gisagara igahera ku ruzi Muha itera imanuka.




#Article 64: Cibitoke (83 words)


Cibitoke ni intara imwe muri cumi n'umunani zigize igihugu c'Uburundi. Iyo ntara ikaba iherereye mu burengero bushira uburaruko bw'ico gihugu. Ni intara uravye ahantu iherereye ihagaze neza kuko ihana urubibe n'ibihugu vy'Urwanda hamwe na Repubulika Iharanranira Demokarasi ya Kongo(RDC). Ni intara izwi cane kubera yimbukamwo ibitoke kandi hakaba havayo n'inzoga bita urwarwa ihingurwa mu bitoke benshi bakunze gutazira izina ry'imwe mu ma Komine agize iyo ntara bita Rugombo.

Hagati mu gihugu, intara ya Cibitoke ihana urubibe n'intara ya Kayanza hamwe n'intara ya Bubanza.




#Article 65: Chicago (11 words)


Chicago ni igisagara mu Illinois mu Leta z’Unze Ubumwe za Amerika.




#Article 66: Karuzi (10 words)


Karusi ni intara iri mu buseruko bwo hagati(Centre-Est) bw'igihugu c'Uburundi.




#Article 67: Tanganyika (21 words)


Ikiyaga Tanganyika canke Tanganika ni kimwe mu biyaga bigari vyo muri Bufirika. Ni ica kabiri muri Bufirika m'ubwuzure inyuma y'ikiyaga Victoria.




#Article 68: Rurubu (10 words)


Rurubu (canke Ruvubu, Ruvuvu) ni uruzi mu Uburundi na Tanzaniya.




#Article 69: Ronald Reagan (14 words)


Ronald Wilson Reagan (1911-2004), 40. umukuru w'igihugu ca Leta z’Unze Ubumwe za Amerika (1981-1989).




#Article 70: Ingwara iterwa n’umugera wa Ebola (390 words)


Ingwara iterwa n'umugera wa Ebola (EVD) canke Ingwara y'ukuvira imbere no gushuha ya Ebola (EHF) ni ingwara y'abantu iterwa n' Umugera wa Ebola. Ibimenyetso bitangura inyuma y'indwi zibiri canke zitatu umuntu afashwe n'uwo mugera, bigafatira k' ubushuhe, kubabara mu muhogo, kubabara mu mitsi, hamwe no kumeneka umutwe. Ahanini iseseme, kuyorwa, no  gucibwamwo nivyo bikurikira, bifatanije no gucika intege vy' igitigu hamwe n' amafyigo. Kuri urwo rugero, abantu bamwe baca batangura kugira ingorane yo kuvirirana amaraso.

Uyo mugera ushobora kwandurwa bitewe n'amaraso canke amazi yo ku mubiri y'igikoko kirwaye (cane cane inkende canke uduhunagarema). Kwandura biciye mu kirere ntibiratangazwa neza mu nyandiko. Ubuhungarema bavuga ko bushobora gutwara no gukwiragiza uyo mugera ariko bwo ntibwandure. Igihe umuntu afashwe, ingwara irashobora guca ikwiragira mu bandi bantu. Abagabo bakiriho barashobora gukwiragiza iyo ngwara biciye mu ntanga mu gihe cababa amezi abiri. Mukuyisuzuma, ahanini izindi ngwara bisangiye ibimenyetso nka malaria, korera hamwe n'izindi ziterwa n'imigera zirangwa no kuva amaraso no gushuha babanza kuzikuramwo. Mu kwemeza inyishu, ibipimo vy'amaraso birasubirwamwo gusuzumwa ku vyerekeye utugera tw' abasoda b'umubiri, utugera twa RNA, canke uwo mugera ubwawo.

Kuyirwanya harimwo kuyibuza gukwiragira iva mu nkende zanduye canke ingurube ija mu bantu. Ivyo bishobora gukorwa mu gusuzuma ivyo bokoko hama bikicwa maze bigatabwa neza ku buryo butegekanywa, mu gihe iyo ngwara imaze kugaragara. Guteka inyama neza no kwikingira mu gihe uriko urakorakora inyama birashobora gufasha, co kimwe no kwambara ibikingira umubiri no gukaraba mu minwe igihe uri hafi y'uwurwaye iyo ngwara. Ivyakoze mu gupima canke ivyambarwa vy'abantu barwaye iyo ngwara bitegerezwa gufatwa mu buryo bwo kugaba cane.

Nta muti uraboneka w'iyo ngwara; mu kugira inguvu zo gufasha abantu bamaze kugrwara iyo ngwara harimwo kubaha amazi y'ubuzima (amazi arimwo agasukari n'akunyu) canke serumu. Iyo ngwara iri hejuru ku vyerekeye urugero rwo kwica: kenshi ishobora kwica hagati y'ibice 50% na 90% vy'abafashwe. EVD yatanyuye kumenyekana muri Sudani no muri Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo. Iyo ngwara ahanini ikunda kwaduka nk'ikiza mu burere bwegereye tropike bwa Africa yo munsi ya Sahara. Kuva mu 1976 (Igihe iyo ngwara yamenyekana) gushika mu 2013, abantu bari munsi y' 1,000 ku mwaka nibo bamaze gufatwa. Ikiza gikomeye gushika ubu ni Ikiza ca Ebola co mu 2014 muri Afrika y'Uburengerazuba, kimaze gufata Guinee, Sierra Leone, Liberiya nkeka no muri Nigeriya. Gushika muri Myandagaro abarwayi bashika nibo bamaze kumenyekana. Inguvu ziriko ziragirwa kugira haboneke urucanco; ariko, nta na rumwe ruraboneka.




#Article 71: Ville de Saint-Marin (11 words)


Ville de Saint-Marin (Igisagara ca Saint-Marin) ni umurwa mukuru wa Saint-Marin.




#Article 72: Pierre Buyoya (227 words)


Pierre Buyoya (* 24.11.1949, Rutovu, Rwanda-Urundi), umukuru w'igihugu ca Uburundi (1987—1993 na 1996—2003). Muri Nzeri 1987, Buyoya yayoboye ihirikwa ry’ubutegetsi kuri Repubulika ya kabiri y’Uburundi, iyobowe na Jean-Baptiste Bagaza, maze yishyiraho nka perezida wa mbere wa Repubulika ya gatatu. Atangaza ko ubwisanzure gahunda na yasezeranye Ubutegetsi byari guteza umubano hagati Abahutu na abatutsi moko, ariko iyobowe a ahanini Abatutsi junta. Ibintu byateje imyigaragambyo y'Abahutu muri Kanama 1988 ihitana abantu bagera ku 20.000.

Nyuma y'imvururu n'ubwicanyi, Buyoya yashyizeho komisiyo ishinzwe uburyo bwo gukemura ibibazo by'ihohoterwa. Iyi komisiyo yashyizeho itegeko nshinga rishya Buyoya yemeje mu 1992 . Inyandiko-nshinga yateganyaga itegeko nshinga rya guverinoma hamwe na perezida n’inteko ishinga amategeko idafite amoko. Amatora ya mbere ya demokarasi yabaye muri Kamena 1993 kandi yatsinzwe na Hutu Melchior Ndadaye washyizeho guverinoma ishyize mu gaciro hagati y'Abahutu n'Abatutsi. Icyakora, ingabo zishe Ndadaye maze u Burundi bishyirwa mu ntambara y'abenegihugu. Abantu bagera ku 150.000 bahasize ubuzima naho abantu 700.000 bahunga igihugu. Kugerageza guhagarika amakimbirane mu mahoro, ahoSylvestre Ntibantunganyageragejemuri guverinoma ihuriweho, byatsinzwe.

Mu 25 Nyakanga ya 1996 Buyoya asubira imbaraga mu guhirika undi, deposing Ntibantunganya. Intambara y'abenegihugu yaje kuba nkeya ariko ikomeza. Umuryango mpuzamahanga wafatiye ibihano by’ubukungu kubera ihirikwa ry’ubutegetsi bwa Buyoya, ariko Buyoya yashyizeho guverinoma hamwe na Visi Perezida w’Abahutu, Domitien Ndayizeye , wafashaga gukemura amakimbirane. Nyuma y’amasezerano, Buyoya yatanze ubutegetsi mu 2003 , Visi Perezida Ndayizeye amusimbuza kuba Perezida ku ya 30 Mata.




#Article 73: Jean-Baptiste Bagaza (11 words)


Jean-Baptiste Bagaza (* 29.09.1946, Urundi bw’epfo), umukuru w'igihugu ca Uburundi (1976—1987).




#Article 74: Michel Micombero (16 words)


Michel Micombero (* 26.08.1940, Rutovu, Uburundi — † 16.07.1983, Mogadiscio, Somariya), umukuru w'igihugu ca Uburundi (1966—1976).




#Article 75: Melchior Ndadaye (43 words)


 
Melchior Ndadaye (* 28.03.1953, Marama, Uburundi — † 21.10.1993, Bujumbura, Uburundi), umukuru w'igihugu ca Uburundi (1993), ihirikwa ry’amaraso ryakorewe Ndadaye ryateje ubwiyongere bw’ihohoterwa rya politiki hagati y’amoko yombi, ritangira intambara y’abenegihugu yo mu Burundi, izakomeza kugeza mu 2005 hamwe n’amatora ya Pierre Nkurunziza.




#Article 76: Domitien Ndayizeye (11 words)


Domitien Ndayizeye (* 2.05.1953, Murango, Uburundi), umukuru w'igihugu ca Uburundi (2003—2005).




#Article 77: Pierre Nkurunziza (289 words)


Pierre Nkurunziza (* 18.12.1963, Bujumbura, Uburundi - † 08.06.2020, Karuzi, Uburundi), inkozi y'ikibi yafashe ubutegetsi bw'abanyagihugu ku nguvu muri 2015; aho yicishije abantu barenga igihumbi mu gihugu Uburundi (2005—2020).

Nkurunziza yavutse 1963 mu murwa mukuru w'u Burundi, Bujumbura . Yize amashuri abanza mu ntara ya Ngozi n’ayisumbuye muri Kitenga mbere yuko arangiza kaminuza ya Burundi mu 1990 afite impamyabumenyi mu burezi na siporo. Se, Eustache Ngabisha, yatorewe kuba inteko ishinga amategeko mu 1965 nyuma aza kuba guverineri w'intara ebyiri mbere yo kwicwa mu 1972 mu gihe cy'ihohoterwa rishingiye ku moko ryahitanye abandi bantu 100.000 mu Burundi. Nkurunziza yari umwarimu wungirije muri kaminuza ya Burundi. , igihe intambara y'abenegihugu yatangiraga mu Burundi, nyuma y'iyicwa rya perezida wa mbere w'Abahutu, Melchior Ndadaye , mu 1993 .

Yinjiye muri CNDD-FDD mu 1995 ari umusirikare, nyuma yuko ingabo zateye ikigo cya kaminuza, mu 2004 yagiranye ikiganiro na IRIN aho yibuka ibyabaye icyo gihe:

Nyuma yakurikiranye iterambere muri CNDD-FDD kugeza ageze ku mwanya w’umunyamabanga mukuru mu 1998 . Mu 2001, yatorewe kuba umuyobozi.

Byongeye kandi, mu 2003 , yagizwe Minisitiri w’ubutegetsi bwiza muri manda yinzibacyuho ya Domitien Ndayizeye .

Nyuma intsinzi y'amatora ya CNDD-FDD mu Burundi amatora mu Kamena ya 2005 , Nkurunziza yagizwe umukandida Perezida. Yatorewe kuba perezida udatowe n'Inteko ishinga amategeko y'Uburundi (akora nk'ishuri rikuru ry'amatora) ku ya 19 Kanama 2005 , atangira uyu mwanya ku ya 26 Kanama .

Yiyise umukristo wavutse ubwa kabiri, Pierre Nkurunziza yashakanye mu 1994 akaba se w'abahungu babiri. Afite abavandimwe 6, babiri muri bo bishwe mu ntambara yo mu 1993 abandi batatu bishwe ari abasirikare ba CNDD-FDD. Gusa umwe muri barumuna 7 yari umugore, kandi aracyariho. Nk’umwirondoro ukabije w’ibibazo by’imibereho, Nkurunziza yiratiye kurwanya abaryamana bahuje ibitsina mu gihugu cye ndetse akaba yaranamenyekanye kubera ishyirahamwe Gatolika ry’Ubutaliyani. 




#Article 78: Cyprien Ntaryamira (16 words)


Cyprien Ntaryamira (* 6.03.1955, Mubimbi, Uburundi — † 6.04.1994, Kigali, Urwanda), umukuru w'igihugu ca Uburundi (1994).




#Article 79: Sylvestre Ntibantunganya (11 words)


Sylvestre Ntibantunganya (* 8.05.1956, Gishubi, Uburundi), umukuru w'igihugu ca Uburundi (1994—1996).




#Article 80: Abakuru w'igihugu ca Uburundi (13 words)


Abakuru w'igihugu ca Uburundi:

 
Muragahezagirwa n'Imana . izintwaro zose sinarinzi ko zagenzr uku!!




#Article 81: St. Clair Shores (13 words)


St. Clair Shores ni igisagara mu Michigan mu Leta z’Unze Ubumwe za Amerika.




#Article 82: Roseville, Michigan (11 words)


Roseville ni igisagara mu Michigan mu Leta z’Unze Ubumwe za Amerika.




#Article 83: Las Vegas (12 words)


Las Vegas ni igisagara mu Nevada mu Leta z’Unze Ubumwe za Amerika.




#Article 84: Carson City, Nevada (12 words)


Carson City ni igisagara mu Nevada mu Leta z’Unze Ubumwe za Amerika.




#Article 85: Los Angeles (12 words)


Los Angeles ni igisagara mu California mu Leta z’Unze Ubumwe za Amerika.




#Article 86: Aéroport international de Bujumbura (17 words)


Aéroport international de Bujumbura (icongereza: Bujumbura International Airport) ni ikibuga c'indege mu igisagara ca Bujumbura mu Uburundi.

 




#Article 87: Aéroport de Kirundo (13 words)


Aéroport de Kirundo (icongereza: Kirundo Airport) ni ikibuga c'indege mu Kirundo mu Uburundi.




#Article 88: Muhunguzi (10 words)


Muhunguzi ni uruzi hafi ya igisagara ca Bujumbura mu Uburundi.




#Article 89: Grande Rusizi (11 words)


Grande Rusizi ni uruzi hafi ya igisagara ca Bujumbura mu Uburundi.




#Article 90: Kizito Mihigo (119 words)


Kizito Mihigo wavukiye i Kibeho, igenekerezo 25 Mukakaro 1981, ni umuririmvyi n'umwanditsi w'indirimbo w'umunyarwanda. Mu mwaka wa 1994, yarokotse ihonyabwoko ryakorewe abatutsi. Ise wiwe, umushingantahe Buguzi Augustin, yaragandaguwe mw'iryo honyabwoko.

Yize amashure yisumbuye mu iseminari ntoya y'i Butare mu Rwanda, aca abandanya mu mashuri y'umuzika mu Buraya, mu ishure rya Conservatoire de Musique de Paris mu gihugu c'Ubufaransa.

Mihigo yamenyekanye mu ndirimbo za Ekleziya katolika, n'izindi zitanga ubutumwa bw'amahoro n'ubumwe mu Rwanda. Mu mwaka wa 2014, yarasohoye indirimbo Igisobanuro c'Urupfu, abategetsi bo mu Rwanda baca barayihagarika mu gihugu cose. Mihigo yaciye arafatwa n'abajejwe umutekano, yagirizwa kugirira nabi ubutegetsi n'umukuru w'igihugu Paul Kagame. Kizito Mihigo yaremeye ivyaha vyose yagirizwa aca arasaba ikigongwe.

Igenekerezo 27 Ruhuhuma 2015,  yaciriwe umunyororo w'imyaka cumi.




#Article 91: Hulk (11 words)


Hulk (The Incredible Hulk) ni ruri mu ndimi izo Marvel bwa.




#Article 92: Finilande (11 words)


Finilande canke Irepuburika ya Finilande (igifinilande: Suomi) ni igihugu muri Uburaya.






#Article 95: Don Rickles (11 words)


Donald Jay Don Rickles (* Queens, New York, 8.5.1926 – 6.4.2017).




#Article 96: Carl Reiner (14 words)


Carl Reiner (* 20.3.1922, The Bronx, New York – * 29.6.2020, Beverly Hills, California).







#Article 98: Ikigabane ca 11 (456 words)


Umunara w'i Baberi

1 Isi yose yavuga ururimi rumwe n'imvugo imwe. 2 Bariko barimuka bava mu buseruko, babona ikiyaya mu gihugu c'i Shineyari, baca bagereraho. 3 Babwirana bati: «Ingo tubumbe amatafari, tuyaturire mw'itanure.» Bakoresha amatafari mu gishingo c'amabuye na kaburimbi mu gishingo c'ubudongo. 4 Bavuga bati: «Ingo twiyubakire igisagara, n'umunara uzoshikana isonga mw'ijuru, twihe izina rizoba rurangiranwa, twoye gusabagira kw'isi yose.»
5 Umukama amanuka kuraba ico gisagara n'uwo munara abana b'abantu bari bubatse. 6 Umukama avuga ati: «Raba! Bagize igihugu kimwe, n'ururimi ni rumwe, none ehe ico batanguye gukora! Kuva ubu nta kizobabuza gushikira ico biyumviriye. 7 Ingo tumanuke, tuyoberanye ururimi rwabo, boye kuba bacumvikana.» 8 Umukama abashwiragiza kw'isi yose, baca baheba kwubaka ca gisagara. 9 Ni co gituma aho hantu bahita Baberia, kuko ari ho Umukama yayoberanirije ururimi rw'isi yose, kandi guhera aho Umukama abashwiragiza kw'isi yose.

Kuva kuri Semu gushika kuri Aburahamu

10 Ng'uru uruvyaro rwa Semu: Semu yari amaze imyaka ijana aho yavyara Arupakeshadi, haciye imyaka ibiri isegenya ihavuye. 11 Mu nyuma z'aho avyariye Arupakeshadi, Semu amara imyaka amajana atanu, avyara abahungu n'abakobwa.
12 Arupakeshadi amaze imyaka mirongo itatu n'itanu yavyaye Sherahi. 13 Mu nyuma z'aho avyariye Sherahi, Arupakeshadi amara imyaka amajana ane n'itatu, avyara abahungu n'abakobwa.
14 Sherahi amaze imyaka mirongo itatu yavyaye Heberi. 15 Mu nyuma z'aho avyariye Heberi, Sherahi amara imyaka amajana ane n'itatu, avyara abahungu n'abakobwa.
16 Heberi amaze imyaka mirongo itatu n'ine, yavyaye Peregi. 17 Mu nyuma z'aho avyariye Peregi, Heberi amara imyaka amajana ane na mirongo itatu, avyara abahungu n'abakobwa.
18 Peregi amaze imyaka mirongo itatu yavyaye Rehu. 19 Mu nyuma z'aho avyariye Rehu, Peregi amara imyaka amajana abiri n'icenda, avyara abahungu n'abakobwa.
20 Rehu amaze imyaka mirongo itatu n'ibiri, yavyaye Serugu. 21 Mu nyuma z'aho avyariye Serugu, Rehu amara imyaka amajana abiri n'indwi, avyara abahungu n'abakobwa.
22 Serugu amaze imyaka mirongo itatu, yavyaye Nahori. 23 Mu nyuma z'aho avyariye Nahori, Serugu amara imyaka amajana abiri, avyara abahungu n'abakobwa.
24 Nahori amaze imyaka mirongo ibiri n'icenda, yavyaye Terahi. 25 Mu nyuma z'aho avyariye Terahi, Nahori amara imyaka ijana na cumi n'icenda, avyara abahungu n'abakobwa.
26 Terahi amaze imyaka mirongo indwi, yavyaye Aburamu, Nahori na Harani. 27 Ng'uru uruvyaro rwa Terahi: Terahi yavyaye Aburamu, Nahori na Harani. 28 Harani yavyaye Roti. Harani yaratanze gupfa se wiwe Terahi, yaguye mu ntara y'incuti ziwe, muri Yuri y'Abakasidimu. 29 Aburamu na Nahori bararongora. Umugore wa Aburamu yitwa Sarayi, umugore wa Nahori akitwa Mireka, umukobwa wa Harani, se wa Mireka na Yiseka. 30 Sarayi yari intavyara, nta mwana yari afise.
31 Terahi ahitana umuhungu wiwe Aburamu, umwuzukuru wiwe Roti mwene Harani, n'umukazana wiwe Sarayi umugore wa Aburamu umuhungu wiwe; bavana muri Yuri y'Abakasidimu, bagenda bagana igihugu ca Kanahani, bashika i Harani, bagereraho.
32 Terahi amara imyaka amajana abiri n'itanu, apfira i Harani.




#Article 99: Ikigabane ca 12 (373 words)


IHAMAGARWA RYA ABURAMU

Imana isaba Aburamu kuva mu gihugu ciwe

1 Umukama abwira Aburamu ati: «Va mu gihugu cawe no mu muryango wawe, no mu nzu ya so, maze ugende mu gihugu nzokwereka. 2 Nzokugira igihugu kinini, nzoguhezagira nongere nkuze izina ryawe; uzoba umuhezagiro.
3 Nzohezagira abazoguhezagira,
nzovuma uwuzokuvuma,
imiryango yose yo kw'isi
izohezagirwa muri wewe.»
4 Aburamu agira nk'uko Umukama yari yamutegetse, aragenda ajanye na Roti. Igihe Aburamu yava i Harani yari amaze imyaka mirongo indwi n'itanu. 5 Aburamu ahitana umugore wiwe Sarayi na Roti umuhungwabo, itunga ryose bari bararonse, n'abantu bari baronkeye i Harani, bafata inzira, bagenda bagana igihugu ca Kanahani. Barashika mu gihugu ca Kanahani.

Aburamu muri Kanahani no mu Misiri

6 Aburamu aca muri ico gihugu, gushika ashike ahantu hitwa Sikemu, ku mumanda w'i More. Ico gihe, Abakanahani ni bo baba muri ico gihugu. 7 Umukama abonekera Aburamu amubwira ati: «Iki gihugu nzogiha uruvyaro rwawea.» Aburamu yubakira uruhimbi Umukama aho hantu yari yamubonekeye. 8 Avuye aho, aja ku musozi uri mu buseruko bwa Beteri. Ashinga ihema ryiwe hagati ya Beteri, amaja mu burengero, na Hayi mu buseruko; aho kandi ahubakira Umukama uruhimbi, yambaza izina ry'Umukama. 9 Aburamu agenda araca insago gushika ashike muri Negebu.
10 Hatera amapfa mu gihugu, Aburamu amanuka mu Misiri kugererayo, kuko amapfa yari yatikije inganda mu gihugu. 11 Bari mu gushika mu Misiri, abwira umugore wiwe Sarayi ati: «Umve rero: ndazi ko uri umugore aryoheye ijisho. 12 Abanyamisiri nibakubona bazovuga bati: Ni umugore wiwe; bazonyica na we bakureke ubeho. 13 Ndagusavye, uze uvuge ko uri mushikanje kugira ngo bamfate neza kubera wewe, kandi ndarusimbe kubera wewe.» 14 Nkako, Aburamu yabaye agishika mu Misiri, Abanyamisiri babona ko umugore wiwe ari mwiza cane. 15 Abanyacubahiro ba Farawonib baramubona, baja kumuhayira Farawoni, uwo mugore aca ajanwa mu ngoro kwa Farawoni. 16 Kubera we, Aburamu aratoneshwa, baramukubitira ibitungwa bitobito na bininibinini, impfizi z'indogobwe, abasuku n'incoreke, indogobwe zivyara n'ingamiya. 17 Ariko Umukama arungikira amahano menshi Farawoni n'abiwe bose kubera Sarayi muka Aburamu. 18 Farawoni atumako Aburamu amubwira ati: «Wangize ibiki? Ni kuki utampishutse ko ari umugore wawe? 19 Ni kuki wavuze uti: Ni mushikanje nanje nkaca ndamutwara nkamugira umugore wanje? Ubu rero, ng'uwo umugore wawe, musubireko, umvireho!» 20 Farawoni ategeka ingabo ziwe ngo zimwirukane, we n'umugore wiwe, n'ivyo atunze vyose.




#Article 100: Ikigabane ca 13 (324 words)


Aburamu na Roti batandukana

1 Aburamu araduga ava mu Misiri, we n'umugore wiwe, n'ivyo atunze vyose, na Roti bari kumwe, aja muri Negebu. 2 Aburamu yari atunze amasho, ifeza n'inzahabu vyinshi. 3 Agenda araca insago kuva muri Negebu gushika i Beteri mu kibanza carimwo ihema ryiwe ubwa mbere, hagati ya Beteri na Hayi. 4 Mu kibanza yari yarubatsemwo uruhimbi ubwa mbere, haba ari ho Aburamu yambariza izina ry'Umukama.
5 Roti yaguma agendana na Aburamu, na we nyene yari atunze ibitungwa bitobito na bininibinini hamwe n'amahema. 6 Iyo ntara irabagira, biranka ko babangikana, kuko bari batunze cane ku buryo batashobora kuguma babangikana. 7 Imitongano iraduka hagati y'abungere b'amasho ya Aburamu n'abungere b'amasho ya Roti. Abakanahani n'Abaperizi bari bakiba muri iyo ntara. 8 Aburamu abwira Roti ati: «Ntihakagire imitongano yaduka hagati yanje nawe, hagati y'abungere banje n'abungere bawe. Erega turi abavandimwe. 9 None iyi ntara yose ntiri imbere yawe? Niwigerure dutandukane; niwaja ibubamfu nje iburyo, niwaja iburyo nje ibubamfu.»
10 Roti araramura amaso, abona ibigobe vyose vya Yorodani, harimwo imigende y'amazi ikwiye. Umukama atarasibanganya Sodoma na Gomora mu mashorero ya Tsohari, hari heza nk'icibare c'Umukama, hari hateye nk'igihugu ca Misiri! 11 Roti ahitamwo ibigobe vyose vya Yorodani. Roti agenda agana ubuseruko, atandukana gutyo na mwenewabo. 12 Aburamu agerera mu gihugu ca Kanahani, Roti na we agerera mu bisagara vyo muri ivyo bigobe agenda arashinga insago gushika i Sodoma. 13 Abantu b'aho i Sodoma na bo bari abagome n'abacumuzi banyomoje mu maso y'Umukama.
14 Aburamu amaze gutandukana na Roti, Umukama amubwira ati: «Raramura amaso, uhere aho uri, witegereze mu buraruko no mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero. 15 Egome, iyo ntara yose ubona ndayikugabiye mwe n'uruvyaro rwawe, na ntaryo! 16 Uruvyaro rwawe ruzongana n'umukungugu w'isi. Nihaba hari uwushobora guharura umukungugu w'isi, n'uruvyaro rwawe azoheza aruharure. 17 Haguruka, ugendure iyi ntara mu burebure no mu bwaguke, kuko ndayikugabiye.» 18 Aburamu yimukana amahema yiwe aja kugerera mu mimanda y'i Mamure, iri hafi y'i Heburoni, agereraho, ahubaka uruhimbi rw'Umukama.




#Article 101: Ikigabane ca 14 (458 words)


Aburamu, abami na Merekisedeki

1 Mu gihe ca Amuraferi, umwami w'i Shineyari, Ariyoki, umwami w'i Erasari, Kedorerahomeri, umwami w'i Heramu, na Tideyari, umwami w'i Goyimu, 2 barwanya Berahi, umwami w'i Sodoma, Bireshahi umwami w'i Gomora, Shineyabu umwami w'i Adema, Shemeberi umwami w'i Tseboyimu na Berahi ari ho Tsohari.
3 Abo bose bari bateraniye hamwe mu kiyaya ca Sidimu, ari co kiyaga c'umunyu. 4 Bari bamaze imyaka icumi n'ibiri batwarwa na Kedorerahomeri; ariko mu mwaka ugira icumi na gatatu baragarariza. 5 Mu mwaka ugira icumi na kane, Kedorerahomeri n'abami bari kumwe na we baraza, batsinda Abarefa i Hashetaroti Karenayimu, Abazuzi na bo i Hamu, Abemiyimu na bo i Shawe Kireyatayimu, 6 Abahori, ku mutumba Sehiri, gushika i Eri Parani iri hafi y'ubugaragwa. 7 Barakimirana baja amaja i Henimishepati ari ho i Kadeshi, bayogeza intara yose y'Abahamareki n'Abemori b'i Hatsetsonitamari. 8 Umwami w'i Sodoma aragenda, hamwe n'umwami w'i Gomora, umwami w'i Adema, umwami w'i Tseboyimu n'umwami w'i Berahi ari ho Tsohari, bagabiriza kubarwaniriza mu kiyaya ca Sidimu. 9 Hanyuma barwanya Kedorerahomeri umwami w'i Heramu, Tideyari umwami w'i Goyimu, Amuraferi umwami w'i Shineyari, Ariyoki umwami w'i Erasari. Bari abami bane kuri batanu. 10 Ikiyaya ca Sidimu cari cuzuyemwo ibinogo vya kaburimbi; bariko barahunga, abami b'i Sodoma na Gomora babikorokeramwo, abasigaye bahungira mu misozi. 11 Banyaga amatungo yose y'i Sodoma na Gomora, n'ibifungurwa vyose, barigira.
12 Bahitana Roti, umuhungwabo wa Aburamu yaba i Sodoma n'amatungo yiwe yose, barigira. 13 Indokoke imwe iza kuburira iyo nkuru Aburamu Umuhebereyi, na we yaba mu mimanda y'i Mamure, Umwemori, mwenewabo na Eshekori akaba na mwenewabo na Haneri; abo na bo bari barunze ubumwe na Aburamu. 14 Aburamu yumvise ko umuhungwabo yafashwe, agomora ingabo ziwe zigizwe n'abantu amajana atatu na cumi n'umunani zavukiye mu rugo iwe, arabakurikira gushika i Dani. 15 Azicamwo imigwi kugira ngo abatere mw'ijoro, we n'ingabo ziwe; arabatsinda, arabahindagiza gushika i Hoba ibubamfu bwa Damasi. 16 Agarura amatungo yose, agarura n'umuhungwabo Roti, n'amatungo yiwe, hamwe n'abagore, n'abandi bantu.
17 Umwami w'i Sodoma aza kumusanganira atabarutse, ahejeje gutsinda Kedorerahomeri n'abandi bami bari kumwe mu kiyaya ca Shawe, ari co kiyaya c'umwami. 18 Merekisedeki na we, umwami wa Saremu akaba yari umuherezankuka w'Imana Rudasumbwa, yamusanganije umukate n'umuvinyu. 19 Ahezagira Aburamu avuga ati:

yo yaremye ijuru n'isi.
20 N'Imana Rudasumbwa nihezagirwe,
yo yarekuriye abansi bawe mu minwe yawe.»
Ni ho Aburamu yaca aha Merekisedeki ic'icumia c'ivyo yatabarukanye.
21 Umwami w'i Sodoma abwira Aburamu ati: «Nsigira abantu utware amatungo yawe.» 22 Aburamu amwishura ati: «Ndakirije ikiganza ndacerekeza ku Mukama, Imana Rudasumbwa, Yo yaremye ijuru n'isi. 23 Nta n'akanyuzi, nta n'akazana k'inkweto! Sinzotwara ikintu na kimwe mu vyawe, kugira ngo ntuze uhave uvuga uti: Ni jewe natungishije Aburamu. 24 Nsigira gusa ibingana n'ivyo izo ngabo zawe zariye, n'imituri y'abantu twajanye. Haneri, Eshekori na Mamure na bo bazokwitorera imituri yabo.»




#Article 102: Ikigabane ca 15 (314 words)


Imana yunga isezerano na Aburamu

1 Ivyo biheze, Umukama abonekera Aburamu, amushikiriza ijambo ati: «Ntutinye Aburamu! Jewe ndi inkinzo yawe; impera yawe izoba nini cane.»
2 Aburamu amwishura ati: «Mukama Mana, uzompa iki? Ehe ngiye ata mwana mfise! Kandi uwuzotorana urugo rwanje ni Eriyezeri w'i Damasi.» 3 Aburamu amubwira ati: «Raba, ntiwampaye kuvyara; ehe umuhungu yavukiye mu rugo rwanje ni we azotorana ivyanje.» 4 Araheza Umukama amubwira ati: «Uwo si we azotorana ivyawe, ariko uwuzova mu bura bwawe ni we azotorana ivyawe.» 5 Hanyuma amujana hanze, amubwira ati: «Itegereze ijuru, uheze uharure zirya nyenyeri, niwaba ushobora kuziharura.» Amubwira ati: «Uruvyaro rwawe ruzongana gutyo.» 6 Aburamu yemera Umukama, na we aca aharura Aburamu mu ntungane.
7 Yongera amubwira ati: «Ni jewe Umukama nagukuye muri Yuri y'Abakasidimu ngo ndaguhe iki gihugu ugitorane.» 8 Avuga ati: «Mukama Mana, none nzomenyeshwa n'iki ko nzogitorana?» 9 Amubwira ati: «Genda unzanire ishashi y'inka y'imyaka itatu, ishashi y'impene y'imyaka itatu, impfizi y'intama y'imyaka itatu, intunguru imwe n'umuswi w'inuma.» 10 Amuzanira ivyo vyose, abihimburamwo kubiri, igihimba cose agitumberanya n'ikindi, ariko inyoni ntiyazihimbura. 11 Ibisiga bishungurukira kuri iyo mivyimba, ariko Aburamu aravyirukana.
12 Izuba ririko rirarenga, Aburamu agwa igihumura, agira ubwoba bwinshi atewe n'umwijima w'umuzimiza. 13 Abwira Aburamu ati: «Menya neza ko abagukomokako bazoba ba kavantara mu gihugu kitari icabo. Bazohabera abaja, abaho babicishe umuruho mu myaka amajana anea. 14 Ariko nzocira urubanza igihugu bazobera abaja. Ivyo biheze, bazovanayo amatungo menshib. 15 Nawe uzohamvya ba sokuru bawe mu mahoro, kandi uzofubwa mu busaza buzira umuruho. 16 Abana b'abuzukuruza ni bo bazogaruka ngaha, kuko icaha c'Umwemori kitazoba kirimonogoza.»
17 Izuba rimaze kurenga, bumaze guhwibira, aza abona itanure rifumba umwotsi n'igishirira c'urubeya biciye hagati ya nya bihimba vy'inyama. 18 Kuri uyo musi, Umukama yunga isezerano na Aburamu, avuga ati:

kuva ku ruzi rwa Misiri gushika ku ruzi runini, ari rwo Peratic 19 hamwe n'Umukayini, Umukenizi, Umukademoni, 20 Umuheti, Umuperizi, Abarefa, 21 Umwemori, Umukanahani, Umugiregashi n'Umuyebusi.»




#Article 103: Ikigabane ca 16 (312 words)


Ivuka rya Yishemaheri

1 Sarayi umugore wa Aburamu ntiyari bwamuvyarire umwana. Yari afise incoreke y'Umunyamisiri, ikitwa Hagari. 2 Sarayi rero abwira Aburamu ati: «Ehe raba, Umukama yarambujije kuvyara. Genda rero wegere incoreke yanje; kumbure kuri yo nzoharonkera abana.» Aburamu arumvira Sarayi.
3 Haciye imyaka icumi Aburamu aba mu gihugu ca Kanahani, Sarayi, umugore wa Aburamu, afata Hagari Umunyamisiri yari incoreke yiwe, amuhereza Aburamu umugabo wiwe ngo amubere umugore. 4 Aburamu yegera Hagari, na we asama inda. Abonye ko yasamye inda, inabuja ntiyaba akigira agaciro mu maso yiwe. 5 Sarayi abwira Aburamu ati: «Aka gakengerwe uze ukabazwe! Ni jewe nashize incoreke yanje ku bibero vyawe; none kuva aho iboneye ko yasamye inda, nta gaciro ngifise mu maso yayo! Umukama naducire urubanza twe na we!» 6 Aburamu abwira Sarayi ati: «Ng'iyo incoreke yawe iri mu minwe yawe, yigirire ico ubona kibereye mu maso yawe.» Sarayi araturubika iyo ncoreke gushika imuhunge.
7 Intumwa y'Umukama isanga ya ncoreke hafi y'iriba ry'amazi mu gahinga, iriba riri ku nzira ija i Shuri. 8 Hanyuma ivuga iti: «Hagari, ncoreke ya Sarayi! Uva he ukaja he?» Na we ati: «Ndiko ndahunga mabuja Sarayi.» 9 Nya ntumwa y'Umukama imubwira iti: «Subira kwa nyokobuja, uheze uce bugufi, umugamburukire.» 10 Nya ntumwa y'Umukama irabandanya iti: «Nzorondora cane uruvyaro rwawe gushika aho badashobora kuruharura kubera ubwinshi.» 11 Nya ntumwa y'Umukama irasubira iti:

uzomwita Yishemaheri,
kuko Umukama yumvise iminihiro yawe.
12 Na we azoba umuntu ameze nk'indogobwe yo mw'ishamba.
Azorwanya bose,
kandi bose bamurwanye, ariko azokwibera aho benewabo bose babona.»
13 Hagari yambaza izina ry'Umukama yari yamuyagiye, araheza avuga ati: «Uri Imana imbona.» Nkako yari yavuze ati: «Hoba ari aha vy'ukuri nabonyea uwamaze kumbona?» 14 Ni co gituma iryo riba ryitwa Iriba rya Rahayiroyib. Riri hagati ya Kadeshi na Beredi.
15 Hagari avyarira Aburamu umuhungu, Aburamu yita Yishemaheri uwo muhungu Hagari yari yamuvyariye. 16 Aburamu yari amaze imyaka mirongo umunani n'itandatu aho Hagari yavyara Yishemaheri.




#Article 104: Ikigabane ca 17 (483 words)


Isezerano n'igenyerwa

1 Aburamu yari amaze imyaka mirongo icenda n'icenda igihe Umukama yamubonekera, akamubwira ati: «Ni jewe Imana Mushoboravyose; gendera imbere yanje, ube intungane. 2 Nzokwunga isezerano ryanje hagati yanje nawe, nzokurondora bimwe bishemeye.» 3 Aburamu akubita inkoro hasi.
Imana imubwira iti:
4 «Ahanje, ng'iri isezerano ryanje na we: uzoba se w'isinzi ry'ibihugu. 5 Nta wuzosubira kuguhamagara izina ryawe Aburamu; izina ryawe rizoba Aburahamu, kuko ndaguhaye kuba se w'isinzi ry'ibihugu. 6 Nzokurondora bimwe bishemeye, nzokugira iyogi ry'amakungu, abami bazokwamuka kuri wewe. 7 Nzokwunga isezerano ryanje hamwe na we, hamwe n'uruvyaro rwawe mu nyuma zawe, uko imvyaro zarwo zose zizokurikirana; iryo sezerano ribe iryo imyaka yose, kandi kubera ryo, nzoba Imana yawe n'iyo uruvyaro rwawe mu nyuma zawe. 8 Nzoguha igihugu wagiye uracumbikamwo n'uruvyaro rwawe mu nyuma zawe, igihugu cose ca Kanahani uciganzire na ntaryo. Nanje nzoba Imana yabo.»
9 Imana ibwira Aburahamu iti: «Wewe uzozigama isezerano ryanje, wewe n'uruvyaro rwawe mu nyuma zawe, uko imvyaro zawe zose zizokurikirana. 10 Ng'iri isezerano ryanje muzozigama hagati yanje namwe, n'uruvyaro rwawe mu nyuma zawe: muzogenyera zina muhungu wese. 11 Muzogegena agasato k'igihimba c'irondoka canyu, kibe ikimenyetso c'isezerano ryanje hagati yanje namwe. 12 Zina muhungu wese wo muri mwebwe amaze imisi umunani, umuhungu wese wo mu mvyaro zose, yaba uwavukiye mu rugo rwawe, yaba kavantara yaguzwe amahera atamuka mu ruvyaro rwawe, azogenyerwa. 13 Uwavukiye mu rugo rwawe, canke uwo waguze amahera yawe, azotegerezwa kugenyerwa. Isezerano ryanje rizoba mu mubiri wanyu isezerano ry'intahava. 14 Uwutagenyerewe, umuhungu atazoba yaragegenywe agasato k'igihimba c'irondoka, azocibwa mu biwe, kuko azoba yarataye isezerano ryanje.»
15 Imana ibwira Aburahamu iti: «Umugore wawe Sarayi, ntuzobe ukimuhamagara mw'izina Sarayi: izina ryiwe ni Sara. 16 Nzomuhezagira, kandi mbere nzoguha umuhungu avyawe na we. Nzomuhezagira, azovyara amakungu, abami b'amakungu bazova kuri we.» 17 Aburahamu akubita inkoro hasi, aratwenga. Yibwira mu mutima ati: «Ubwo umutama w'imyaka ijana yovyara umuhungu? Canke Sara w'imyaka mirongo icenda, ngo yoshobora kuvyara?» 18 Aburahamu abwira Imana ati: «Yishemaheri arakaramba mu maso yawe.» 19 Imana imubwira iti: «Ni ivy'ukuri! Umugore wawe Sara azokuvyarira umuhungu, izina uzomwita ni Izahaki. Nzokwunga isezerano ryanje na we, ribe isezerano ry'imyaka yose, no ku ruvyaro rwiwe mu nyuma ziwe. 20 Ku vyerekeye Yishemaheri na we, narakwumviye. Raba ndamuhezagiye, nzomurondora, azogwira bimwe bishemeye. Azovyara abatware icumi na babiri, kandi nzomugira igihugu kinini. 21 Ariko isezerano ryanje nzoryunga na Izahaki Sara azokuvyarira mu mwaka uza nk'iki gihe.» 22 Imana ihejeje kumuganirira, iraduga, iva aho Aburahamu yari ari.
23 Aburahamu afata umuhungu wiwe Yishemaheri, abavukiye mu rugo rwiwe bose, abo yari yaguze amahera bose, zina muhungu wese mu bagabo bo mu rugo rwiwe, abagenyera uyo musi nyene, nk'uko Imana yari yabimubwiye. 24 Aburahamu yari afise imyaka mirongo icenda n'icenda aho bamugenyera. 25 Yishemaheri umuhungu wa Aburahamu na we yari afise imyaka icumi n'itatu aho bamugenyera. 26 Uyo musi nyene, Aburahamu n'umuhungu wiwe Yishemaheri baragenyerwa. 27 Abagabo bose bo mu rugo rwiwe, abavukiye mu rugo, na ba kavantara baguzwe amahera bagenyerwa hamwe na we.




#Article 105: Ikigabane ca 18 (602 words)


Umukama abonekera Aburahamu mu mimanda y'i Mamure

1 Umukama abonekera Aburahamu hafi y'imimanda y'i Mamure. We yari yicaye imbere y'umuryango w'ihema ryiwe, mu gihe c'intuguta nyinshi y'umutaga. 2 Araramuye amaso, araraba, aca abona abagabo batatu bahagaze hafi y'aho yari ari. Ababonye aca ava mu muryango w'ihema, yiruka kubasanganira, akubita ibipfukamiro hasi, 3 avuga ati: «Muhanyi, ninaba nogira iteka mu maso yawe, nturengane umusavyi wawe. 4 Nibazane amazi makeyi mwiyoze ibirenge vyanyu, muruhukire munsi y'iki giti; 5 ndabahereze akamanyu k'umukate musame umutima, hanyuma mubandanye. Erega ni co cabacanye hafi y'umusavyi wanyu!» Na bo bavuga bati: «Nugire nk'uko ubivuze.»
6 Aburahamu anyarukira mw'ihema aho Sara yari ari amubwira ati: «Tegura ningoga ingero zitatu z'ifu inoze, uzicumbe ugire uturobe.» 7 Aburahamu aranyaruka no mu busho bwiwe, afata ikimasa coroshe kandi kinuze, agihereza umusore, na we aca yihuta kugitegura. 8 Yakira amata y'urubu n'imfyufyu, na ca kimasa yateguye, abitereka imbere yabo, araheza abaguma hafi, munsi ya ca giti, na bo barafungura.
9 Baraheza bamubaza bati: «Umugore wawe Sara ari hehe?» Na we yishura ati: «Harya mw'ihema.» 10 Uwundi avuga ati: «Ni ukuri, nzogaruka iwawe nk'aya mango, kandi umugore wawe Sara azoba afise umuhungu.» Akaba Sara yariko arumviririza mu muryango w'ihema, inyuma yiwe. 11 Aburahamu na Sara bari bashaje, bageze mu zabukuru; Sara na we yari yaraciye. 12 Sara atwengera mu mutima yibwira ati: «Ubu nshaje gutya, noba nkiryoherwa! Umugabo wanje na we arashaje!» 13 Umukama abwira Aburahamu ati: «Ni kuki Sara ariko aratwenga yibwira ati: Ubwo noba nkivyara umwana vy'ukuri kandi nshaje? 14 Mbega hari icoza kinanira Umukama? Ubutigu bugeze, nzogaruka iwawe, nk'aya mango, Sara na we azoba afise umwana w'umuhungu.» 15 Sara arahakana ati: «Sinatwenze», kuko yari afise ubwoba. Na we ati: «Ni vyo, watwenze.»

Aburahamu avugira Sodoma

16 Ba bagabo barahaguruka, bava aho bari, berekeza amaso i Sodoma. Aburahamu arabaherekeza kugira ngo abasezere.
17 Umukama yibwira ati: «Mbega mpishe Aburahamu ivyo ngira ngire, 18 kandi Aburahamu abwirizwa kuzoba igihugu kinini kandi gikomeye, n'amakungu yose yo kw'isi akazohezagirwa muri we? 19 Nkako, naramugenye ngo yigishe abana biwe n'umuryango wiwe mu nyuma ziwe kuzigama ingendo y'Umukama, mu gukurikiza ubutungane n'ingingo. Ni ho Umukama azorangura iryo yemereye Aburahamu.» 20 Umukama avuga ati: «Induru yagiriza Sodoma na Gomora yabaye nyinshi, kandi ibicumuro vyabo vyabaye umurengera. 21 Ngira manuke, nje kuraba ko ivyo bakoze bihuye n'induru yanshikiriye. Atari vyo, na ho nyene ndabimenye.»
22 Ba bagabo bava aho, berekeza Sodoma. Aburahamu na we yari agihagaze imbere y'Umukama. 23 Aburahamu aregera avuga ati: «Mbega ugira ujaniranye intungane n'umubisha? 24 Kumbure mu gisagara harimwo intungane zishika mirongo itanu. N'abo urabatikiza? Ubwo ntiwogirira ikigongwe ico gisagara cose kubera izo ntungane mirongo itanu ziba muri co? 25 Ntirikabe! Ntiwokora ikintu nk'ico, ngo wica intungane n'umubisha. Ntirikabe! Ntiwokwitiranya intungane n'umubisha. Umucamanza w'isi yose ni we atokurikiza ingingo?» 26 Umukama avuga ati: «Ninasanga muri Sodoma intungane mirongo itanu hagati mu gisagara, nca ngirira ikigongwe igisagara cose kubera bo.»
27 Aburahamu asubizayo ati: «Ariko ndubahuka jewe mvugisha Umukama kandi ndi ivu, ndi umunyota! 28 Kumbure muri abo mirongo itanu b'intungane harabuzemwo batanu. Woca utikiza igisagara cose kubera abo batanu?» Yishura ati: «Oya, ninagisangamwo mirongo ine na batanu, sindagitikiza.» 29 Abandanya amubwira ati: «Kumbure hari mirongo ine gusa!» Avuga ati: «Nta co nogira kubera abo mirongo ine.»
30 Avuga ati: «Ntushavure Mukama ndacabandanya kuvuga. Kumbure hari mirongo itatu gusa.» Yishura ati: «Nta co nogira habonetse mirongo itatu.» 31 Avuga ati: «Ariko ndubahuka, jewe mvugisha Umukama wanje. Kumbure hari mirongo ibiri.» Yishura ati: «Sindagitikiza kubera abo mirongo ibiri.» 32 Avuga ati: «Ntushavure Mukama, ngira mvuge ubwa nyuma. Kumbure hari icumi.» Yishura ati: «Sindagitikiza kubera abo icumi.»
33 Umukama ahejeje kuganira na Aburahamu aragenda, Aburahamu na we asubira iwe.




#Article 106: Ikigabane ca 19 (740 words)


Sodoma isamburwa, Roti akarokoka

1 Abamarayika babiri bashika i Sodoma ku mugoroba. Akaba Roti yari yicaye kw'irembo rya Sodoma. Ababonye arahaguruka aja kubasanganira; akubita inkoro hasi. 2 Avuga ati: «Nkundire bahanyi! Banze mushike mu nzu y'umusuku wanyu, murare, mwiyoze ibirenge; muzozinduke mubandanya urugendo rwanyu.» Bavuga bati: «Oya, turara ku nzira.» 3 Arabagobera gushika bemere guca iwe; barashika i muhira iwe. Arabategurira inzimano, abacumbira imikate itambiye, barafungura.
4 Ntibari bwanaryame, igihe abantu bo mu gisagara, abantu b'i Sodoma kuva ku musore gushika ku mutama, igisagara uko cakabaye ata wuvuyemwo, bakikiza iyo nzu. 5 Bahamagara Roti bamubaza bati: «Abantu baje iwawe muri iri joro bari hehe? Batuzanire tumenyane na boa.»
6 Roti arasohoka aja iyo bari, yugara urugi inyuma yiwe, aca arugumako. 7 Ababwira ati: «Ndasavye, bavukanyi; ntimukore iyo nabi! 8 Ehe ndafise abigeme babiri bataramenya umugabob, hinge ndababazanire, mubakoze ico mushaka. Ariko ico nobasaba gusa, ni uko abo bantu mutobakomakoma, ni na co catumye bahungira mu nzu iwanje.» 9 Na bo bavuga bati: «Igirayo.» Barungikanya bati: «Uwu muntu yaje ari inyambukira none yihaye guca imanza! Turagukorera ikibi kiruta ico tubakorera.» Basunura uwo mugabo Roti, baca baregera ngo bamene urugi. 10 Ba bantu batuma ukuboko, bakwegera Roti mu nzu aho bari; baca barugara urugi. 11 Baca basuka uruhumyi kuri abo bantu bose bari imbere y'umuryango, kuva ku muto gushika ku mukuru, ntibasubira kubona iyo umuryango uherereye.
12 Ba bantu babaza Roti bati: «Hari abandi bantu muri kumwe ngaha? Hitana abakwe bawe, abahungu, abakobwa n'abo bose ufise mu gisagara, ubakure aha hantu. 13 Nkako, tugira dutikize aha hantu, kuko inabi hagirizwa yarenze urugero imbere y'Umukama. Umukama yaturungitse kuhatikiza.» 14 Roti arasohoka, avugana n'abakwe biwe bari bimirije kurongora abakobwa biwe. Avuga ati: «Haguruka muve aha hantu, kuko Umukama agira atikize igisagara.» Abakwe biwe bavyumva nk'ibijajuro.
15 Umutwenzi ukitse, abamarayika babwira Roti bashimitse bati: «Haguruka, hitana umugore wawe n'abakobwa bawe babiri bakiri ku ziko, ntuhitanwe n'igihano gihanamiye iki gisagara.» 16 Agitebaganye, ba bantu basumira ukuboko kwiwe n'ukw'umugore wiwe, n'amaboko y'abakobwa biwe babiri, kubera impuhwe Umukama yari amufitiye, baramusohora, bamujana inyuma y'igisagara.
17 Bamaze kubashikana hanze, umwe muri bo amubwira ati: «Hunga, kiza ubuzima bwawe! Nturabe inyuma, kandi ntuhagarare na hamwe muri iki kiyaya. Hungira riho ku musozi, woye gutikira.» 18 Roti ababwira ati: «Ntirikabe Muhanyi! 19 Umusavyi wawe yatewe iteka mu maso yawe, imbabazi zawe nyinshi zibonekeje mu kunkiriza ubuzima. Ariko sinoba ngishobora guhungira kuri uriya musozi ngo nshikeyo ikiza kitaranshikira ngapfa! 20 Ehe kirya gisagara kiri hafi nogihungiramwo, ni gitoyi. Nkundire ndagihungiremwo, ni na gitoyi, gutyo nkize ubuzima bwanje.» 21 Aramwishura ati: «Ehe raba, ndakwumviye n'ubu, sintikiza ico gisagara uvuga. 22 Ihute, uhungireyo, kuko ata co nshobora gukora utarashikayo.» Ni co gituma ico gisagara citwa Tsoharic.
23 Roti yinjira muri Tsohari izuba rirasiye kw'isi. 24 Umukama araheza arekurira kuri Sodoma na Gomora imigende y'ibirunga n'umuriro bivuye iwe mw'ijuru, 25 aratikiza ivyo bisagara n'ico kiyaya cose, ababa muri ivyo bisagara bose, n'ivyari vyarameze kw'isid. 26 Umugore wa Roti arahindukira araba inyuma, aca ahinduka inkingi y'umunyu.
27 Aburahamu agenda kare mu gitondo aho yari yamye ahagararanye n'Umukama. 28 Yerekeza amaso i Sodoma n'i Gomora no ku ntara y'ikiyaya yose, aritegereza, abona umwotsi nk'uw'itanure uriko urafumbuka uva muri iyo ntara.
29 Igihe Imana yatikiza ibisagara vyo muri ico kiyaya, yaributse Aburahamu, irokora Roti, imukura muri iryo sibe ryasibije ivyo bisagara Roti yabamwo.

Roti n'abakobwa biwe

30 Roti ava i Tsohari, aduga kwibera mu mitumba, ajana n'abakobwa biwe babiri. Kubera ko yatinya kuguma i Tsohari, yashimye kwibera mw'isenga ry'ibuye, we n'abakobwa biwe babiri.
31 Umukobwa mukuru abwira umutoyi ati: «Data arashaje, kandi nta mugabo agisigaye mu gihugu ngo aze atugana nk'uko bigenda mu gihugu cose. 32 Ingo duhe data umuvinyu anywe, duheze turyamane na we, kugira ngo turonke uruvyaro rukomoka kuri data.» 33 Ni uko rero, baha umuvinyu se, aranywa muri iryo joro; umukuru aja kuryamana na se, na we ntiyamenya igihe umukobwa wiwe yaryamiye n'igihe yavyukiye. 34 Bukeye, umukobwa mukuru abwira umutoyi ati: «Naraye ndyamanye na data muri iri joro ryakeye, none ingo dusubire kumuha umuvinyu yongere anywe muri iri joro, nawe uje kuryamana na we. Gutyo tuzoba turonse uruvyaro rukomoka kuri data.» 35 Muri iryo joro kandi bongera guha umuvinyu se, umutoyi arahaguruka aja kuryamana na se, na we ntiyamenya igihe umukobwa wiwe yaryamiye n'igihe yavyukiye. 36 Abo bakobwa ba Roti uko ari babiri basama inda kuri se. 37 Umukuru avyara umuhungu, amwita Mowabu. Ni we se w'Abamowabu gushika n'uno musi. 38 Umutoyi na we avyara umuhungu, amwita Benehami. Ni we se w'Abahamoni gushika n'uno musi.




#Article 107: Ikigabane ca 20 (343 words)


Aburahamu na Abimereki

1 Aburahamu ava ngaho aja mu ntara ya Negebu, aba hagati ya Kadeshi na Shuri, hanyuma agerera muri Gerari. 2 Aburahamu avuga ko umugore wiwe Sara ari mushikiwe. Abimereki, umwami w'i Gerari, atuma kuzana Sara. 3 Mw'ijoro, Imana igendera Abimereki mu ndoto, imubwira iti: «Erega urapfuye kubera ko umugore wazanye afise umugabo wiwe.» 4 Abimereki ntiyari bwamwegere. Avuga ati: «Mukama, wokwica igihugu naho coba ari intungane? 5 Si we yanyibwiriye ati: Ni mushikanje? Sara we nyene ntiyavuze ati: Ni musazanje? Ico nakoze, nagikoze umutima utunganye, kandi iminwe yanje yera de!» 6 Imana imwishura mu ndoto iti: «Ni ko, ndazi ko ivyo wabikoranye umutima utonganutse, kandi ni jewe nagukingiye ngo ntuncumureko; ni co gituma ntakuretse ngo umukoreko. 7 Ubu rero, subiza uwo mugore umugabo wiwe kuko ari umuhanuzi, azogusabira urambe. Utamumusubije na ho, menya ko uzopfa nta kabuza, wewe n'abawe bose.»
8 Abimereki avyuka mu kare gitondo, atumako abasuku biwe bose, abiganira iyo nkuru, abo bantu ubwoba buca burabatekera. 9 Abimereki ahamagara Aburahamu, amubaza ati: «Watugize ibiki? Nagucumuyeko iki kugira ngo unkwegere twe n'igihugu canje mu gicumuro kingana gutyo? Ivyo wangiriye ntibigirwa.» 10 Abimereki abwira Aburahamu ati: «Washaka gushika kuki mu kugira ivyo?» 11 Aburahamu amwishura ati: «Ni uko nari nibwiye nti: Aha hantu ntibatinya Imana na gato, none bazonyica kubera umugore wanje. 12 Kandi vy'ukuri ni mushikanje, umukobwa wa data, ariko ntidusangiye mawe; ubu yabaye umugore wanje. 13 Kuva aho Imana inkuriye mu nzu ya data nkayerera, namubwiye nti: Ng'iki iciza uzongirira: ahantu hose tuzoja, uzovuge uti: Ni musazanje.»
14 Abimereki acagura mu bitungwa bitobito no muri bininibinini, mu basuku no mu ncoreke, abihereza Aburahamu, amusubiza n'umugore wiwe Sara. 15 Abimereki amubwira ati: «Ng'ico igihugu canje imbere yawe; gerera aho ushimye.» 16 Abwira Sara na we ati: «Mpaye musazawe imiringa igihumbi; ni nk'umwitwikiro ugupfutse mu maso imbere y'abo muri kumwe bose, kuri bose uzoba wuhagiwe.» 17 Aburahamu atakambira Imana, Imana ikiza Abimereki, umugore wiwe n'incoreke ziwe, babona kuvyara. 18 Kukaba nkako, Umukama yari yabujije kuvyara abagore bose bo mu rugo rwa Abimereki kubera ivyo bintu vya Sara, umugore wa Aburahamu.




#Article 108: Ikigabane ca 21 (535 words)


Izahaki na Yishemaheri

1 Umukama agendera Sara nk'uko yari yarabivuze; Umukama agirira Sara nk'uko yari yamubwiye. 2 Sara asama inda, avyarira Aburahamu umuhungu mu busaza, ku gihe nyene Imana yari yaramubwiye. 3 Aburahamu yita Izahaki uwo muhungu yari yamuvukiye, uwo Sara yari yamuvyariye. 4 Aburahamu agenyera umuhungu wiwe Izahaki amaze imisi umunani, nk'uko Imana yari yarabimubwirije. 5 Aburahamu yari amaze imyaka ijana aho umuhungu wiwe Izahaki yavuka. 6 Sara avuga ati: «Imana yarampaye gutwenga! Uwuzovyumva wese azotwenga hamwe nanje.» 7 Yongera avuga ati:

ko Sara yokwonkeje ibibondo?
None, ndamuvyariye umuhungu mu busaza bwiwe!»
8 Umwana arakura, hanyuma aracuka. Aburahamu agira umusi mukuru ukomeye ku musi Izahaki acuka. 9 Hanyuma, Sara abona wa muhungu Aburahamu yavyarana na Hagari umunyamisiri ariko aritwengera. 10 Abwira Aburahamu ati: «Irukana iyo ncoreke n'umuhungu wayo, kuko umuhungu w'iyo ncoreke adakwiye gutorana hamwe n'umuhungu wanje Izahaki.» 11 Iryo jambo ryerekeye umuhungu wiwe rirashavuza cane Aburahamu. 12 Imana imubwira iti: «Ntushavure kubera ivy'uwo muhungu n'incoreke yawe. Ivyo Sara akubwira vyose, uramwumvira, kuko muri Izahaki ni ho uruvyaro rwawe ruzogira izina. 13 Ariko, n'umuhungu w'incoreke yawe nzomugira igihugu, kuko na we nyene akomoka kuri wewe.» 14 Aburahamu avyuka kare mu gitondo, yakira umukate n'umukuza w'amazi, abihereza Hagari, hanyuma abitereka ku rutugu rwiwe hamwe na wa mwana, aca aramurungika.
Aca aragenda aja kuyerera mu bugaragwa bwa Berisheba. 15 Amazi yari muri wa mukuza amaze guhera, Hagari arambika umwana munsi y'igiti kimwe mu vyari aho. 16 Hanyuma aragenda, yicara ahitanguye, nk'aho umwampi woshika. Yibwira ati: «Simbone umwana ariko aracikana.» Ni ko kwicara ahitanguye, agaturikisha akarira.
17 Imana yumva ijwi rya wa mwana. Intumwa y'Imana iri mw'ijuru ica ihamagara Hagari amubaza ati: «Ni amaki ga Hagari we? Ntutinye, kuko Imana yumvise ijwi ry'uwo mwana aho ari. 18 Haguruka, vyura umwana umufate ukuboko, kuko nzomugira igihugu kinini.» 19 Imana ihumura amaso ya Hagari, aca abona iriba ry'amazi; aragenda, yuzuza amazi wa mukuza, ayaramiza umwana.
20 Imana iba kumwe n'uwo mwana, arakura, agerera mu bugaragwa, atorana umwuga w'uguhigisha umuheto. 21 Agerera mu bugaragwa bwa Parani; nyina wiwe amukwera umugore mu gihugu ca Misiri.

Isezerano rya Aburahamu na Abimereki i Berisheba

22 Muri ico gihe, Abimereki na Pikori, kizigenza w'ingabo ziwe, babwira Aburahamu bati: «Imana muri kumwe mu vyo ukora vyose. 23 Ubu rero, ndahira Imana ngaha nyene ko utazompemukira, jewe, abana banje n'abuzukuru banje; ariko ko uzongirira ubuntu twe n'iki gihugu watsemwo indaro, nk'uko nanje nakugiriye ubuntu.» 24 Aburahamu avuga ati: «Ndabirahiye.»
25 Aburahamu yitwara kuri Abimereki ko abasuku ba Abimereki bamunyaze iriba ry'amazi. 26 Abimereki avuga ati: «Sinzi uwakoze ivyo bintu; na we ntiwari bwigere ubimbwira; uyu musi nyene ni ho ndavyumvise.» 27 Aburahamu afata ibitungwa bitobito na bininibinini, abiha Abimereki, bompi baca bunga isezerano. 28 Aburahamu asobanura amashashi y'intama indwi mu bitungwa bitobito. 29 Abimereki abaza Aburahamu ati: «Ayo mashashi indwi y'intama wasobanuye ni ay'iki?» 30 Yishura ati: «Ni ukugira ngo wakire ayo mashashi indwi y'intama nguhaye, azombera icemezo ko ari jewe nimvye iryo riba.» 31 Ni co gituma ico kibanza bacise Berisheba, kuko ari ho bompi bahaniye indahiro.
32 Ni uko, bungira isezerano i Berisheba. Abimereki na Pikori, kizigenza w'ingabo ziwe, barahaguruka, basubira mu gihugu c'Abafirisiti. 33 Aburahamu atera umumanda i Berisheba, yambarizaho izina ry'Umukama Imana yamaho. 34 Aburahamu amara imyaka myinshi aba mu gihugu c'Abafirisiti.




#Article 109: Ikigabane ca 22 (429 words)


Aburahamu ahereza Imana umuhungu wiwe Izahaki

1 Ivyo biheze, Imana igeza Aburahamu, imubwira iti: «Aburahamu!» Yishura ati: «Ndi hano!» 2 Imubwira iti: «Fata umuhungu wawe, ikinege cawe ukunda Izahaki, ugende mu ntara ya Moriya, ushitseyo umutangeko inkuka kuri umwe mu misozi nzokwereka.»
3 Aburahamu avyuka kare mu gitondo, ategura indogobwe yiwe, afata imisore ibiri n'umuhungu wiwe Izahaki. Asatura inkwi z'uguturira inkuka; arahaguruka, agenda agana aho hantu Imana yari yamurangiye. 4 Ku musi ugira gatatu, Aburahamu araramura amaso, abona nya hantu akiri kure. 5 Aburahamu abwira ya misore ati: «Nimugume ngaha hamwe n'indogobwe, jewe n'uwu muhungu tugende hariya, dupfukame dusenge, duheze tugaruke aho muri.»
6 Aburahamu afata inkwi z'uguturira inkuka, aziremeka Izahaki umuhungu wiwe; na we afata ifumba ry'umuriro n'inkota, bashishikara urugendo bompi. 7 Izahaki abaza se wiwe Aburahamu ati: «Mbega da?» Uwundi yishura ati: «Ndi hano mwananje.» Izahaki avuga ati: «Umuriro ng'uwu, n'inkwi ng'izi; ariko umwagazi w'inkuka wowo uri hehe?» 8 Aburahamu yishura ati: «Imana Yo nyene iritangira umwagazi w'inkuka mwananje.» Babandanya urugendo bompi.
9 Bamaze gushika aho Imana yari yamurangiye, Aburahamu yubakaho uruhimbi, atondeka za nkwi, aboha Izahaki umuhungu wiwe, amushira kuri rwa ruhimbi, hejuru ya za nkwi. 10 Aburahamu aramvura ukuboko, afata inkota ngo asogote umuhungu wiwe.
11 Ariko Umumarayika w'Umukama ahamagara ari mw'ijuru avuga ati: «Aburahamu, Aburahamu!» Na we yishura ati: «Ndi hano!» 12 Umumarayika na we avuga ati: «Ntubangure ukuboko kwawe ku muhungu wawe, kandi ntihagire ico umugira! Ubu ndamenye ko wubaha Imana; ntiwimanye umuhungu wawe, ikinege cawe.» 13 Aburahamu araramura amaso, abona impfizi y'intama ng'iyo, yafatiwe mu gisaka ubw'amahembe. Aburahamu aragenda, afata nya mpfizi y'intama, ayitangako inkuka mu kibanza c'umuhungu wiwe. 14 Aburahamu aca yita ico kibanza Umukama arabona, kandi gushika n'uno musi bahita Ku musozi babonerako Umukama.
15 Umumarayika w'Umukama asubira guhamagara Aburahamu ubwa kabiri ari mw'ijuru; 16 avuga ati: «Ng'iri iriyazwe n'Umukama: ndarahiye, ni jewe nyene, kubera ko waranguye ivyo nakubwiye, ntiwimane umuhungu wawe, ikinege cawe, 17 nzoguhunda imihezagiro, nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n'inyenyeri zo mw'ijuru, n'umusenyi wo ku nkombe z'ikiyaga. Uruvyaro rwawe ruzokwigarurira amarembo y'abansi barwo. 18 Ibihugu vyose vyo kw'isi bizohezagirwa mu ruvyaro rwawe, kuko wanyumviye.»
19 Hanyuma Aburahamu asubira iyo ya misore iri, bava hasi baja i Berisheba. Aburahamu aca aguma i Berisheba.
20 Ivyo biheze, bamenyesha iyi nkuru Aburahamu bati: «Raba na Mireka yavyariye abahungu Nahori mwenewanyu: 21 Hutsi ni imfura yiwe, Buzi akaba murumunawe hamwe na Kemuweri se wa Aramu, 22 na Kesedi, Hazo, Piredashi, Yiderafi na Betuweri. 23 Betuweri na we yavyaye Rebeka.» Ni abo umunani Mireka yavyariye Nahori, mwenewabo na Aburahamu. 24 Yari afise umuhabara yitwa Rehuma. Na we yamuvyayeko Teba, Gahamu, Tahashi na Mahaka.




#Article 110: Ikigabane ca 23 (344 words)


Urupfu rwa Sara

1 Sara yamaze imyaka ijana na mirongo ibiri n'indwi; iyo ni yo myaka y'ubuzima bwa Sara. 2 Sara apfira mu gihugu ca Kanahani, i Kiriyati Areba ari ho Heburoni. Aburahamu aza kugandarira Sara, aramuririra.
3 Hanyuma Aburahamu arahaguruka, ava iruhande y'umupfu wiwe, agenda kubwira bene Heti ati: 4 «Jewe ndi kavantara, nkaba n'umushitsi yatse indaro iwanyu; ndabasavye rero ikibanza aha iwanyu c'ugufubamwo umupfu wanje ntagisubira kubona.» 5 Bene Heti bishura Aburahamu bati: 6 «Twumvirize databuja! Imana yakugize umukuru muri twebwe. Fuba umupfu wawe mu ruhafu ushimye mu z'iwacu. Nta n'umwe muri twebwe yokwima uruhafu rw'ugufubamwo umupfu wawe.»
7 Aburahamu arahaguruka, akubita inkoro hasi imbere ya bene igihugu ari bo bene Heti. 8 Ababwira ati: «Nimwaba munkundiye ko mfuba umupfu wanje ntagisubira kubona, nimunyumvirize, muntakambire kwa Heferoni, mwene Tsohari, 9 ampe isenga ry'ibuye ry'i Makepera, afise ku rubibe rw'umurima wiwe. Ahampe ku giciro c'amahera bikwiranye, kugira ngo ngire itongo ry'abapfuye niganzira aha iwanyu.» 10 Heferoni yari yicaranye na bene Heti. Heferoni Umuheti yishura Aburahamu, bene Heti bumva, hamwe n'abo bose bahora binjira mw'irembo ry'igisagara ciwe, ababwira ati: 11 «Oya databuja, nyumviriza. Umurima ndawukugabiye, isenga ry'ibuye ririmwo ndariguhaye, ndarikugabiye na bene igihugu bumva. Fuba umupfu wawe.»
12 Aburahamu akubita inkoro hasi imbere ya bene igihugu, 13 abwira Heferoni bene igihugu bumva, ati: «Ese wonkundira ukanyumviriza! Ndatanze ikiguzi c'uyu murima, kinyakirire, mpeze mfube umupfu wanje.» 14 Heferoni yishura Aburahamu avuga ati: 15 «Databuja, nyumviriza. Umurima uciye amashekeria amajana ane y'ifeza twowupfa? Nufube umupfu wawe.» 16 Aburahamu yumvikana na Heferoni. Aburahamu apimira Heferoni amafeza bari bavuganye, bene Heti bumva. Yari amashekeri amajana ane y'ifeza, ku giciro c'abadandaza.
17 Uyo murima wa Heferoni uri i Makepera, aharabana na Mamure, umurima n'isenga ry'ibuye ryarimwo, ibiti vyose vyari muri uyo murima gushika aho ugarukira, 18 babishikiriza Aburahamu ngo avyiganzire bene Heti babona, hamwe n'abaca mw'irembo ry'ico gisagara. 19 Ivyo biheze, Aburahamu afuba umugore wiwe Sara mw'isenga ry'ibuye riri mu murima w'i Makepera, aharabana na Mamure; ni ho Heburoni, mu ntara ya Kanahani. 20 Bene Heti bashikiriza Aburahamu uyo murima n'isenga ry'ibuye ryarimwo ngo avyiganzire, agire aho ahamba abapfuye.




#Article 111: Ikigabane ca 24 (1249 words)


Ubugeni bwa Izahaki na Rebeka

1 Aburahamu yari ashaje, ageze mu zabukuru, kandi Umukama yari yamuhezagiye muri vyose. 2 Aburahamu abwira umusuku wiwe, uwasumvya abandi imyaka mu rugo rwiwe kandi yatunganya ivyiwe vyose ati: «Zana ikiganza cawe ugishire munsi y'ikibero canjea, 3 mpeze nkurahize izina ry'Umukama, Imana y'ijuru, Imana y'isi, ko utazosabira umuhungu wanje umugeni mu bakobwa b'Abakanahani tubana. 4 Ariko uragenda mu gihugu canje, mu mavukiro yanje, habe ari ho usabira umugeni umuhungu wanje Izahaki.» 5 Uwo musuku amubwira ati: «Kumbure uwo mugore ntazokunda kunkurikira muri iki gihugu; none nzoca ntegerezwa gusubiza umuhungu wawe mu gihugu waje uvamwo?» 6 Aburahamu avuga ati: «Uririnda gusubizayo umuhungu wanje.» 7 Umukama, Imana y'ijuru yankuye mu nzu ya data no mu gihugu c'amavukiro yanje, yaranganiriye arandahira ati: «Iki gihugu nzogiha uruvyaro rwawe. Ni We rero azorungika Umumarayika wiwe imbere yawe, hariya ni ho azokura umugore w'umuhungu wanje. 8 Uwo mugore natashaka kugukurikira, ntuzoba ugifashwe n'iyo ndahiro nkurahije. Ariko ntuzosubize hariya umuhungu wanje.» 9 Uwo musuku ashira ikiganza munsi y'ikibero ca shebuja Aburahamu, aramurahira kuri ivyo bintu.
10 Nya musuku atora ingamiya icumi mu ngamiya za shebuja, aragenda. Yakira ibintu vyizavyiza vyose mu vyo shebuja yari afise, arahaguruka, agenda i Aramu Naharayimu mu gisagara ca Nahori. 11 Apfukamika za ngamiya inyuma y'igisagara, iruhande y'iriba ry'amazi, mu gihe c'umugoroba, mu gihe abakobwa bazirako kuvoma. 12 Avuga ati: «Mukama, Mana ya databuja Aburahamu, mfasha uno musi mpure n'uwo ndondera, wereke ubuntu bwawe databuja Aburahamu. 13 Ehe mpagaze kw'iriba ry'amazi, na bo abakobwa b'abantu bo mu gisagara bariko baraza kuvoma amazi.
14 Ni uko rero, umwigeme nza kubwira nti: Ndagusavye uhengeke umubindi wawe nywe amazi, akanyishura ati: Nywa, mpeze nce nywesha n'ingamiya zawe, uwo ni we uzoba wageneye umusuku wawe Izahaki. Ni co nza kumenyerako ko weretse ubuntu bwawe databuja.»
15 Ataranaheza kuvuga, Rebeka aca araseruka afise umubindi ku rutugu. Rebeka yavuka kuri Betuweri umuhungu wa Mireka, umugore wa Nahori mwenewabo na Aburahamu. 16 Uwo mwigeme yari aryoheye ijisho cane; yari akiri isugi, nta mugabo yari bwamurongore. Amanuka kw'iriba, yuzuza umubindi wiwe, araduga. 17 Wa musuku yiruka kumutegera, avuga ati: «Ndagusavye umpe mire amazi makeyi kuri uwo mubindi wawe.» 18 Yishura ati: «Nunywe databuja.» Ubwo nyene atura umubindi wiwe awufatira mu minwe, aramuha aranywa. 19 Amaze kumuha akanywa avuga ati: «Hinge nje kuvomera n'ingamiya zawe, zinywe zishire inyota.» 20 Ubwo nyene asuka mu bwato amazi yari mu mubindi, yongera yiruka kw'iriba kuvoma, avomera ingamiya ziwe zose. 21 Uwo mugabo yaguma amushinga ijisho yihoreye, agomba kumenya ko Umukama yamushikanye ku co yarondera, canke ko bitarakunda.
22 Ingamiya zihejeje kunywa, wa mugabo yakira impeta y'inzahabu ifise uburemere bw'ibekab, n'imiringa ibiri ifise uburemere bw'amashekeri icumi y'inzahabu y'ukwambara ku maboko. 23 Amubwira ati: «Ndagusavye umbwire: uri umukobwa wa nde? Turashobora kuronka indaro mu nzu kwa so muri iri joro?» 24 Na we yishura ati: «Ndi umukobwa wa Betuweri, umuhungu Mireka yavyariye Nahori.» 25 Hanyuma amubwira ati: «Iwacu turafise icarire, n'ubwatsi bw'ingamiya bwinshi; kandi n'uburyamo turabufise.» 26 Wa mugabo arapfukama, akubita inkoro hasi imbere y'Umukama; 27 avuga ati: «Nahezagirwe Umukama Imana ya databuja Aburahamu, We atigeze akura ubuntu bwiwe kuri databuja kandi ntiyigere amuhemukira. Umukama yaranyoboye mu rugendo ndashika mu rugo rwa benewabo na databuja.»
28 Wa mwigeme ariruka, ashika mu nzu kwa nyina, yigana ivyo bintu. 29 Rebeka yari afise musazawe yitwa Rabani. Rabani yiruka agana wa mugabo iyo ari hanze kw'iriba. 30 Yabaye akibona impeta n'imiringa ku maboko ya mushikiwe, yumvise na mushikiwe Rebeka avuze ati: «Uko ni ko yambwiye», aca agenda aho uwo mugabo yari ahagaze ari kumwe n'ingamiya hambavu y'iriba. 31 Amubwira ati: «Kaze wewe wahezagiwe n'Umukama. Ni kuki woguma hanze? Natunganije inzu n'ikibanza c'ingamiya nyene.» 32 Wa mugabo arashika mu rugo; Rabani atura ivyo zari zikoreye. Bazisasira icarire, baziha n'ubwatsi; uwo muntu n'abo bangendanye babaha amazi yo kwiyoza ku birenge.
33 Bamuhereza ivyokurya, na we avuga ati: «Sindya ntabanje kuvuga iringenza.» Na bo basubizayo bati: «Yaga.» 34 Avuga ati: «Ndi umusuku wa Aburahamu. 35 Umukama yarahunze imihezagiro databuja, aramusesekariza aba mukuru. Yaramuhaye ibitungwa bitobito na bininibinini, ifeza n'inzahabu, abasuku n'incoreke, ingamiya n'indogobwe. 36 Sara na we, umugore wa databuja, n'aho yari ashaje yaravyariye databuja umuhungu, kandi ni we databuja yaraze ivyiwe vyose. 37 Databuja yarandahije ati: Ntuze usabire umuhungu wanje umugeni mu bakobwa b'Abakanahani, bene iki gihugu ncumbitsemwo. 38 Ariko uzoje mu rugo kwa data; mu muryango wanje ni ho uzokura umugore w'umuhungu wanje. 39 Nabwiye databuja nti: Kumbure uwo mugore ntazonkurikira. 40 Na we yambwiye ati: Umukama nayobotse azokurungikira umumarayika wiwe, atunganye urugendo rwawe. Nawe uheze ucagurire umuhungu wanje umugore mu muryango wanje, mu rugo kwa data. 41 Iyo ndahiro izokuvako niwaja mu muryango wanje. Nibaramuka bamukwimye na ho nyene, iyo ndahiro izokuvako. 42 Uyu musi, nashitse kuri iryo riba, mvuga nti: Mukama, Mana ya databuja Aburahamu, niwaba ushima kunshikana ku co ndondera mu rugendo ndimwo, 43 ehe mpagaze hambavu y'iri riba ry'amazi; umwigeme aza kuvoma nkamubwira nti: Mpa nywe amazi makeyi ku mubindi wawe, 44 na we akanyishura ati: Nunywe wewe, mpeze mvomere n'ingamiya zawe, azoba ari we mugore Umukama yageneye umuhungu wa databuja. 45 Nabaye ntaraheza kuvyibwira mu mutima wanje nza mbona Rebeka araserutse n'umubindi ku rutugu, amanuka kw'iriba, aravoma. Nca ndamubwira nti: Ndagusavye umpe amazi y'ukunywa. 46 Yaciye abanguka, atura umubindi, ambwira ati: Akira unywe, mpeze nyweshe n'ingamiya zawe. Ndanywa, araheza anywesha n'ingamiya zanje. 47 Ndamubaza nti: Uri umukobwa wa nde? Na we yishura ati: Ndi umukobwa wa Betuweri, umuhungu Mireka yavyariye Nahori. Naciye ndamwambika impeta ku mazuru, n'imiringa ku maboko. 48 Ni ho napfukama, ngakubita inkoro hasi imbere y'Umukama, ngahezagira Umukama Imana ya Aburahamu databuja, we yanyoboye mu nzira y'ukuri gushika aho ncagurira umuhungu wiwe umukobwa wa mwenewabo na databuja. 49 Ubu rero, mukaba mwemeye kugirira ubuntu databuja ntimumuhemukire, nimubimbwire. Bitabaye ivyo na ho kandi mubimbwire, mpindukirire iburyo canke ibubamfu.»
50 Rabani na Betuweri bishura bavuga bati: «Ivyo bintu vyamuka ku Mukama, ni co gituma tudashobora kukuvugisha nabi canke neza. 51 Ng'uwo Rebeka ari imbere yawe, mutware ugende aheze abe umugore w'umuhungu wa shobuja, nk'uko Umukama yabivuze.» 52 Umusuku wa Aburahamu yumvise ayo majambo akubita inkoro hasi imbere y'Umukama. 53 Asokorora amashikanwa y'ifeza, amashikanwa y'inzahabu n'impuzu, abihereza Rebeka; ahereza kandi musazawe na nyina ingemu z'agaciro.
54 Bararya, baranywa, we n'abagabo bari kumwe, barara aho. Bavyutse mu gitondo avuga ati: «Nimundeke ntahe kwa databuja.» 55 Musaza w'uwo mukobwa na nyina wiwe bavuga bati: «Nabanze amarane natwe nk'imisi icumi, hanyuma azoheza agende.» 56 Ababwira ati: «Ntimuntevye kandi Umukama yanshikije ku co ndondera mu rugendo rwanje; nimundungike ntahe, ngende kwa databuja.» 57 Bavuga bati: «Hinge duhamagare wa mwigeme, twumve irimuva mu kanwa.»
58 Bahamagara Rebeka, bamubaza bati: «Urashaka kujana n'uwo mugabo?» Avuga ati: «Ego ndagenda.» 59 Bararungika mushiki wabo Rebeka, n'uwahora ashinzwe kumurera, hamwe na wa musuku wa Aburahamu, n'abantu biwe. 60 Bahezagira Rebeka bavuga bati:

gushika ku bihumbi n'ibihumbi;
uruvyaro rwawe ruze rwigarurire
amarembo y'abansi barwo.»
61 Rebeka arahaguruka n'incoreke ziwe; burira ku ngamiya, bakurikira wa muntu. Wa musuku ahitana Rebeka, aragenda.
62 Ku mugoroba, Izahaki arataha avuye kw'iriba ryitwa Rahayiroyic. Na we muri ico gihe yaba mu ntara ya Negebu, 63 akaba yari agiye kuyebayeba mu mirima harya ku kagoroba. Araramuye amaso, abona ingamiya ziriko ziraza. 64 Rebeka na we ngo araramure amaso, abona Izahaki, aca ava ku ngamiya asimbira hasi. 65 Abaza wa musuku ati: «Uriya mugabo ariko aratembera mu mirima tugira duhure ni nde?» Uwo musuku avuga ati: «Ni databuja.» Rebeka aca afata umwitwikiro wiwe aripfuka.
66 Umusuku yiganira Izahaki ivyo yari yagize vyose. 67 Izahaki yinjiza Rebeka mw'ihema risigwa na nyina wiwe Sara, aramwabira, na we aba umugore wiwe, aramukunda; gutyo Izahaki akira intuntu yari yatewe n'ukubura nyina wiwe.




#Article 112: Ikigabane ca 25 (546 words)


Urupfu rwa Aburahamu

1 Aburahamu yabira uwundi mugore yitwa Ketura. 2 Amuvyarira Zimerani, Yokeshani, Medani, Madiyani, Yishebaki na Shuwa. 3 Yokeshani avyara Sheba na Dedani. Bene Dedani ni Abashuri, Abaretushi n'Abarehumi. 4 Bene Madiyani na bo ni Hefa, Heferi, Hanoki, Abida na Eredaha. Abo bose ni bene Ketura.
5 Aburahamu yahaye itunga ryiwe ryose Izahaki. 6 Ariko abahungu Aburahamu yari yavyaye ku bahabara, Aburahamu arabagabira gusa, araheza, akiriho, abarungika amaja mu buseruko mu ntara yo mu buseruko, kure y'umuhungu wiwe Izahaki.
7 Ng'iki igitigiri c'imyaka Aburahamu yamaze: ijana na mirongo indwi n'itanu. 8 Hanyuma Aburahamu aracikana, apfa ashaje neza, ari umutama kandi ahiriwe, ahamvya abiwe. 9 Abahungu biwe, Izahaki na Yishemaheri, bamufuba mw'isenga ry'ibuye ry'i Makepera, mw'itongo rya Heferoni mwene Tsohari Umuheti, aharabana na Mamure, 10 itongo Aburahamu yari yaguze na bene Heti; ni ryo bafuvyemwo Aburahamu na Sara umugore wiwe. 11 Aburahamu amaze gupfa, Imana irahezagira umuhungu wiwe Izahaki. Izahaki aba iruhande y'iriba rya Rahayiroyi.

Yishemaheri n'uruvyaro rwiwe

12 Ng'uru uruvyaro rwa Yishemaheri, umuhungu wa Aburahamu, umwe Hagari umunyamisiri, incoreke ya Sara, yavyarira Aburahamu. 13 Ng'aya amazina ya bene Yishemaheri hakurikijwe amazina yabo n'imvyaro zabo: Nebayoti, imfura ya Yishemaheri, Kedari, Adibeyeri, Mibesamu, 14 Mishema, Duma, Masa, 15 Hadadi, Tema, Yeturi, Nafishi na Kedema. 16 Abo ni bo bene Yishemaheri, kandi ayo ni yo mazina yabo, mu bisata vyabo no mu miryango yabo. Bari bafise abatware icumi na babiri nk'uko imiryango yabo yangana.
17 Ng'iyi imyaka Yishemaheri yamaze: ijana na mirongo itatu n'indwi. Araheza arapfa, ahamvya abiwe. 18 Bagerera kuva i Havira gushika i Shuri iri imbere ya Misiri nk'amaja mu Bwashuri. Yishemaheri yari yagerereye aharabana no kwa benewabo bose.

Ezawu na Yakobo

19 Ng'uru uruvyaro rwa Izahaki, mwene Aburahamu. Aburahamu yavyaye Izahaki. 20 Izahaki yari amaze imyaka mirongo ine aho yarongora Rebeka, umukobwa wa Betuweri Umwaramu w'i Padani Aramu, akaba na mushiki wa Rabani Umwaramu. 21 Izahaki atakambira Umukama, asabira umugore wiwe kuko yari intavyara. Umukama aramwumvira, maze umugore wiwe Rebeka arasama inda. 22 Abana baza baragundana mu mbanyi, avuga ati: «Ibi binshikiye ni ibiki?» Ni ko kuja kubaza Umukama. 23 Umukama amubwira ati: «Utwaye ibihugu bibiri mu mbanyi yawe; imiryango ibiri izotandukana ikiva mu mbanyi yawe. Umwe uzorusha ubukomezi uwundi, kandi umukuru azokorera umutoyi.»
24 Igihe c'uko yibaruka kigeze, basanga yari yibungenze amahasa. 25 Uwaje ubwa mbere yasa n'inginagina, ameze wese nk'uwambaye impuzu y'ubwoya; bamwita Ezawu. 26 Hanyuma hakurikira murumunawe, aza ikiganza ciwe gifashe igitsintsiri ca Ezawu; bamwita Yakobo. Igihe bavuka, Izahaki yari amaze imyaka mirongo itandatu.
27 Ni uko, abo bahungu barakura, Ezawu aba umuhigi w'akaruhariwe, yirirwa mw'ishamba. Yakobo na we yari umuntu agumye hamwe, yigumira mu mahema. 28 Izahaki yakunda Ezawu kubera ko yanurirwa n'inyama yamuzanira; Rebeka na we yakunda Yakobo.
29 Umusi umwe, Yakobo yariko arashigisha umusururu; hanyuma Ezawu aratahuka avuye mw'ishamba, aza yarushe. 30 Ezawu abwira Yakobo ati: «Ndagusavye umpe utwo ntamira kuri birya watukuje bigasa n'inginagina, kuko numva natamye.» Ni co catumye Ezawu yitwa Edomua. 31 Hanyuma Yakobo avuga ati: «Emera ugurishe ubu nyene iteka ryawe ry'ukuba imfura.» 32 Ezawu avuga ati: «Ehe n'ubundi ngira mpfe! Iteka ryanje ry'ukuba imfura rimariye iki?» 33 Yakobo na we avuga ati: «Bindahire ubu nyene.» Arabimurahira atako agurisha kuri Yakobo iteka ryiwe ry'ukuba imfura. 34 Hanyuma Yakobo amuha umukate n'umusururu w'inkore. Ararya, aranywa, aca arahaguruka aragenda. Ezawu atitura atyo iteka ryiwe ry'ukuba imfura.




#Article 113: Ikigabane ca 26 (622 words)


UBUZIMA BWA IZAHAKI

Izahaki kwa Abimereki

1 Hongera gutera inzara mu gihugu mu nyuma y'iyaheruka gutera mu gihe ca Aburahamu. Izahaki agenda i Gerari kwa Abimereki, umwami w'Abafirisiti. 2 Umukama aramubonekera, amubwira ati: «Ntumanuke mu Misiri; uraguma mu gihugu nzokurangira. 3 Guma muri iki gihugu, nanje nzoba ndi kumwe nawe, ngireko ndaguhezagire. Nkako, wewe n'uruvyaro rwawe, nzobagabira izi ntara zose, kandi nzozigama indahiro narahiye so wawe Aburahamua. 4 Nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n'inyenyeri zo kw'ijuru, kandi nzorugabira izi ntara zose; amakungu yose yo kw'isi azohezagirwa mu ruvyaro rwawe, 5 kuko Aburahamu yumvirije ijwi ryanje, akongera akubahiriza imigenzo nashinze, amabwirizwa yanje, amateka yanje n'amategeko yanje.» 6 Izahaki agerera i Gerari.
7 Abantu b'aho hantu bamubaza ivyerekeye umugore wiwe. Abishura ati: «Ni mushikanje.» Yatinye kuvuga ko ari umugore wiwe, yibwira ati: «Abantu b'iyi ntara bonyica, banziza Rebeka, kuko aryoheye ijisho.» 8 Izahaki amazeyo imisi, Abimereki umwami w'Abafirisiti arungurukira mw'idirisha, abona Izahaki ariko arakuyakuya Rebeka umugore wiwe. 9 Abimereki atumako Izahaki amubwira ati: «Nta nkeka, ni umugore wawe. Ni kuki wavuze uti: Ni mushikanje?» Izahaki amwishura ati: «Ni uko nibwiye nti: Simpfe nzira we.» 10 Abimereki avuga ati: «Ivyo watugize ni ibiki? Habuze gato umwe wo muri iki gihugu akaryamana n'umugore wawe! Wari kuba utwambitse ibara!» 11 Abimereki aca aha itegeko abantu bose ati: «Uwuzokora kuri uwu mugabo canke ku mugore wiwe, azopfa nta kabuza.»
12 Izahaki arabiba muri ico gihugu, uyo mwaka yimbura ijana kw'ijana; Umukama aramuhezagira. 13 Araba umuntu ahambaye; ashishikara gutera imbere gushika n'aho aba mukuru cane. 14 Yari atunze ubusho bw'ibitungwa bitobito n'ibitungwa bininibinini, afise abasuku benshi n'incoreke nyinshi. Abafirisiti bamugirira ishari.

Izahaki na Abimereki bunga isezerano

15 Abafirisiti bazibira amariba yose abasuku ba se wiwe Aburahamu bari barimvye mu gihe yari akiriho, bayuzuza ivu. 16 Abimereki abwira Izahaki ati: «Tuvireho, kuko usigaye uturusha ubukomezi.» 17 Izahaki ava ngaho, aja gucumbika mu kabande k'i Gerari, yiberaho. 18 Izahaki asubira gufurura ya mariba y'amazi bari barimvye Aburahamu akiriho, akaba yari yafuriwe n'Abafirisiti Aburahamu amaze gupfa. Ayita amazina nk'ayo se wiwe yari yarayise.
19 Abasuku ba Izahaki bimba muri ako kabande, buburayo iriba ry'amazi adudubiza. 20 Abungere b'i Gerari baja mu vyo guhazuka n'abungere ba Izahaki, bababwira bati: «Ayo mazi ni ayacu.» Iryo riba aca aryita Eseki, kuko rivyuye amahane. 21 Bimba irindi riba, ariko na ryo nyene bararihazanira; aca aryita Sitena. 22 Arunguruza, aja kwimba irindi riba, ryo ntiryavyura amahane; aryita Rehoboti yibwira ati: «Noneho Umukama yadushize ahagutse, tuzororanirwa muri kino gihugu.»
23 Ava ngaho, aduga i Berisheba. 24 Umukama aramubonekera muri iryo joro, amubwira ati:

ntutinye, kuko ndi kumwe na we.
Nzoguhezagira, ngwize uruvyaro rwawe
kubera umusavyi wanje Aburahamu.»
25 Izahaki yubaka uruhimbi aho nyene, yambaza izina ry'Umukama. Aca ahashinga ihema, abasuku biwe na bo bahimba iriba.
26 Abimereki agenda iyo Izahaki ari, avuye i Gerari, ajana na Ahuzati umujenama wiwe, na Pikori kizigenza w'ingabo ziwe. 27 Izahaki ababwira ati: «Muzanywe iwanje n'amaki kandi munyanka, mukaba mwarantujije iwanyu?» 28 Bishura bati: «Twaravyihweje, tubona ko Umukama ari kumwe na we, ni ko kwibwira tuti: Nihabe indahiro hagati yawe natwe, hagati y'abawe n'abacu, twunge isezerano na we. 29 Nuturahire ko utazotugirira inabi, nk'uko na twebwe tutagukozeko. Na kare twamye tukugirira ineza gusa kandi twakurungitse amahoro. Ubu wewe urahezagiwe n'Umukama.» 30 Izahaki arabagirira umusi mukuru, arabazimana, bararya, baranywa.
31 Bavyuka kare mu gitondo, umwe wese asezerana na mugenziwe, ashirako n'indahiro. Izahaki arabarungika, bava iwe mu mahoro. 32 Kuri uyo musi nyene, abasuku ba Izahaki baza kumwiganira inkuru y'iriba bariko barimba. Bamubwira bati: «Twubuye amazi.» 33 Iryo riba aryita Shibeya. Ni co gituma n'uyu musi igisagara c'aho hantu citwa Berisheba.

EZAWU NA YAKOBO

Ubugeni bwa Ezawu

34 Ezawu yari afise imyaka mirongo ine aho yabira Yudita umukobwa wa Beyeri Umuheti, na Basemati, umukobwa wa Eroni Umuheti; 35 abo bagore batuntuza umutima wa Izahaki na Rebeka.




#Article 114: Ikigabane ca 27 (831 words)


Yakobo atwara umuhezagiro mukuruwe Ezawu

1 Izahaki arasaza, amaso arahuma, ku buryo atari akibona. Ahamagara Ezawu umuhungu wiwe mukuru amubwira ati: «Muhungu wanje!» Na we yishura ati: «Ndi hano.» 2 Amubwira ati: «Urabona ko nshaje kandi ntazi umusi nzopfirako. 3 Ubu rero, hitana ibikoresho vyawe vy'uguhiga, umutana wawe n'umuheto wawe, ukwire ishamba, umpigire akanyama. 4 Uraheza untegurire imfungurwa nk'uko nsanzwe ndazikunda, uzinzanire ndye, kugira ngo ndaguhezagire ntarapfa.» 5 Akaba Rebeka yariko arumviriza igihe Izahaki yabibwira umuhungu wiwe Ezawu. Ezawu yihereza ishamba guhiga ngo azane akanyama.
6 Rebeka abwira umuhungu wiwe Yakobo ati: «Numvise so wawe abwira mwenewanyu ati: 7 Uranzanira akanyama, untegurire imfungurwa ziryoshe, ndye, mpeze ndaguhezagire mu maso y'Umukama imbere y'uko mpfa. 8 Ubu rero mwananje, nyumviriza, kandi ukore ico ndagutegetse. 9 Genda mu bitungwa bitobito, unzaniremwo utwagazi tubiri nyatwo tw'impene, ntegure imfungurwa ziryoshe nk'uko so wawe avyipfuza. 10 Uraheza uhereze so wawe, afungure, kugira ngo aguhezagire imbere y'uko apfa.»
11 Yakobo abwira nyina wiwe Rebeka ati: «Ehe, Ezawu mwenewacu ni umugabo yuzuye ubwoya ku mubiri wose, nanje nkaba ata bwo mfise. 12 Hari n'aho data yohava ankabakaba hanyuma akanyita umwangushi, nkaba nikwegeye umuvumo aho noronse umuhezagiro.» 13 Nyina amubwira ati: «Muhungu wanje, umuvumo wovumwe urafata jewe. Wewe nyumvira gusa; genda unzanire ivyo nagutumye.» 14 Aragenda, afata nya twagazi, atuzanira nyina. Nyina ategura imfungurwa ziryoshe nk'uko se wa Yakobo yazikunda. 15 Hanyuma Rebeka afata impuzu za Ezawu umuhungu wiwe mukuru, atoramwo nzizanziza mu zari mu nzu, azambika Yakobo umuhungu wiwe mutoyi. 16 Amwambika ku bikonjo no kw'izosi insato za twa twagazi. 17 Afata za mfungurwa ziryoshe n'umukate yacumvye, ashira mu minwe y'umuhungu wiwe Yakobo.
18 Yakobo aca yinjira kwa se avuga ati: «Dawe.» Na we yishura ati: «Ndi hano. Mbega uri nde ga mwananje?» 19 Yakobo abwira se wiwe ati: «Ndi Ezawu imfura yawe; natunganije ivyo wantumye. Ndagusavye uvyuke wicare, wihereze akanyama k'uruhigi rwanje, hanyuma umpezagire.» 20 Izahaki abwira umuhungu wiwe ati: «Bite ko waronse ningoga ga mwananje?» Ati: «Ni uko Umukama Imana yawe yangiye imbere nca ndaronka.» 21 Izahaki abwira Yakobo ati: «Nyegera rero mwananje ndagukabakabe, menye ko uri umuhungu wanje Ezawu, canke ko utari we.»
22 Yakobo aregera se wiwe Izahaki, na we aramukabakaba, avuga ati: «Ijwi ni irya Yakobo, ariko ibiganza ni ivya Ezawu.» 23 Ntiyamumenya kuko ibiganza vyiwe vyariko ubwoya nk'ibiganza vya mwenewabo Ezawu; ni ko kumuhezagira. 24 Amubaza ati: «Ubwo ni wewe umuhungu wanje Ezawu?» Yishura ati: «Ni jewe nyene.» 25 Amubwira ati: «Binyegereze, ndye akanyama k'uruhigi rw'umuhungu wanje, kugira ngo umutima wanje uguhezagire.» Arabimwegereza, na we arafungura, hanyuma amuzanira n'umuvinyu aranywa. 26 Ni ho rero se wiwe Izahaki yamubwira ati: «Egera rero mwananje ungwe mu nda.» 27 Aregera, aramugwa mu nda. Izahaki yumva akamoto k'impuzu ziwe aramuhezagira, avuga ati:

kameze nk'akamoto k'ishamba
ryahezagiwe n'Umukama.
28 Imana niguhe
urume ruvuye mw'ijuru,
indimo zabongeye,
ingano n'umuvinyu vyinshi cane.
29 Ibihugu biragukorera,
amakungu agupfukamire.
Uraba mukuru wa benewanyu,
bene nyoko bagupfukamire.
Uwuzokuvuma arakavumwa,
na we uwuzoguhezagira aragahezagirwa.»
30 Izahaki yabaye agiheza guhezagira Yakobo, Yakobo na we agisohoka ava kwa se Izahaki, mwenewabo Ezawu aba arashitse avuye guhiga. 31 Ezawu na we kandi aca ategura imfungurwa ziryoshe, azihereza se wiwe. Abwira se wiwe ati: «Data navyuke, afungure akanyama k'uruhigi rw'umuhungu wiwe, hanyuma ampezagire.» 32 Se wiwe Izahaki abaza ati: «Uri nde?» Yishura ati: «Ndi Ezawu, umuhungu wawe, imfura yawe.» 33 Izahaki aca ahinda agashitsi cane, avuga ati: «None ni nde yamye guhiga, akanzanira akanyama? Namaze kurya ku vyo yampaye vyose utarashika. Namuhezagiye, kandi ni vyo azohezagirwa.» 34 Ezawu yumvise ayo majambo ya se yiha akamo, agahinda karamwuzura, abwira se ati: «Ewe dawe, mpezagira nanje!» 35 Izahaki avuga ati: «Murumuna we yaje arampenda, agutwara umuhezagiro.» 36 Ezawu avuga ati: «Anyage kabiri kose ngo ni uko yitwa Yakobo? Ubwa mbere yantwaye iteka ryanje ry'ukuba imfura, ehe ubu na ho antwaye umuhezagiro.» Hanyuma avuga ati: «None nta muhezagiro namba wambikiye?» 37 Izahaki arishura, abwira Ezawu ati: «Namaze kumugira umukuru kuri wewe, namuhaye benewabo bose ngo bamukorere. Namugabiye ingano n'umuvinyu. None igisigaye nokugirira ni iki ga mwananje?» 38 Ezawu abwira se ati: «None ufise umuhezagiro umwe gusa ga dawe? Mpezagira nanje dawe.» Ezawu aca araturikisha ararira. 39 Se wiwe Izahaki arishura avuga ati:

kure y'urume rukoroka ruva kw'ijuru.
40 Uzobeshwaho n'inkota yawe,
ariko uzoba umusuku wa mwenewanyu.
Hazogera igihe wigobotore, wikureko gutyo umutwaro yakuremetse ku gakanu.»

Yakobo ahungira kwa Rabani

41 Ezawu ahera aho yanka mwenewabo Yakobo kubera uwo muhezagiro se yamuhaye. Ezawu yibwira mu mutima ati: «Igihe c'ukugandarira data kiregereje, nzobone kwica mwenewacu Yakobo.» 42 Baburira Rebeka amajambo ya Ezawu umuhungu wiwe mukuru. Na we atumako Yakobo umuhungu wiwe mutoyi amubwira ati: «Ehe mwenewanyu Ezawu ashaka kukwihora akwice. 43 Ubu rero mwananje, nyumviriza! Haguruka, uhungire kwa musazanje Rabani i Harani. 44 Uzobe urabana na we imisi, gushika ishavu rya mwenewanyu ritururuye, 45 gushika inzigo agufitiye imaze gucureha, amaze kwibagira ikibi wamugiriye. Nzoheza ntume uwuza kugukurayo. Ni kuki mwempi nobaburira umusi umwe?»
46 Rebeka abwira Izahaki ati: «Jewe naduhiwe n'ubuzima kubera abo bakobwa ba Heti. Yakobo niyabira umugore mu bakobwa ba Heti, uwuvuka muri iki gihugu ameze nk'abo, vyoba bimariye iki kubaho?»




#Article 115: Ikigabane ca 28 (401 words)


1 Izahaki ahamagara Yakobo aramuhezagira. Amuha itegeko, amubwira ati: «Ntuze wabire umugore mu bakobwa b'i Kanahani. 2 Haguruka, ugende i Padani Aramu, mu rugo kwa sokuru wawe Betuweri, habe ari ho ukura umugore mu bakobwa ba nyokorome Rabani. 3 Imana Mushoboravyose niguhezagire, iguhe gusasagara n'ukugwira, kugira ngo ube ikoraniro ry'ibihugu! 4 Niguhe umuhezagiro yahaye Aburahamu, wewe n'uruvyaro rwawe, kugira ngo wiganzire igihugu wabayemwo inyambukira, ca gihugu Imana yagabira Aburahamu.» 5 Izahaki arungika Yakobo, na we agenda i Padani Aramu kwa Rabani mwene Betuweri Umwaramu, musaza wa Rebeka, nyina wa Yakobo na Ezawu.
6 Ezawu arabona ko Izahaki yahezagiye Yakobo, kandi ko amurungitse i Padani Aramu ngo abe ari ho azokura umugore, ko mu kumuhezagira amuhaye n'itegeko ati: «Ntuze wabire umugore mu bakobwa b'i Kanahani.» 7 Yakobo rero arumvira se na nyina, agenda i Padani Aramu. 8 Aho Ezawu aboneye ko abakobwa b'i Kanahani badahimbara se wiwe Izahaki, 9 yaciye agenda kwa Yishemaheri, asabayo Maharati umukobwa wa Yishemaheri mwene Aburahamu, mushiki wa Nebayoti, amwongera ku bagore yari asanganywe, ngo abe umugore wiwe.

Indoto za Yakobo

10 Yakobo ava i Berisheba agenda i Harani. 11 Ashika ahantu araraho kuko izuba ryari rirenze. Yakira rimwe mu mabuye y'aho hantu, araryiseguza, yiryamiraho. 12 Ararota, abona ingazi ishinze hasi, maze umutwe wayo ugakora kw'ijuru; abona kandi abamarayika b'Imana bayidugako, bongera bayururukako. 13 Ng'uwo Umukama ahagaze hejuru yayo, amubwira ati: «Ndi Umukama Imana ya Aburahamu so wawe, n'Imana ya Izahaki. Iyi si uryamyeko nzoyiguha, wewe n'uruvyaro rwawea. 14 Uruvyaro rwawe ruzongana n'umukungugu wo kw'isi. Uzosagarara mu burengero, mu buseruko, mu buraruko no mu bumanuko. Imiryango yose yo kw'isi izohezagirwa muri wewe no mu ruvyaro rwawe. 15 Ehe jewe ndi kumwe na we, kandi nzokuzigama aho uzoja hose, nongere ndakugarukane muri iyi ntara. Nkako, sinzoguheba gushika ndangure ivyo nakuraganiye.» 16 Yakobo avuye mw'itiro, avuga ati: «Ni ivy'ukuri, Umukama ari muri iki kibanza, nanje sinabimenye!» 17 Agira ubwoba, avuga ati: «Aha hantu ni aho ugutinya. Nta n'ikindi, ni Ingoro y'Imana; ni irembo ry'ijuru.» 18 Yakobo avyuka kare mu gitondo, atora rya buye yari yiseguje, arishinga bwa nkingi, asuka amavuta kw'isonga ryaryo. 19 Aho hantu aca ahita Beteri; ariko ubwa mbere ico gisagara citwa Ruzi.
20 Yakobo aca agira indagano avuga ati: «Imana niyagumana nanje, ikanzigama muri uru rugendo ndimwo, niyampa ico ndya n'impuzu nambara, 21 ninagaruka amahoro kwa data, Umukama azoca aba Imana yanje; 22 n'iri buye nashinze bukingi rizoba Ingoro y'Imana, kandi mu vyo uzompa vyose, nzogushikanira ic'icumib.»




#Article 116: Ikigabane ca 29 (594 words)


Yakobo ahura na Rakeri

1 Yakobo arahaguruka, agenda mu gihugu ca bene Kedemu. 2 Araraba, abona iriba muri ako karere. Hariho imigwi itatu y'ibitungwa bitobito biryamye hambavu y'iryo riba, kuko ari ho vyashokera. Iryo riba ryari ripfundikijwe ibuye rinini. 3 Bahengera ubusho bwose bumaze gutororokana, bagatembagaza iryo buye ripfundikiye iriba, bagaheza bagashora ibitungwa; bihejeje kunywa bagaca basubira gupfundikira rya riba. 4 Yakobo arababaza ati: «Bavukanyi, mbega muri aba hehe?» Bavuga bati: «Turi abo i Harani.» 5 Ababaza ati: «None mwoba muzi Rabani mwene Nahori?» Bishura bati: «Turamuzi.» 6 Arababaza ati: «None arakomeye?» Bishura bati: «Arakomeye; mbere ng'urya n'umukobwa wiwe Rakeri azanye ibitungwa bitobito.» 7 Asubizayo ati: «Ehe haracari kare, ntiharagera ko mwegeranya ibitungwa bininibinini, nimushore ibitobito muheze muje kuba muraragiye.» 8 Bamusubiza bati: «Ntitubishobora igihe ubusho bwose butaratororokana, kuko ni ho baheza bagatembagaza ibuye, bakarikura kw'iriba, tukabona gushora ibitungwa bitobito.»
9 Yari akivugana na bo igihe Rakeri yashika azanye ibitungwa bitobito vya se, kuko yari umwungere. 10 Yakobo yabaye akibona Rakeri umukobwa wa inarume Rabani, be n'ubusho bwa inarume Rabani, yegera iriba, atembagaza rya buye ryari ripfundikiye iriba, ashora ibitungwa bitobito vya inarume Rabani. 11 Yakobo agwa mu nda Rakeri, aca araturikisha ararira. 12 Yakobo amenyesha Rakeri ko ari mwenewaboa na se wiwe, kandi ko ari umuhungu wa Rebeka. Na we aca yiruka kubibwira se. 13 Rabani yumvise inkuru ya mwishwawe Yakobo, yiruka kumusanganira, amugwa mu nda, aramusoma, araheza amujana i muhira iwe; Yakobo yiganira Rabani ivyo bintu vyose. 14 Hanyuma Rabani amubwira ati: «Ni ivy'ukuri, uri igufa ryanje, uri umubiri wanje.» Yakobo agumana na we ukwezi kwose.

Ubugeni bwa Yakobo

15 Rabani abwira Yakobo ati: «None, ngo ni uko uri mwenewacu uzonkorera ku busa? Mbwira ico nzoguhemba.» 16 Rabani yari afise abakobwa babiri. Umukuru yitwa Reya, umutoyi na we akitwa Rakeri. 17 Reya ntiyari akeye mu maso, Rakeri na we yari afise imero ihimbaye, aryoheye ijisho. 18 Yakobo agomwa Rakeri. Avuga ati: «Nzogukorera imyaka indwi umpe Rakeri, umwigeme wawe mutoyi.» 19 Rabani avuga ati: «Vyoba vyiza ndamuhaye wewe hako ndamuha uwundi mugabo; gumana nanje rero.»
20 Yakobo akora imyaka indwi ngo ace Rakeri, ayibonamwo imisi mikeyi kuko yamukunda cane. 21 Yakobo abwira Rabani ati: «Mpa umugore wanje, ndamurongore, kuko igihe twasezeranye kirageze.» 22 Rabani akoranya abantu bose b'aho hantu, abagirira umusi mukuru, arabazimana. 23 Ahengera ku mugoroba, afata umwigeme wiwe Reya amuzanira Yakobo, na we aramurongora. 24 Rabani atanga incoreke yiwe Zirepa, ayiha umukobwa wiwe Reya ngo imukorere. 25 Bukeye mu gitondo, Yakobo abona ni Reya aratangara. Abwira Rabani ati: «Wangiriye ibiki? Sinari nagukoreye ngo umpe Rakeri? None ni kuki wampenze?» 26 Rabani avuga ati: «Aha iwacu ntidutanga umutoyi ngo ace ku mukuru, ivyo ntibigirwa. 27 Banza umarane indwi n'uwo, tuzoheza tuguhe n'uwo wundi, hanyuma uzonkorere iyindi myaka indwi.» 28 Yakobo abigenza gutyo. Araheza amara indwi mu nkinga ari kumwe na Reya, hanyuma Rabani amushingira Rakeri umukobwa wiwe. 29 Rabani aha Rakeri umukobwa wiwe incoreke yiwe Bireha ngo imukorere. 30 Yakobo arongora na Rakeri, aba ari we akunda gusumba Reya. Yongera gukorera Rabani iyindi myaka indwi.

Abana ba Yakobo

31 Umukama abona ko Reya adakundwa, aramurondora, Rakeri na we aragumbaha. 32 Reya arasama inda, avyara umuhungu, amwita Rubeni kuko yibwira ati: «Umukama yabonye ukuntu nkengerwa, noneho ubu umugabo wanje agiye kunkunda.» 33 Asama iyindi nda, avyara umuhungu, avuga ati: «Koko, Umukama yarumvise ko nankwa, none aranyongeye uwu na we.» Araheza amwita Simeho. 34 Yongera gusama iyindi nda, avyara umuhungu, avuga ati: «Ubu hoho umugabo wanje azonkundwakaza kuko ndamuvyariye abahungu batatu». Kubera ico, amwita Revi. 35 Yongera gusama iyindi nda, avyara umuhungu, avuga ati: «Ubu nzohayagiza Umukama», araheza amwita Yuda. Aca aba arareka kuvyara.




#Article 117: Ikigabane ca 30 (714 words)


1 Rakeri abonye ko atavyariye Yakobo, agirira ishari mukuruwe; araheza abwira Yakobo ati: «Mpa abahungu, ahandiho ngiye gupfa.» 2 Yakobo ashavurira Rakeri, amubwira ati: «Mbega jewe mbaye mu kibanza c'Imana, Yo itahaye inda yawe uruvyaro?» 3 Rakeri avuga ati: «Ng'iyo incoreke yanje Bireha, ryamana na we aheze avyarire ku bibero vyanje, nanje nzoronke uruvyaro kubera we.» 4 Amuha rero incoreke yiwe Bireha ngo imubere umugore, Yakobo aryamana na we. 5 Hanyuma Bireha asama inda, avyarira Yakobo umuhungu. 6 Rakeri avuga ati: «Imana yantunganirije kandi yumvise ijwi ryanje irampa umuhungu». Kubera ico, amwita Dani. 7 Bireha, incoreke ya Rakeri, asama iyindi nda, avyarira Yakobo umuhungu agira kabiri. 8 Rakeri avuga ati: «Narwanye na mukurwanje indwano z'Imana, ngirako ndamutsinda». Aca amwita Nefutari.

9 Reya abonye ko atakivyara, afata incoreke yiwe Zirepa ayiha Yakobo ngo imubere umugore. 10 Zirepa, incoreke ya Reya, avyarira Yakobo umuhungu. 11 Reya avuga ati: «Ndaronse umugisha», aca amwita Gadi. 12 Zirepa, incoreke ya Reya, avyarira Yakobo umuhungu agira kabiri. 13 Reya avuga ati: «Mbega amahirwe ngize! Nkako, abandi bigeme bazonyita muhirwe!», aca amwita Asheri.

14 Mu gihe c'ukwimbura ingano, Rubeni aragenda, yaha umukundanya mw'ishamba, araheza awuzanira nyina wiwe Reya. Rakeri abwira Reya ati: «Ndagusavye ungabanirize kuri uwo mukundanya w'umuhungu wawe.» 15 Reya amusubiza ati: «Wagize kunca ku mugabo, none untware n'umukundanya w'umuhungu wanje?» Rakeri avuga ati: «Yakobo nakurarire muri iri joro, nawe umpe uwo mukundanya w'umuhungu wawe.» 16 Ku mugoroba, Yakobo arashika avuye mu mirima, Reya arasohoka aja kumusanganira amubwira ati: «Uyu musi utaha iwanje, kuko nagwatirije umukundanya w'umuhungu wanje kugira ngo ndakuronke.» Araheza iryo joro aryamana na we. 17 Imana irumvira Reya, asama inda, avyarira Yakobo umuhungu agira gatanu. 18 Reya avuga ati: «Imana irampemvye kuko nahaye umugabo wanje incoreke yanje», aca amwita Isakari. 19 Reya asubira gusama inda, avyarira Yakobo umuhungu agira gatandatu. 20 Reya avuga ati: «Imana yampaye ingabirano nyayo! Ubu noneho umugabo wanje agiye kuzobana nanje, kuko ndamuvyariye abahungu batandatu», aca amwita Zaburoni. 21 Mu nyuma avyara umukobwa, amwita Dina.

22 Imana iribuka Rakeri, Imana iramwumvira, izibura inda yiwe. 23 Arasama inda, avyara umuhungu, avuga ati: «Imana iranteturuye!» 24 Amwita Yozefu, yibwira ati: «Ese Umukama yonyuhirira uwundi muhungu!»

Yakobo atungira kwa Rabani

25 Rakeri amaze kuvyara Yozefu, Yakobo abwira Rabani ati: «Ndekura ngende, ntahe iwanje mu gihugu canje. 26 Mpa abagore banje n'abana banje nakoreye, mpeze nigire. Urazi ibikorwa nagukoreye.» 27 Rabani amubwira ati: «Ndagusavye! Ese nogira iteka mu maso yawea! Narahishuriwe ko Umukama yampezagiye kubera wewe.» 28 Yongera avuga ati: «Mbwira impembo yawe nzoyiguha.» 29 Amubwira ati: «Urazi ukuntu nagukoreye, n'ukuntu ubusho bwawe bwabaye kubera jewe. 30 Ntaraza, itunga ryawe ryari rikeyi. Ariko maze gushika ryaciye rigwira riba ryinshi, n'Umukama araguhezagira. None nk'ubu nzokorera urugo rwanje ryari?» 31 Rabani avuga ati: «None nzoguha iki?» Yakobo yishura ati: «Nta co uzompa. Niwangirira ico ngira ndakubwire, nzosubira kukuragirira n'ukukurabira ibitungwa vyawe.

32 Uno musi ndagendura ibitungwa vyawe vyose, nisobanuriremwo umwagazi wose w'utudorodonzi canke w'utudomagu, intama yose ivyara mu ntama zose, impene yose ifise utudorodonzi canke utudomagu, iyo ni yo izoba impembo yanje. 33 Ubutungane bwanje buzokwibonekeza ejo, niwaza ukabona impembo yanje imbere yawe. Iyitazoba iriko utudorodonzi canke utudomagu mu mpene, iyitari iy'umugina mu ntama, izoba ari iyo nivye.» 34 Rabani avuga ati: «Ni ko, biraba nk'uko ubivuze.» 35 Uyo musi nyene, Rabani arobanura impfizi z'impene zifise utudorodonzi kandi ziriko utudomagu, izivyara zose ziriko utudorodonzi canke utudomagu, iyo yose yera n'iyo yose y'umugina mu ntama, aziragiza abahungu biwe. 36 Abarungika ahangana imisi itatu y'urugendo hagati ya we na Yakobo. Yakobo aguma aragiye ibitungwa vyasigaye vya Rabani.

37 Yakobo aca udukoni tubisi tw'igiti c'iribeni, utw'igiti c'iruzi n'utw'igiti c'iheremoni. Ashishura bwa mihiro nya dukoni ku buryo hishushanyako amabara yera. 38 Atambika utwo dukoni yari yashishuye imbere y'ivyo bitungwa ku ngomero n'amato vyashokeramwo. Ivyo bitungwa bije kunywa amazi, vyaca vyikubita izimwe. 39 Intungwa zimira imbere y'utwo dukoni, zavyara imyagazi y'amabara, canke ifise utudorodonzi canke utudomagu. 40 Yakobo asobanura intama, aziyoborera mu zifise amabara n'iz'umugina zose mu busho bwa Rabani. Yakobo ashira ubusho bwiwe ku ruhande, ntiyabushira hamwe n'ubusho bwa Rabani. 41 Igihe cose ibitungwa bivyibushe vyikubita izimwe, Yakobo yaca atambika twa dukoni imbere yavyo ku ngomero, kugira ngo vyimire imbere y'utwo dukoni. 42 Ntiyadutambika imbere y'ibitungwa vy'imiguta, ku buryo ibitungwa vy'imiguta vyaba ivya Rabani, na vyo ibivyibushe bikaba ivya Yakobo. 43 Uwo muntu itunga riramwitaba, agira ubusho bwinshi cane, incoreke n'abasuku, ingamiya n'indogobwe.




#Article 118: Ikigabane ca 31 (1012 words)


Yakobo ahunga

1 Hanyuma Yakobo yumva ko abahungu ba Rabani bariko baridoga bati: «Yakobo yaratwaye ivyari ivya data vyose: mu vya data ni ho yakuye itunga ringana gutyo.» 2 Yakobo araraba Rabani mu maso, abona ko atakimumereye nk'uko yahora. 3 Umukama abwira Yakobo ati: «Subira mu gihugu ca ba sokuru, mu mavukiro yawe, nanje nzogumana na we.» 4 Yakobo atumako Rakeri na Reya ngo baze mu gahinga, ahari ubusho bwiwe. 5 Ababwira ati: «Ndabona so wanyu mu maso ko atakimereye nk'uko yahora: ariko Imana ya data yaragumanye nanje. 6 Murazi namwe ko namukoreye n'amagara yanje yose. 7 So wanyu yarampenze ahindura impembo yanje incuro icumi, ariko Imana ntiyamukundiye ko ankorera ikibi. 8 Aramutse avuze ati: Impembo yawe izoba ibitungwa bifise utudomagu, ubusho bwose bwaca buvyara izifise utudomagu; yaramuka na ho avuze ati: Impembo yawe izoba izifise amabara, ubusho bwose bwavyara izifise amabara. 9 Imana yaratse so wanyu ubusho bwiwe ibuha jewe. 10 Harageze igihe ibitungwa vyikubita izimwe, ndaramuye amaso, mbona mu ndoto amasuguru afise amabara, ubudorodonzi n'utudomagu ariko arurira ibitungwa. 11 Umumarayika w'Imana ambwira mu ndoto ati: Yakobo! Nishura nti: Ndi hano. 12 Avuga ati: Raramura amaso, witegereze amasuguru ariko arurira ibitungwa: yose afise amabara, utudorodonzi n'utudomagu. Ni uko nabonye ivyo Rabani akugirira vyose. 13 Ndi Imana y'i Beteri, hamwe wasigira amavuta inkingi y'ibuye, ukahangirira n'indaganoa. Ubu rero, haguruka ugende, uve muri iki gihugu, usubire mu gihugu cawe c'amavukiro.»
14 Rakeri na Reya bamwishura bati: «Hari umugabane canke iragi tukironka mu rugo kwa data? 15 Ntasigaye aturaba nk'abanyamahanga kuko yamaze kutugurisha akaba yarariye n'inkwano yacu? 16 Kubera ko itunga ryose Imana yatse data ari iryacu be n'abahungu bacu, ubu rero kora ico cose Imana yakubwiye.»
17 Yakobo arahaguruka, yuriza ku ngamiya abana biwe n'abagore biwe. 18 Ashorera ubusho bwiwe bwose, n'itunga ryiwe ryose yari yarironkeye, ubusho na bwo akaba yari yabwikuriye mu kiyaya ca Padani Aramu, asubira kwa se wiwe Izahaki mu gihugu ca Kanahani. 19 Rabani yari yagiye kumwa ubwoya ubusho bwiwe, igihe Rakeri yiba ibishusho vy'ibigirwamana vya se. 20 Yakobo agota Rabani Umwaramu, ahunga atabimubwiye. 21 Ni uko, arahaguruka, ahungana ivyiwe vyose, ajabuka uruzi Peratib, agenda agana umusozi Garahadi.
22 Ku musi ugira gatatu, bamenyesha Rabani ko Yakobo yahunze. 23 Ajana na benewabo, bagenda urugendo rw'imisi indwi bamukurikirana, bamuhambiriza ku musozi Garahadi.

Umwumvikano wa Rabani na Yakobo

24 Mw'ijoro, Imana ibonekera Rabani Umwaramu mu ndoto, imubwira iti: «Wirinde kugira iryo uvugana na Yakobo, ryaba ryiza ryaba ribi.» 25 Rabani ahamvya Yakobo aho yari yashinze ihema ryiwe ku musozi. Rabani na benewabo na bo bari bashinze rwabo ku musozi Garahadi.
26 Rabani abaza Yakobo ati: «Wagize ibiki? Warangose, utwara abakobwa banje nk'imbohe zo mu ndwano. 27 Ni kuki wahunze mu mpisho, ukampenda kandi ntubimenyeshe? Nari kukurungika mu kanyamuneza n'impundu, tukavuza ingoma n'inanga. 28 Ntiwampaye n'uburyo bwo gusezera abahungu banje n'abakobwa banje. Aho ho rero wakoze nk'ikijuju. 29 Nari gushobora kubakorera ikibi. Yamara Imana ya so wawe yambwiye muri iri joro iti: Wirinde kugira iryo uvugana na Yakobo, ryaba ryiza ryaba ribi. 30 None ko wajanywe n'uko ukumbuye rwose iwanyu, ni kuki wanyivye imanac zanje?»
31 Yakobo aramwishura avuga ati: «Nagize ubwoba kuko nibwira ko wohava unyaka abakobwa bawe ku gahato. 32 Uwo uza gusangana imana zawe akwiye gupfa. Aha imbere ya benewacu, nusake, ivyawe vyoba biri iwanje ubitware.» Yakobo ntiyari azi ko Rakeri yari yarazivye. 33 Rabani yinjira mw'ihema rya Yakobo, nw'ihema rya Reya, no mw'ihema rya za ncoreke zibiri, ntiyazisangayo. Ava mw'ihema rya Reya yinjira mw'ihema rya Rakeri. 34 Rakeri yari yafashe nya bishusho vy'ibigirwamana abinyegeza mw'itandiko ry'ingamiya azicarako; Rabani asaka ihema ryose ariko ntiyatora namba. 35 Hanyuma Rakeri abwira se ati: «Ntushavure, muhanyi, sinshoboye kuva hasi kuko ndi mu butinyanka.» Ararondera, ariko ntiyatora ivyo biheko vyiwe bikingira urugo.
36 Yakobo arashangashirwa, atonganya Rabani. Yakobo abwira Rabani ati: «Icaha nakoze ni ikihe? Igicumuro nakoze gituma unkurikirana gutyo ni ikihe? 37 Ko wasatse mu bintu vyanje vyose, watoye iki co mu bintu vyawe? Watoye iki co mu bintu vyo mu nzu yawe vyose? Gishire imbere ya benewacu na benewanyu baheze bace urubanza hagati ya twebwe babiri. 38 Ubu haheze imyaka mirongo ibiri ndi kumwe na we, ariko intama zawe n'impene zawe ntizigeze ziramburura. Nta mpfizi z'intama zo mu busho bwawe nariye. 39 Igitungwa catabaguwe n'inyamaswa sinakikuzanira, naragisubiriza; ico bivye ku murango canke mw'ijoro, warakindihisha. 40 Nicwa n'intuguta ku mutaga, mw'ijoro na ho nkicwa n'imbeho, nayo itiro ryari ryaramvuye ku maso. 41 Imyaka ibaye mirongo ibiri ndi mu rugo iwawe; nagukoreye imyaka icumi n'ine ndondera abakobwa bawe, n'iyindi itandatu ndondera ubusho bwawe! Wampinduriye impembo incuro icumi. 42 Iyo Imana ya data, Imana ya Aburahamu na Muterakobad wa Izahaki itaba kumwe nanje, wari kundungika iminwe igaragara. Noneho Imana yabonye amarushwa yanje n'amabavu mu biganza vyanje, none yaraye irugenyuye muri iri joro nyene.»
43 Rabani yishura Yakobo avuga ati: «Abo bakobwa ni abakobwa banje; abo bahungu ni abahungu banje; ubu busho ni ubusho bwanje; ivyo ubona vyose biri ngaha ni ivyanje. None uyu musi ubona nogira iki abakobwa banje n'abana bavyaye? 44 Ubu rero, ingo twunge ubumwe twe na we, habe n'icabona hagati yawe nanje.»
45 Yakobo atora ibuye, arishinga bwa nkingi. 46 Yakobo abwira benewabo ati: «Nimwegeranye amabuye.» Barayegeranya bayagira ikirundo, baraheza bafungurira kuri nya kirundo nyene. 47 Rabani acita Yegari Sahaduta, Yakobo na we acita Garehedi. 48 Rabani avuga ati: «Iki kirundo kibaye icabona hagati yawe nanje uyu musi.» Ni co gituma bacise Garehedie. 49 Bacita kandi Mitsepaf kuko Rabani yari yavuze ati: «Umukama arama aturereka twese igihe umwe atazoba akibona uwundi. 50 Niwafata nabi abakobwa banje, niwabaharika, nta muntu n'umwe turi kumwe, umenye ko Imana ari Yo cabona hagati yanje nawe.» 51 Rabani abwira Yakobo ati: «Itegereze iki kirundo c'amabuye, wongere witegereze iyi nkingi y'ibuye nashinze hagati yawe nanje. 52 Iki kirundo c'amabuye ni icabona; iyi nkingi y'ibuye ni icabona. Jewe sinzorengana iki kirundo ngo nze iyo iwawe, na we ntuzorengana iki kirundo n'iyi nkingi ngo uze iwanje gukora ikibi. 53 Imana ya Aburahamu, Imana ya Nahori, Imana ya ba se nibe umucamanza hagati yacu.» Yakobo arahira Muterakobag wa se wiwe Izahaki. 54 Yakobo aherereza imbagwa kuri uyo musozi, atumira benewabo ngo barye, baraheza bararya, bamara ijoro ryose kuri uyo musozi.




#Article 119: Ikigabane ca 32 (593 words)


1 Rabani avyuka kare mu gitondo, agwa mu nda abahungu biwe n'abakobwa biwe, arabahezagira, araheza asubira iwe. 2 Yakobo na we ashishikara urugendo rwiwe. Abamarayika b'Imana bahura na we. 3 Ababonye, Yakobo avuga ati: «Aha hantu ni icumbi ry'ingabo z'Imana». Ico kibanza aca acita Mahanayimu.

Yakobo yitegurira guhura na Ezawu

4 Yakobo arungika intumwa imbere yiwe kwa mukuruwe Ezawu mu gihugu ca Sehiri, mu ntara y'Ubwedomu. 5 Abategeka ati: «Muze kubwira databuja Ezawu muti: Umusuku wawe Yakobo yadutumye ati: Narabaye kwa Rabani ndahateba gushika ubu. 6 Ndatunze impfizi z'inka n'indogobwe, ibitungwa bitobito, abasuku n'incoreke; ndungitse ababimenyesha databuja Ezawu kugira ngo undabe ryiza.»
7 Izo ntumwa zigaruka kwa Yakobo zivuga ziti: «Twaragiye kwa mwenewanyu Ezawu. Na we kandi ariko araza kugutegera, azananye n'abantu amajana ane.»
8 Yakobo ubwoba buramutekera, amaganya aramwuzura. Abantu bari kumwe na we abagabura mu migwi ibiri, hamwe n'ibitungwa bitobito na bininibinini n'ingamiya; 9 yibwira ati: «Ezawu niyatera umugwi umwe muri yo akawunyaga, uwusigaye urokoke.» 10 Yakobo avuga ati: «Mana ya data Aburahamu, Mana ya data Izahaki, wewe Mukama wambwiye uti: Subira mu gihugu cawe, mu mavukiro yawe, nanje nzokugirira neza, 11 nta co maze, sinari nkwiye ivyiza vyose n'ubuntu bwose wagiriye umusavyi wawe! Nkako, nari najabutse uruzi Yorodani mfise inkoni yanje gusa, none ubu mfise imigwi ibiri. 12 Ndagusavye, unkure mu vyara vya mukurwanje, mu vyara vya Ezawu kuko ndamutinya, ntinya ko yohava aza kutwica, jewe, abana na nyina. 13 Ni wewe wavuze uti: Nzokugirira neza, kandi nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n'umusenyi wo ku kiyaga ata wushobora guharura kuko ruzoba isinzi.» 14 Arara ngaho iryo joro.
Acagura mu vyo yari afise ishikanwa ashira mukuruwe Ezawu: 15 impene zivyara amajana abiri, amasuguru mirongo ibiri, intama zivyara amajana abiri n'impfizi z'intama mirongo ibiri, 16 ingamiya zonsa mirongo itatu hamwe n'imitavu yazo, inka mirongo ine n'impfizi icumi, indogobwe zivyara mirongo ibiri n'imitavu y'indogobwe icumi. 17 Ahereza abasuku biwe ubusho bumwebumwe ukwabwo, ababwira ati: «Gende imbere yanje, kandi musige umwanya hagati y'ubusho n'ubundi.» 18 Ategeka uwuri imbere ati: «Nimwahura na mukurwanje Ezawu akakubaza ati:
Uri uwo kwa nde? Uja hehe? Ivyo ushoreye ni ivya nde?, 19 uramwishura uti: Ni ivy'umusavyi wawe Yakobo. Ni ishikanwa arungikiye umuhanyi wiwe Ezawu, kandi na we nyene ng'uwo ari inyuma yacu.» 20 Ategeka gutyo uwa kabiri, be n'uwa gatatu, n'abandi bose bashoreye ubusho. Ababwira ati: «Uko ni ko muzobwira Ezawu nimwamubona. 21 Muzomubwire muti: Umusavyi wawe Yakobo na we nyene ari inyuma yacu.» Nkako yibwira ati: «Nzoba ndamuhoyahoyesha iri shikanwa ribaye riritangira, hanyuma mbone kumuseruka mu maso. Kumbure hari aho yonyakira neza.» 22 Ishikanwa riba riritangira imbere yiwe, ariko we arara mw'icumbi muri iryo joro.

Yakobo anagana n'Imana

23 Muri iryo joro nyene, aravyuka, ahitana abagore biwe babiri, incoreke ziwe zibiri, n'abana biwe icumi n'umwe, ajabuka icambu ca Yaboki. 24 Arabafata, abajabutsa uruzi, ajabutsa n'ivyiwe. 25 Yakobo asigara wenyene.
Haza umugabo, anagana na we gushika umutwenzi ukitse. 26 Abonye atari bumutsinde, akora kw'imerero ry'itako ryiwe, imerero ry'itako rya Yakobo rica riratirigana bakiriko baranagana. 27 Uwo mugabo amubwira ati: «Ndekura ngende kuko umutwenzi urakitse.» Yakobo na we avuga ati: «Sindakurekura utampezagiye.» 28 Aramubaza ati: «Izina ryawe ni irihe?» Yishura ati: «Yakobo.» 29 Avuga ati: «Ntibazosubira kukwita Yakobo, uzokwitwa Isarayeri, kuko wanaganye n'Imana ukanagana n'abantu kandi ugatsinda.» 30 Yakobo amubwira ati: «Ndagusavye umbwire izina ryawe.» Avuga ati: «Ni kuki umbaza izina ryanje?» Aca aramuhezagirira aho nyene.
31 Yakobo yita aho hantu Peniyeri, ati: «Kuko nabonye Imana imbonankubone kandi nkaba nkiriho.» 32 Izuba riseruka ajabutse Penuweri, acumbagira kubera itako ryiwe. 33 Ni co gituma n'ubu bene Isarayeri batarya umutsi wo kw'imerero ry'itako, kuko uwo mugabo yakoze Yakobo ku mutsi wo kw'imerero ry'itako.




#Article 120: Ikigabane ca 33 (355 words)


Yakobo ahura na Ezawu

1 Yakobo araramura amaso, abona ng'uwo Ezawu arashitse, ari kumwe n'abantu amajana ane. Abana abagabanganya Reya na Rakeri na za ncoreke zibiri. 2 Aherereza imbere incoreke n'abana bazo. Reya n'abana biwe barakurikira, Rakeri na Yozefu baza mu nyuma. 3 We nyene ubwiwe abaja imbere, akubita ibipfukamiro hasi incuro indwi gushika ashikire mukuruwe. 4 Ezawu ariruka aja kumusanganira, amugwa mu bitugu, aramugumbira, aramusoma, baca bararira. 5 Ezawu araramura amaso, abona abagore n'abana. Hanyuma amubaza ati: «Barya muri kumwe ni bande?» Amwishura ati: «Ni abana Imana yahaye umusavyi wawe.» 6 Incoreke ziregera, zo n'abana bazo, bakubita ibipfukamiro hasi. 7 Reya na we kandi aregera n'abana biwe, bakubita ibipfukamiro hasi. Hanyuma Yozefu na Rakeri baregera, bakubita ibipfukamiro hasi.
8 Ezawu amubaza ati: «Iryo sinzi twahuye uzorikoza iki?» Yakobo yishura ati: «Ni iryo kugira ngo umuhanyi wanje andabe ryiza!» 9 Ezawu avuga ati: «Mfise vyinshi mwana wa mama; ivyawe nibigume iwawe!» 10 Yakobo avuga ati: «Ntirikabe! Niwaba wandavye ryiza, niwakire iri shikanwa ndakuzaniye; nkako, nabonye amaso yawe nk'uko babona amaso y'Imana, uraheza unyakira neza. 11 Kunda unyakirire umugisha nakuzaniye, kuko Imana yarampunze ivyiza none mfise vyose.» Aramugobera, arakira.

Yakobo atandukana na Ezawu

12 Ezawu avuga ati: «Ingo duhaguruke tugende; nza kugendera imbere yawe.» 13 Yakobo na we ati: «Umuhanyi wanje arazi ko abana batarakomera, kandi ko mfise ibitungwa bitobito na bininibinini vyonsa, babihutagije, naho woba ari umusi umwe gusa, ubusho bwose bwoca bupfa. 14 Umuhanyi wanje nagende imbere y'umusavyi wiwe. Jewe ndaza bukebuke nkurikiza ingendo y'ubusho nshoreye n'iy'abana, gushika nshike iw'umuhanyi wanje i Sehiri.» 15 Ezawu avuga ati: «Reka ndagusigarane bamwe mu bagendanyi banje.» Yakobo avuga ati: «Kubera iki kandi wewe muhanyi wanje wandavye ryiza?» 16 Uyo musi nyene, Ezawu afata inzira asubira i Sehiri. 17 Yakobo na we aja i Sukoti, yubakaho inzu yiwe, agira n'impongore z'ubusho bwiwe. Ni co catumye aho hantu ahita Sukotia.

Yakobo agerera i Sikemu muri Kanahani

18 Yakobo ashika amahoro mu gisagara ca Sikemu kiri mu gihugu ca Kanahani avuye i Padani Aramu, araheza acumbika imbere y'igisagara. 19 Ikizinga c'ubwatsi yashinzemwo ihema ryiwe, yakiguze amakesitab ijana na bene Hamori, se wa Sikemu. 20 Yubakaho uruhimbi, arwita «Eric Imana y'Isarayeri.»




#Article 121: Ikigabane ca 34 (526 words)


Simeho na Revi bahora mushiki wabo Dina

1 Dina, wa mukobwa Reya yavyarira Yakobo, agenda gutemberera abakobwa bo muri ico gihugu. 2 Sikemu, umuhungu wa Hamori Umuhivi, umutware w'ico gihugu, aramubona, aramuraha, aryamana na we kandi amusambanya ku gahato. 3 Umutima wiwe urahukira Dina, umukobwa wa Yakobo, arakunda uwo mukobwa, ayagira uwo mukobwa irimushika ku mutima. 4 Sikemu abwira se wiwe Hamori ati: «Uransabira urya murondo, abe umugore wanje.» 5 Yakobo yumva ko umukobwa wiwe Dina yahumanye, ariko kubera ko abahungu biwe bari bakiri kumwe n'ubusho ku muvumba, arinumira gushika bagarutse.
6 Hamori, se wa Sikemu, aragenda, aja gukebukana na Yakobo. 7 Abahungu ba Yakobo baragaruka bavuye ku muvumba. Bumvise ivyabaye, abo bagabo barababara, bararakara cane, kuko Sikemu yari yakoze ibara muri Isarayeri mu gusambanya umukobwa wa Yakobo. Ivyo ntivyagirwa, cari ikizira. 8 Hamori ababwira ati: «Umutima w'umuhungu wanje Sikemu, wararahukiye umukobwa wanyu; ndabasavye mumumuhe abe umugore wiwe, 9 muze dushingiranire, muzoduhe abakobwa banyu, namwe muzotware abakobwa bacu. 10 Nimubane natwe, igihugu ng'ico imbere yanyu. Nimukibemwo, mukidandarizemwo, mugifatemwo amatongo.» 11 Sikemu abwira se w'uwo mwigeme na basazawe ati: «Nimundabe ryiza nzobaha ico muzombwira. 12 Nimunsabe inkwano nini n'udushimwe twinshi, nzobitanga uko muzoba mwabimbwiye, ariko mumpe uwo mukobwa abe umugore wanje.»
13 Abahungu ba Yakobo bishura Sikemu na se wiwe Hamori, ariko bahinyika, kuko Sikemu yari yahumanije mushiki wabo Dina. 14 Bababwira bati: «Ntidushobora kugira ico uvuze: gushingira mushiki wacu ku mugabo atagenyerewe, ryoba ari ibara kuri twebwe. 15 Tuzovyemera mubanje kumera nkatwe, mukagenyera zina muhungu wanyu wese. 16 Ni ho tuzobashingira abakobwa bacu, natwe tugatora abageni mu b'iwanyu. Tuzobana namwe, ducike igisata kimwe. 17 Mutatwemereye ko mugenyerwa, turabaka umukobwa wacu twigire.» 18 Ayo majambo yabo arashimisha Hamori n'umuhungu wiwe Sikemu. 19 Uwo musore ntiyatevye kugira ivyo bari bavuze, kuko yashaka cane umukobwa wa Yakobo, kandi yarubahwa mu rugo kwa se.
20 Hamori n'umuhungu wiwe Sikemu baja kw'irembo ry'igisagara cabo, babwira abagabo bo muri ico gisagara cabo bati: 21 «Abo bagabo ni abanyamahoro, nibibere hano mu gihugu cacu, bahadandarize, mbona iki gihugu cagutse kuri bo; turongore abakobwa babo, natwe tubahe abacu.
22 Abo bagabo ntibazokwemera kubana natwe ngo tube igisata kimwe, tutemeye kugenyera abahungu bacu bose nk'uko na bo bagenyerewe. 23 None ubusho bwabo, itunga ryabo, ibitungwa vyabo vyose, ntibizoba ivyacu? Ingo tubemerere gusa, baheze babane natwe.» 24 Abasohoka baca mw'irembo ry'igisagara bose barumvira Hamori n'umuhungu wiwe Sikemu. Abahungu bose baca mw'irembo ry'igisagara baragenyerwa.
25 Ku musi ugira gatatu, abo bantu bakiduregwa, abahungu babiri ba Yakobo, Simeho na Revi, basaza ba Dina, umwe wese ahitana inkota yiwe, binjira ata nkomanzi mu gisagara, bica zina muhungu wese. 26 Bicisha inkota Hamori n'umuhungu wiwe Sikemu, bakura Dina mu nzu kwa Sikemu, barigira. 27 Bene Yakobo barengera kuri abo bakidurezwe, barabica, basahura n'igisagara, kuko abaho bari bahumanije mushiki wabo. 28 Banyaga ibitungwa vyabo bitobito na bininibinini, indogobwe zabo, eka ico cose cari mu gisagara n'ico cose cari mu mirima. 29 Batwara itunga ryabo ryose, abana babo bose n'abagore babo, babasahura ivyari mu nzu vyose.
30 Yakobo abwira Simeho na Revi ati: «Mwakankoreye, mu kunkwegera urwanko rw'ababa muri iki gihugu, Abakanahani n'Abaperizi. Ehe mfise abantu bake, bazonkoranira bantere, bamponye twe n'umuryango wanje.» 31 Bishura bati: «None ntiyari yafashe mushiki wacu nk'umusambanyi?»




#Article 122: Ikigabane ca 35 (481 words)


Yakobo ava i Sikemu akaja i Beteri

1 Imana ibwira Yakobo iti: «Haguruka, uduge i Beteri kandi ube ari ho uguma, uheze wubakireho uruhimbi Imana yakubonekeye aho wariko urahunga mukurwawe Ezawu.»
2 Yakobo abwira umuryango wiwe n'abo bari kumwe bose ati: «Nimukureho imana z'abanyamahanga ziri muri mwebwe. Nimwityorore kandi muhindure ivyambarwa vyanyu. 3 Ingo duhaguruke tuduge i Beteri, nubakireho uruhimbi Imana yanyumviye ndi mu kaga, ikagumana nanje mu nzira naciyemwo.» 4 Bahereza Yakobo imana z'abanyamahanga zari mu minwe yabo, be n'amahereni bari bambaye ku matwi; Yakobo abizika munsi y'umumanda hafi ya Sikemu. 5 Baca baragenda, Imana itera ubwoba ibisagara bibakikije, abaho ntibakurikirana bene Yakobo.
6 Yakobo ashika i Ruzi, ari ho Beteri, mu gihugu ca Kanahani, we n'abantu bose bari kumwe. 7 Ahubaka uruhimbi, aca yita aho hantu Eri Beteri, kuko ari ho Imana yari yamwihishuriye aho yariko arahunga mukuruwe. 8 Debora, yari yashinzwe kurera Rebeka, arapfa, bamufuba hepfo y'i Beteri, munsi y'umumanda Yakobo yaciye yita Umumanda w'Amarira.
9 Imana yongera kubonekera Yakobo igihe yariko arava i Padani Aramu, iramuhezagira. 10 Imana imubwira iti: «Izina ryawe ni Yakobo. Ntibagisubira kukwita Yakobo, ariko Isarayeri ni ryo rizoba izina ryawe.» Ni uko, Imana imwita Isarayeria.
11 Imana imubwira iti: «Ndi Imana Mushoboravyose. Nurondoke, ugwire. Igihugu n'isinzi ry'amakungu bizokomoka kuri wewe; abami bazova mu rura rwawe. 12 Intara nahaye Aburahamu na Izahaki, ndayiguhaye na we, n'uruvyaro rwawe ruzoza mu nyuma zawe nzoruha iyi ntara.» 13 Imana iraduga iva aho yari yamuganiririje.
14 Yakobo ashinga inkingi aho Imana yari yamuganiririje, inkingi y'ibuye, ayisukako umwengo, ayisukako n'amavuta. 15 Yakobo yita Beteri aho hantu Imana yamuganiririje.

Ivuka rya Benyamini

16 Bava i Beteri baragenda. Hagisigaye urugendo rutari ruto ngo bashike i Yefurata, Rakeri aribaruka, ariko avyara iyo nda ibanje kumugora. 17 Igihe yariko aravyara bimugora, umwakirizi aramuremesha ati: «Reka gutinya, ugira uronke uwundi muhungu.» 18 Ariko aracikana, imbere y'uko gaca, yita uwo mwana Benonib, ariko se wiwe amwita Benyaminic. 19 Rakeri arapfa, bamufuba ku nzira ija i Yefurata, ari ho Beterehemu. 20 Yakobo ari we Isarayeri ashinga ibuye ry'icibutso ku mva yiwe. N'uyu musi, ni ibuye ry'icibutso ca Rakeri.
21 Isarayeri aragenda, ashinga ihema ryiwe hirya ya Migedari Hederi. 22 Mu gihe Isarayeri yaba muri iyo ntara, Rubeni aryamana na Bireha, umuhabara wa se wiwe, kandi Isarayeri arabimenyad. Bene Yakobo ari we Isarayeri bari icumi na babiri. 23 Abahungu ba Reya ni Rubeni, imfura ya Yakobo, Simeho, Revi, Yuda, Isakari na Zaburoni. 24 Abahungu ba Rakeri ni Yozefu na Benyamini. 25 Abahungu ba Bireha incoreke ya Rakeri ni Dani na Nefutari. 26 Abahungu ba Zirepa incoreke ya Reya ni Gadi na Asheri. Abo ni bo bahungu Yakobo yavyariye i Padani Aramu.
27 Yakobo ashika kwa se Izahaki, i Mamure muri Kiriyati Areba, ari ho Heburoni, aho Aburahamu na Izahaki bari barabaye. 28 Imisi Izahaki yamaze, ni imyaka ijana na mirongo umunani. 29 Izahaki aracikana, apfa ashaje ageze mu zabukuru. Ahamvya abiwe. Abahungu biwe Ezawu na Yakobo baramufuba.




#Article 123: Ikigabane ca 36 (686 words)


Ezawu mu Bwedomu

1 Ng'uru uruvyaro rwa Ezawu ari we Edomu. 2 Ezawu yabiriye abagore mu bakobwa b'i Kanahani. Abo na bo ni Hada umukobwa wa Eroni Umuheti, Ohoribama umukobwa wa Anahi, umukobwa wa Tsibehoni Umuhivi, 3 na Basemati umukobwa wa Yishemaheri, akaba mushiki wa Nebayoti. 4 Hada yavyariye Ezawu Erifazi, Basemati na we amuvyarira Rehuweri. 5 Ohoribama yavyaye Yehushi, Yaramu na Korahi. Abo ni bo bahungu Ezawu yavyariye mu gihugu ca Kanahani.
6 Ezawu ahitana abagore biwe, abahungu biwe, abakobwa biwe, abantu bose bo mu rugo iwe, ubusho bwiwe, ibitwazi vyiwe vyose, hamwe n'amatungo yose yari yaronkeye mu gihugu ca Kanahani, agenda mu kindi gihugu, aja kure ya murumunawe Yakobo. 7 Nkako, amatungo yabo yari yabaye menshi ku buryo batari bagishobora kubangikana, igihugu bari bigeruriyemwo nticashobora kubakwira bompi kubera ubusho bwabo. 8 Ezawu rero agerera ku musozi Sehiri. Ezawu ni we Edomu.

Uruvyaro rwa Ezawu

9 Ng'uru uruvyaro rwa Ezawu se w'Abedomu baba ku musozi Sehiri.
10 Ng'aya amazina y'abahungu ba Ezawu: Erifazi, umuhungu wa Hada, umugore wa Ezawu, na Rehuweri, umuhungu wa Basemati umugore wa Ezawu.
11 Abahungu ba Erifazi ni Temani, Omari, Tsefo, Gahetamu na Kenazi. 12 Timuna na we yari umuhabara wa Erifazi umuhungu wa Ezawu, araheza avyarira Erifazi umuhungu yitwa Hamareki. Abo ni bo bahungu ba Hada umugore wa Ezawu.
13 Ng'aba bene Rehuweri: Nahati, Zerahi, Shama na Miza. Abo ni bo bahungu ba Basemati umugore wa Ezawu.
14 Ng'aba abahungu ba Ohoribama, umukobwa wa Anahi, umukobwa wa Tsibehoni, umugore wa Ezawu; yavyariye Ezawu Yehushi, Yaheramu na Korahi.
15 Ng'aba abatware b'abahungu ba Ezawu: Bene Erifazi, imfura ya Ezawu ni umutware Temani, umutware Omari, umutware Tsefo, umutware Kenazi, 16 umutware Korahi, umutware Gahetamu, umutware Hamareki. Abo ni bo batware ba Erifazi mu ntara y'Ubwedomu, bakaba ari abahungu ba Hada.
17 Ng'aba bene Rehuweri, umuhungu wa Ezawu: umutware Nahati, umutware Zerahi, umutware Shama, umutware Miza. Abo ni bo batware ba Rehuweri mu ntara y'Ubwedomu, ni bo bahungu ba Basemati umugore wa Ezawu.
18 Ng'aba abahungu ba Ohoribama, umugore wa Ezawu: umutware Yehushi, umutware Yaheramu, umutware Korahi. Ni bo batware ba Ohoribama umukobwa wa Anahi, umugore wa Ezawu.
19 Abo rero ni bo bene Ezawu n'abatware babo. Ezawu ni we Edomu.
20 Ng'aba bene Sehiri Umuhori baba muri ico gihugu: Rotani, Shobari, Tsibehoni, Anahi, 21 Dishoni, Etseri na Dishani. Ni bo batware b'Abahori, bene Sehiri, mu ntara y'Ubwedomu. 22 Bene Rotani, ni Hori na Hemami; mushiki wa Rotani na we ni Timuna. 23 Ng'aba bene Shobari: Harevani, Manahati, Hebari, Shefo na Onamu. 24 Ng'aba bene Tsibehoni: Aya na Anahi. Anahi ni we yubuye amashuha mu bugaragwa, aragiye indogobwe za se wiwe Tsibehoni. 25 Ng'aba bene Anahi: Dishoni na Ohoribama umukobwa wa Anahi. 26 Ng'aba bene Dishoni: Hemedani, Eshebani, Yiterani na Kerani. 27 Ng'aba bene Etseri: Birehani, Zahavani, Hakani. 28 Ng'aba bene Dishani: Hutsi na Arani.
29 Ng'aba abatware b'Abahori: umutware Rotani, umutware Shobari, umutware Tsibehoni, umutware Anahi, 30 umutware Dishoni, umutware Etseri, umutware Dishani. Abo ni bo batware b'Abahori hakurikijwe imiryango yabo mu gihugu ca Sehiri.
31 Ng'aba abami batwaye intara y'Ubwedomu imbere y'uko hima umwami wa bene Isarayeri. 32 Berahi, mwene Behori yaganza Ubwedomu. Igisagara ciwe citwa Dinehaba. 33 Berahi arapfa, Yobabu mwene Zerahi w'i Botsera aganza mu kibanza ciwe. 34 Yobabu arapfa, Hushamu wo mu gihugu c'Abateyimani aganza mu kibanza ciwe. 35 Hushamu arapfa, Hadadi mwene Bedadi aganza mu kibanza ciwe. Ni we yatsinze Madiyani mu mataba y'Ubumowabu. Igisagara ciwe citwa Haviti. 36 Hadadi arapfa, Samura w'i Masereka aganza mu kibanza ciwe. 37 Samura arapfa, Sawuri w'i Rehoboti iri ku ruzi aba ari we aba umwami mu kibanza ciwe. 38 Sawuri arapfa, Bahari Hanani, mwene Hakebori aganza mu kibanza ciwe. 39 Bahari Hanani, mwene Hakebori arapfa, Hadari aganza mu kibanza ciwe. Igisagara ciwe citwa Pahu. Umugore wiwe yitwa Mehetaberi, umukobwa wa Materedi, umukobwa wa Mezahabu.
40 Ng'aya amazina y'abatware bakomotse kuri Ezawu hakurikijwe imiryango yabo, intara zabo n'amazina yabo: umutware Timuna, umutware Hareva, umutware Yeteti, 41 umutware Ohoribama, umutware Era, umutware Pinoni, 42 umutware Kenazi, umutware Temani, umutware Mibetsari, 43 umutware Magediyeri n'umutware Hiramu. Abo ni bo batware b'Ubwedomu hakurikijwe intara zabo mu gihugu bari barikebeye. Ezawu ni we se w'Abedomu.




#Article 124: Ikigabane ca 37 (606 words)


1 Yakobo yaba mu gihugu se yari yagiye arabamwo, ari co gihugu c'i Kanahani.

IVYEREKEYE YOZEFU

Indoto za Yozefu

2 Ng'ibi ivyerekeye uruvyaro rwa Yakobo:
Yozefu, amaze imyaka icumi n'indwi, yaragirana ibitungwa na benewabo. Akiri umwana yamana n'abahungu ba Bireha n'abahungu ba Zirepa, abagore ba se, akaza aramenyesha se amajambo yabo mabi.
3 Yakobo ari we Isarayeri yakunda Yozefu gusumba abahungu biwe bose, kuko yari umuhungu wo mu busaza bwiwe. Yari yaramugiriye ikanzu y'amagarwe. 4 Benewabo barabona ko amukunda kubarusha bose, na bo ni ko kumwanka, ntibaba bagishobora kumuganiriza mu mahoro.
5 Yozefu ararota, arotorera benewabo; noneho barushirizaho kumwanka. 6 Ababwira ati: «Nimwumvirize indoto naraye ndose: 7 Twariko turatekera imiganda mu mirima, nza mbona umuganda wanje urivyuye urahagarara. Mbona imiganda yanyu irawukikije, yunamira umuganda wanje.» 8 Benewabo bamwishura bati: «Ugomba kuzotuganza nk'umwami? Canke kuzodutegeka?» Noneho barushirizaho kumwanka kubera indoto ziwe n'amajambo yiwe. 9 Yozefu asubira kurota izindi ndoto, azirotorera benewabo, avuga ati: «Nasubiriye kurota izindi ndoto: narose izuba n'ukwezi n'inyenyeri icumi n'imwe binyunamira.» 10 Azirotorera se na benewabo; se aramukankamira avuga ati: «Izo ndoto warose ni nyabaki? Ni ukuvuga ko jewe, nyoko wawe na benewanyu tuzoza gukubita inkoro hasi imbere yawe?» 11 Benewabo bamugirira ishari, ariko se wiwe azigama ayo majambo.

Yozefu agurishwa na benewabo

12 Benewabo bari bagiye kuragira ubusho bwa se i Sikemu. 13 Isarayeri abwira Yozefu ati: «Benewanyu ntibagiye i Sikemu kuragira? Ingo ndakurungike iyo bari.» Na we amubwira ati: «Ndi hano.» 14 Amubwira ati: «Genda urabe ko benewanyu bari mu mahoro, ko n'ibitungwa biri mu mahoro, uheze ugaruke kumbwira.» Amurungika mu kiyaya c'i Heburoni, Yozefu ashika i Sikemu.
15 Umuntu amusanga ariko arazimagirika mu gahinga. Nya muntu aramubaza ati: «Urondera iki?» 16 Yishura ati: «Ndondera benewacu. Ndagusavye undangire aho baragiye.» 17 Uwo muntu amwishura ati: «Bagiye bava ngaha, kuko nabumvise bavugana ngo nimuze tugende i Dotani.» Yozefu akomeza akurikira benewabo, abasanga i Dotani.
18 Bamubona akiri kure. Atarabashikira bamugira inama y'ukumwica. 19 Bavugana bati: «Ng'urya wa mugabo w'indoto araje. 20 Ubu rero, ingo tumwice, tumute muri kimwe muri ivyo bishimu, tuzovuga ko igikoko kibi camuriye, duheze turabe ico indoto ziwe zizana!»
21 Rubeni avyumvise, amukura mu vyara vyabo. Ababwira ati: «Ntitumwicire ubuzima.» 22 Kugira ngo amubakure mu vyara aheze amusubize se, Rubeni ababwira ati: «Ntimusese amaraso! Nimumute muri iki gishimu co mu bugaragwa, ariko ntimumukozeko iminwe.» 23 Yozefu ashikiriye benewabo, bamwambura ikanzu yiwe y'amagarwe yari yambaye. 24 Baramufata, bamuta mu gishimu; ico gishimu caragaragara, nta mazi yarimwo. 25 Hanyuma baricara ngo birire ivyokurya.
Bararamuye amaso, babona umurongo w'ingamiya z'Abayishemaheri baje bava i Garahadi, ingamiya zabo zikoreye uburembo, imbazi zimoga neza n'imira. Bari babishoye mu Misiri. 26 Yuda abwira benewabo ati: «Twoba twungutse iki twishe mwenewacu tugapfukira amaraso yiwe? 27 Ingo tumugurishe ku Bayishemaheri, ariko ntitumukozeko iminwe, kuko ni mwenewacu, ni umubiri wacu.» Benewabo baramwumvira.
28 Haza abantu, abadandaza b'Abamadiyani bihitira, bakwega Yozefu, bamukura mu gishimu, bamugurisha ku Bayishemaheri amafeza mirongo ibiri, na bo bamujana mu Misiri. 29 Rubeni agarutse ku gishimu, asanga Yozefu atakiri muri co. Atabagura impuzu ziwe, 30 aca asubira kwa benewabo avuga ati: «Wa mwana ko atakiriyo none jeho ndagikwirwa hehe?»
31 Bafata ya kanzu ya Yozefu, bayivayanga mu maraso y'agahushi banize. 32 Barungikira se wiwe iyo kanzu y'amagarwe bavuga bati: «Ni iyo twatoye. Raba ko yoba ari ya kanzu y'umuhungu wawe canke ko atari yo.» 33 Arayimenya, araheza avuga ati: «Ni ikanzu y'umuhungu wanje. Igikoko kiryana caramuriye, yaratandaguwe Yozefu, yaratandaguwe.» 34 Yakobo atabagura impuzu ziwe, akenyera igunira, agandarira umuhungu wiwe imisi myinshi. 35 Abahungu biwe bose n'abakobwa biwe bose baza kumuhoza, ariko aranka guhozwa, ababwira ati: «Nzorinda mpamvya umuhungu wanje mu kuzimu nkimugandariye.» Se aguma amuririra.
36 Abamadiyani bamugurisha mu Misiri kwa Potifari, umugendanyi wa Farawoni, umukuru w'abarinzi.




#Article 125: Ikigabane ca 38 (539 words)


Yuda n'umukazana wiwe Tamari

1 Muri ico gihe nyene, Yuda aramanuka ava kwa benewabo, aja ku Muhaduramu yitwa Hira. 2 Yuda abonayo umukobwa w'umugabo w'Umukanahani yitwa Shuwa. Aramutwara, aramurongora. 3 Shuwa asama inda, avyara umuhungu amwita Heri. 4 Asama inda y'ubuheta, avyara umuhungu amwita Onani. 5 Asama inda y'ubuheture, avyara umuhungu amwita Shera. Yuda yavyaye Shera aba i Kezibu.
6 Asabira imfura yiwe Heri umugeni yitwa Tamari. 7 Heri, imfura ya Yuda aba mubi mu maso y'Umukama, Umukama na we aramwicaa. 8 Yuda abwira Onani ati: «Egera umugore wa mwenewanyu, umurongore, urondore mwenewanyub.» 9 Ariko Onani yari azi ko atari we azoba arondotse. Aho hose rero aryamanye n'uwo mugore wa mwenewabo yaca arekurira intanga hasi, kugira ngo ntarondore mwenewabo. 10 Ivyo yagira biba bibi mu maso y'Umukama, ni ko kumwica na we. 11 Yuda abwira Tamari umukazana wiwe ati: «Uraba uragumye mu nzu kwa so uri umupfakazi, gushika aho umuhungu wanje Shera azokurira.» Nkako, yibwira ati: «Na we ntahave apfa nka benewabo.» Tamari agenda kuba mu nzu kwa se.
12 Haheze imisi myinshi, umukobwa wa Shuwa umugore wa Yuda arapfa. Amaze kuganduka, Yuda aduga i Timuna ari kumwe n'umugenzi wiwe Hira Umuhaduramu, ahari abamwa ubwoya ubusho bwiwe. 13 Babimenyesha Tamari bati: «Sobukwe araduze i Timuna kumwa ubwoya bw'ubusho bwiwe.» 14 Yambura impuzu z'ubupfakazi, yambara umwitwikiro, ariyoberanya aja kwicara kw'irembo ry'igisagara citwa Enayimu, ku nzira ija i Timuna. Nkako, yarabona ko Shera yakuze ariko bataramumushingira.
15 Yuda amubonye yibaza ko ari umumaraya kuko yari yipfutse mu maso. 16 Aramwegera aho ari ku nzira amubwira ati: «Ndasavye nze ndyamane nawe.» Ntiyari yamenye ko ari umukazana wiwe Tamari. Avuga ati: «Uza kumpa iki niwaza tukaryamana?» 17 Yuda avuga ati: «Nzokurungikira umwagazi w'impene nkuye mu busho bwanje.» Tamari na we avuga ati: «Kiretse umpaye ingwati gushika uwundungikiye.» 18 Yuda na we ati: «Ushaka ingwati nyabaki?» Yishura ati: «Mpa ikidodo cawe, umukanda wawe n'iyo nkoni yawe ufise mu minwe.» Arabimuha, aramwegera, asama inda yiwe. 19 Hanyuma arahaguruka aragenda, yambura wa mwitwikiro, asubira kwambara impuzu z'ubupfakazi.
20 Yuda arungikana umugenzi wiwe w'Umuhaduramu wa mwagazi w'impene kugira ngo agombore ibintu vyiwe yari yagwatirije kwa wa mugore, ariko ntiyamubona. 21 Abaza abantu b'aho ati: «Umusambanyi yahora ku nzira y'i Enayimu ari hehe?» Bishura bati: «Nta musambanyi yigeze aha.» 22 Asubira kwa Yuda amubwira ati: «Sinamubonye, kandi n'abantu b'aho bampakaniye ko ata musambanyi yahigeze.» 23 Yuda avuga ati: «Reka abigumye, twoye kwiha amenyo y'abasetsi, yaba jewe namurungikiye umwagazi w'impene, canke wewe wamubuze!»
24 Haciye amezi atatu, babwira Yuda bati: «Umukazana wawe Tamari yarasambanye, none arafise inda yakuye mu buhumbu bwiwe!» Yuda abishura ati: «Nimumute hanze aturirwe!» 25 Bakimusohora, atuma uwuja kubwira sebukwe ati: «Umugabo nyene ibi bintu ni we yanteye inda.» Yongerako ati: «Numenye neza nyene iki kidodo, nyene uwu mukanda n'iyi nkoni.» 26 Yuda arabimenya, araheza avuga ati: «Arandushije kuba intungane, kuko ntamushingiye umuhungu wanje Shera.» Ntiyabaye agisubira kumwegera kuva ubwo.
27 Igihe c'ukwibaruka kigeze, asanga yari atwaye inda y'amahasa. 28 Ariko aribaruka, umwana umwe atangura kuzana igikonjo; umwakirizi aragifata, acambika akanyuzi gatukura avuga ati: «Uwu ni we yavutse ubwa mbere.» 29 Hanyuma asubije igikonjo inyuma, mwenewabo aba ari we avuka. Umwakirizi avuga ati: «Mbega waronse intoboro ucamwo gute?» Ni ko kumwita Peretsic. 30 Mu nyuma havuka mwenewabo yari afise ka kanyuzi gatukura ku gikonjo, bamwita Zerahid.




#Article 126: Ikigabane ca 39 (456 words)


Yozefu kwa Potifari

1 Bamaze kumanukana Yozefu mu Misiri, Potifari umugabo w'umunyamisiri, umwishikira kwa Farawoni akaba n'umukuru w'abarinzi, amugura n'Abayishemaheri bari bamumanukanye. 2 Umukama agumana na Yozefu, bituma aba umuntu atunganiwe. Yaba mu rugo kwa shebuja w'umunyamisiri. 3 Shebuja arabona ko Umukama ari kumwe na we, kandi ko ico yakora cose Umukama yakimuroraniriza. 4 Yozefu aratona kuri shebuja, kandi aramukorera. Na we amugira umubwiriza mukuru wo mu rugo rwiwe, aba ari we ashinga itunga ryiwe ryose. 5 Kuva aho amushingiye urugo rwiwe n'itunga ryiwe ryose, Umukama yaciye ahezagira urugo rw'uwo Munyamisiri, kubera Yozefu; umugisha w'Umukama ukwira ivyo atunze vyose, ivyo mu rugo n'ivyo mu mirima. 6 Ivyo atunze vyose yari yabishize mu minwe ya Yozefu, maze ntihagira ico aba agisubira kwitwararika atari ivyo arya vyonyene. Yozefu yari afise imero nziza akaryohera ijisho.

Yozefu n'umugore wa shebuja.

7 Ivyo biheze, umugore wa shebuja araramurira amaso yiwe kuri Yozefu, avuga ati: «Ingo turyamane.» 8 Ariko Yozefu aranka kandi abwira uwo mugore wa shebuja ati: «Ehe raba databuja, nta kintu co muri uru rugo yinona ari ho ndi, itunga ryiwe ryose yarishize mu minwe yanje. 9 Nta n'umwe muri uru rugo andusha ubukuru; nta co yanyimiriye atari wewe gusa kuko uri umugore wiwe. None nokora nte ikibi kinini gutyo, kandi ngacumura ku Mana?» 10 Yama abwira iryo jambo Yozefu uko bukeye uko bwije. Na we ntamwumvire ngo aryamane na we, canke ngo agumane na we.
11 Umusi urashika aho Yozefu agenda mu nzu gukora igikorwa ciwe, kandi nta mugabo n'umwe mu bantu b'urwo rugo yari mu nzu. 12 Wa mugore amusumira impuzu, amubwira ati: «Ingo turyamane.» Yozefu amutana iyo mpuzu mu minwe, arahunga, aja hanze. 13 Abonye amutanye impuzu yiwe mu minwe, ahunze agasohoka hanze, 14 wa mugore ahamagara abagabo baba mu rugo iwe ababwira ati: «Rabe! Batuzaniye umugabo w'umuhebereyi adukengera! Yansanze aho ndi ngo turyamane, nca nkoma induru cane. 15 Aho yumviye nshize ijwi hejuru nkoma induru, yaciye asiga impuzu yiwe hambavu yanje, arahunga, asohoka hanze.»
16 Agumiza iyo mpuzu ya Yozefu hambavu yiwe, gushika umugabo wiwe atahe i muhira. 17 Amubwira ivyo yahoze avuga ati: «Uwo muja w'Umuhebereyi watuzaniye, yansanze aho ndi ngo ampumbishe. 18 Nabaye ngishira ijwi hejuru nkoma induru, aca asiga iyi mpuzu yiwe hambavu yanje, ahungira hanze.» 19 Nyenurugo yumvise ivyo umugore wiwe amubwiye ati: «Ng'ivyo ivyo umuja wawe yangiriye», ishavu riramuniga.

Yozefu mw'ibohero

20 Shebuja wa Yozefu aramufata, amuta mw'ibohero, ahantu bapfungira imbohe z'umwami, aguma muri iryo bohero. 21 Umukama aba kumwe na Yozefu, amwereka ubuntu bwiwe, atuma arabwa ryiza n'umukuru w'ibohero. 22 Uwo mukuru w'ibohero ashinga Yozefu imbohe zose zo muri iryo bohero; ni we yagenzura ivyo bakorerayo vyose. 23 Umukuru w'ibohero ntiyabaye akigira ico araba mu vyo yashinze Yozefu vyose, kuko Umukama yari kumwe na we; ico cose yakora, Umukama yarakimutunganiriza.




#Article 127: Ikigabane ca 40 (401 words)


1 Ivyo biheze, umusuku yahereza inyobwa umwami wa Misiri be n'uwacumba imikate, baracumura kuri shebuja, umwami wa Misiri. 2 Farawoni ashavurira abo bakevyi biwe babiri, umukuru w'abahereza inyobwa n'umukuru w'abahereza imfungurwa. 3 Abahereza ababacunga mu nzu y'umukuru w'abarinzi, aho Yozefu na we yari abohewe. 4 Umukuru w'abarinzi, agena Yozefu ngo abakorere. Bamara imisi mw'ibohero.

Yozefu arotora indoto z'abakevyi ba Farawoni

5 Izo mbohe zipfungiwe mw'ibohero uko ari zibiri, uwo yahereza inyobwa umwami wa Misiri n'uwahereza imfungurwa, zipfungiwe mw'ibohero, zirotera rimwe mw'ijoro; umwe wese arota indoto ziwe zifise insobanuro yazo. 6 Mu gitondo, Yozefu yinjira aho bari, asanga barajonjogoye. 7 Abaza abo bakevyi ba Farawoni bari bacunganywe na we mu nzu ya shebuja ati: «Ni kuki mwijiriwe uyu musi?» 8 Bamwishura bati: «Twarose indoto ata n'umwe ari bushobore gusobanura.» Yozefu ababwira ati: «None si Imana ishobora gusobanura indoto? Nimuzinyiganire.»
9 Umukuru w'abahereza inyobwa yiganira Yozefu indoto ziwe, amubwira ati: «Narose mbona igiti c'umuzabibu imbere yanje; 10 ico giti c'umuzabibu cari gifise amashami atatu. Nya giti kirapfundika, ishurwe ryaco rirasambura, amahundo yaco yama ivyamwa bihishiye. 11 Nari mfise mu minwe igikombe ca Farawoni; mfata ivyo vyamwa, ndabikanyira mu gikombe ca Farawoni, nca nshira ico gikombe mu minwe ya Farawoni.» 12 Yozefu amubwira ati: «Ng'iyi insiguro yayo: ayo mashami atatu, ni imisi itatu. 13 Hasigaye imisi itatu Farawoni akakwunamura umutwe. Azogusubiza mu gikorwa cawe, uzoshira mu minwe ya Farawoni igikombe ciwe nk'uko wahora ubigira ubwa mbere umuhereza inyobwa. 14 Nivyakugendera neza, uribuka ico nakumariye; ndagusavye uze ungirire ubuntu; uramvugira kwa Farawoni anyibuke, unkuze muri iri bohero. 15 Baranyuruje bunyuruze mu gihugu c'Abahebereyi; kandi n'aha nta caha nakoze cotuma banshira muri uku kuzimu.»
16 Umukuru w'abahereza imfungurwa na we yumva ko Yozefu arotoye neza. Amubwira ati: «Nanje, narose nikoreye ibiseke bitatu birimwo imikate yera. 17 Mu giseke co hejuru, harimwo ubwoko bwose bw'ivyokurya vya Farawoni bikorwa n'uwucumba imikate, ibisiga bibirira mu giseke niremetse.» 18 Yozefu yishura avuga ati: «Ng'iyi insiguro yavyo: ivyo biseke bitatu, ni imisi itatu. 19 Hasigaye imisi itatu Farawoni akaguca umutwe, awumanike ku giti uribwe n'ibisiga.»
20 Ni uko rero, ku musi ugira gatatu, umusi w'ukwibuka ivuka ryiwe, Farawoni ategurira inzimano abasavyi biwe bose, araheza yunamura umutwe w'umukuru w'abahereza inyobwa n'umukuru w'abahereza imfungurwa. 21 Asubiza umukuru w'abahereza inyobwa mu gikorwa ciwe c'uguhereza inyobwa, na we aca ahereza Farawoni igikombe mu minwe, 22 umukuru w'abahereza imfungurwa na we, Farawoni aramunyongesha nk'uko Yozefu yari yabibasiguriye. 23 Ariko wa mukuru w'abahereza inyobwa ntiyibuka Yozefu, aramwibagira.




#Article 128: Ikigabane ca 41 (1010 words)


Indoto za Farawoni

1 Haheze imyaka ibiri, Farawoni na we arota ahagaze ku nkombe y'uruzi Niri, 2 abona mu ruzi Niri havuyeyo inka indwi zihimbaye kandi zivyibushe, zihereza kurisha mu rufunzo. 3 Abona kandi izindi nka indwi mbi z'imiguta ziva mu ruzi Niri zizikurikira. Zihagarara hambavu y'iza mbere ku nkombe y'uruzi Niri. 4 Za nka indwi mbi z'imiguta zirya za zindi indwi zihimbaye kandi zivyibushe. Farawoni aca arikangura.
5 Asubiriye gusinzira, arota ubugira kabiri. Abona amahundo indwi ayangitse ku giti kimwe; yari yuzuye kandi ari meza. 6 Abona kandi inyuma z'ayo hameze ayandi mahundo indwi yahumbiranye kandi yarumbishijwe n'umuyaga wo mu buseruko. 7 Ayo mahundo yahumbiranye ayongobeza ya yandi indwi yuzuye kandi atengengeye. Farawoni aca arikangura asanga zari indoto.
8 Mu gitondo, yari afise umutima uhagaze. Atumako ba rumenyi bose bo mu Misiri n'abanyabwitonzi biwe bose. Farawoni abiganira indoto ziwe, yamara ntihagira uwushobora kuzirotorera Farawoni. 9 Ni ho rero wa mukuru w'abahereza ibinyobwa yabwira Farawoni ati: «Uyu musi ngira nibutse igicumuro canje. 10 Farawoni yarashavuriye abasuku biwe, araheza anshira mw'ibohero, mu nzu y'umukuru w'abarinzi twe n'umukuru w'abacumba imikate. 11 Hanyuma turotera icarimwe mw'ijoro rimwe, jewe na we, indoto z'umwumwe zikagira insobanuro zisangije. 12 Aho hantu, twari kumwe n'umusore w'Umuhebereyi, umusuku w'umukuru w'abarinzi. Twaramwiganiye ivyo twarose, arabiturotorera, umwe wese amushikira ku nsobanuro y'indoto ziwe. 13 Uko yabiturotoreye ni ko vyabaye: jewe, Farawoni yankomoreye ikibanza canje, uwundi aramunyongesha.»

Yozefu arotora indoto za Farawoni

14 Farawoni araheza atumako Yozefu, bamukura muri kwa kuzimu bihuta, arimosha, aca arahindura impuzu, yinjira kwa Farawoni. 15 Farawoni abwira Yozefu ati: «Nararose indoto, ariko nta washoboye kuzindotorera. Nkaba numvise bavuga ko wewe wumvise indoto uca uzirotora.» 16 Yozefu yishura Farawoni ati: «Si jewe, Imana ni Yo izotanga inyishu izanira amahoro Farawoni.»
17 Farawoni abwira Yozefu ati: «Narose mbona mpagaze ku nkombe y'uruzi Niri. 18 Mu ruzi Niri havayo inka indwi zivyibushe kandi ziteye igomwe. Zihereza kurisha mu rufunzo. 19 Mu nyuma y'izo havayo izindi nka indwi z'imiguta kandi mbi; sinari bwigere mbona inka mbi nk'izo mu gihugu cose ca Misiri. 20 Izo nka z'imiguta kandi mbi zirya za nka zivyibushe za mbere; 21 zishitse mu nda yazo, ntivyaboneka ko zazinjiyemwo, kuko ububi bwazo bwagumye nk'ubwa mbere. Nca ndikangura. 22 Ariko nsubira kurota, mbona amahundo indwi ayangitse ku giti kimwe, yari atengengeye kandi ari meza. 23 Mu nyuma y'ayo, hamera ayandi mahundo indwi yahumbiranye, anyunyutse kandi yarumbishijwe n'umuyaga wo mu buseruko. 24 Ayo mahundo indwi anyunyutse ayongobeza ya mahundo meza. Naravyiganiye ba rumenyi, ariko nta washoboye kubinsobanurira.»
25 Yozefu yishura Farawoni ati: «Indoto za Farawoni ni zimwe. Imana yamenyesheje Farawoni ico iza gukora: 26 inka indwi nziza, ni imyaka indwi; amahundo meza indwi, ni imyaka indwi. Ni indoto zimwe. 27 Inka indwi z'imiguta kandi mbi zasokorotse mu nyuma, ni imyaka indwi, be n'amahundo indwi yahumbiranye kandi yarumbishijwe n'umuyaga wo mu buseruko, izoba imyaka indwi y'ikigoyi. 28 Iryo ni ryo jambo nari mfise mbwira Farawoni; Imana yahishuriye Farawoni ico iza gukora. 29 Hagiye kuza imyaka indwi y'umusesekara mu gihugu cose ca Misiri. 30 Mu nyuma y'iyo hazoza imyaka indwi y'ikigoyi, agahimbo kose ko mu gihugu ca Misiri kibagirwe. Ico kigoyi kizoyogeza igihugu, 31 nta wuzoba akimenya agahimbo ico ari co mu gihugu kubera ikigoyi kizokurikira kizoba gikaze cane. 32 Izo ndoto nizaba zashikiye Farawoni kabiri, ni uko Imana yashinze iyo ngingo kandi ikaba igiye kuyirangura idatevye.
33 Ubu rero, Farawoni natore umuntu w'incabwenge kandi w'umunyabwitonzi, amushinge igihugu ca Misiri. 34 Farawoni nagene mu gihugu cose abantu batoza ica gatanu ku biri mu gihugu ca Misiri, mu myaka indwi y'umusesekara. 35 Bazokwegeranya ivyimburwa vyose vyo muri iyo myaka indwi myiza yimirije kuza, bimburire mu bisagara ingano bazorya, bazishingure, zigabwe na Farawoni. 36 Ivyo vyimburwa bizobera igihugu integabizoza muri iyo myaka indwi y'ikigoyi kizotera mu gihugu ca Misiri; gutyo igihugu ntikizoyogezwa n'ikigoyi.»

Yozefu ashikirizwa ubukuru ku kirimba kwa Farawoni

37 Iryo jambo riranezereza Farawoni n'abasavyi biwe bose. 38 Farawoni abwira abasavyi biwe ati: «Twokura hehe umuntu nk'uwu arimwo umutima w'Imana?» 39 Farawoni abwira Yozefu ati: «Ko Imana yakumenyesheje ivyo vyose, nta wundi muntu munganya ubwenge canke ubwitonzi. 40 Ni wewe uzotegeka urugo rwanje. Igihugu canje cose kizokurikiza amategeko yawe. Ico nzokurusha gusa ni intebe y'ubwami.» 41 Farawoni abwira Yozefu ati: «Ehe ndakugize mukuru mu gihugu cose ca Misiri.» 42 Akura impeta yari yambaye ku rutoke ayambika ku rutoke rwa Yozefu. Amwambika kandi impuzu ziremvye, amwambika mw'izosi igihete c'inzahabu. 43 Araheza amwuriza ku mukogote wiwe wa kabiri, aho aciye bagasemerera bati: «Nimupfukame.» Farawoni amushinga kugaba igihugu cose ca Misiri.
44 Araheza abwira Yozefu ati: «Ni jewe Farawoni. Mu gihugu cose ca Misiri, udategetse nta wuzokakaza ukuboko canke ukuguru.» 45 Farawoni araheza yita Yozefu, Tsafenati Pahene, yongera amushingira Asenati umukobwa wa Potifera, umuherezankuka wa Oni. Yozefu aca atangura kugendura igihugu cose ca Misiri.
46 Yozefu yari afise imyaka mirongo itatu igihe yatangura gukorera Farawoni, umwami wa Misiri. Hanyuma Yozefu yikebanura Farawoni, aja kugendura igihugu cose ca Misiri. 47 Muri ya myaka indwi y'umusesekara, haba umwimbu mwinshi mu gihugu. 48 Yozefu yegeranya ivyimburwa vyose vy'iyo myaka indwi vyari mu gihugu ca Misiri, yegeraniriza ibifungurwa mu bisagara; ivyimburwa vy'imirima yari ikikije igisagara cose akavyimburira muri co. 49 Yozefu arunda ingano zingana n'umusenyi wo ku kiyaga; ziba nyinshi ku buryo areka n'ukuziharura, kuko ntizagira igitigiri.
50 Imbere y'umwaka ikigoyi gitera, Yozefu avyara abahungu babiri kuri Asenati, umukobwa wa Potifera, umuherezankuka wa Oni. 51 Imfura ayita Manase, avuga ati: «Ni uko Imana yanyibagije imiruho yanje yose n'urugo rwose rwa data.» 52 Uw'ubuheta amwita Efurayimu, avuga ati: «Ni uko Imana yampaye kurondokera mu gihugu nagorewemwo.»
53 Ya myaka indwi y'umusesekara mu gihugu ca Misiri irarangira. 54 Imyaka indwi y'ikigoyi na yo iratangura nk'uko Yozefu yari yabivuze. Ikigoyi kirakwira mu bihugu vyose, ariko mu gihugu ca Misiri cose hoho hariho ivyokurya. 55 Igihugu cose ca Misiri kirahava kirasonza, abantu batakambira Farawoni ngo abahe ivyokurya. Farawoni abwira igihugu cose ca Misiri ati: «Nimugende kwa Yozefu, ico aza kubabwira cose, mugikore.» 56 Amapfa yari yakwiye mu gihugu cose. Yozefu na we yugurura ibigega vyose, agurisha ingano ku Banyamisiri. Ariko amapfa aguma arushiriza mu gihugu ca Misiri. 57 Ibihugu vyose bishikukira mu Misiri gusuma ingano kwa Yozefu, kuko amapfa yaguma yongerekana kw'isi yose.




#Article 129: Ikigabane ca 42 (680 words)


Yakobo arungika abahungu biwe mu Misiri

1 Yakobo amenya ko mu Misiri hariyo ingano, araheza abwira abahungu biwe ati: «Ko murabana ni amaki?» 2 Yakobo ati: «Ehe numvise bavuga ko mu Misiri hariyo ingano. Manukeyo, musumireyo kugira ngo tubeho ntidupfe.» 3 Benewabo na Yozefu icumi baramanuka gusuma ingano mu Misiri, 4 ariko Yakobo ntiyarungika Benyamini mwene nyina wa Yozefu ngo ajane na benewabo, kuko yavuga ati: «Yohava ashikirwa n'inabi.»
5 Bene Isarayeri bajana n'abandi gusuma ingano, kuko hari ikigoyi mu gihugu ca Kanahani.

Yozefu amenya benewabo akabakarira

6 Yozefu na we yari yagizwe umukuru mu gihugu ca Misiri, ni we yagurisha ingano ku bantu bose mu gihugu. Benewabo na Yozefu barashika, bakubitira ibipfukamiro imbere yiwe, bunamika amaso hasi. 7 Yozefu abonye benewabo aca arabamenya, ariko we ntiyabimenyesha, atako arabakarira. Ababaza ati: «Mwaje muva hehe?» Bishura bati: «Twaje tuva mu gihugu ca Kanahani, twaje gusuma ivyokurya.»
8 Yozefu aramenya benewabo, ariko bo ntibamumenya. 9 Yozefu yibuka indoto yigeze kurota ziberekeye. Ababwira ati: «Muri abatasi, mwaje gutata ahoroshe kumenera muri iki gihugu.» 10 Bamubwira bati: «Oya Muhanyi, abasavyi bawe bazanywe n'ugusuma ivyokurya. 11 Twese tuvyarwa n'umugabo umwe, tukubwije ukuri, abasavyi bawe si abatasi namba.» 12 Ababwira ati: «Haba namba, mwaje gutata ahoroshe kumenera muri iki gihugu.» 13 Bishura bati: «Twebwe abasavyi bawe, twavukana turi icumi na babiri, tuvyarwa n'umugabo umwe mu gihugu ca Kanahani. Umuhererezi wacu yasigaranye na data uyu musi, uwundi na we ntakiriho.» 14 Yozefu ashira ijwi hejuru ati: «Ivyo nababwiye ni vyo, muri abatasi. 15 Ng'iki ico ndabategeyeko: ntimuzova ngaha umuhererezi wanyu adashitse hano, indahiro ni Farawoni! 16 Rungika umwe muri mwebwe aje kuzana mwenewanyu. Namwe nimugume muboshwe, kugira ngo duhinyuze amajambo yanyu, turabe ko muvuga ukuri. Ahandiho, ni izina rya Farawoni, muri abatasi!» 17 Araheza abamaza gatatu mw'ibohero.
18 Ku musi ugira gatatu, Yozefu ababwira ati: «Kore ico ngira ndababwire, muzobaho. Erega ndubaha Imanaa. 19 Nimwaba muri imvugakuri, umwe muri benewanyu nasigare muri iyi nzu mubohewemwo. Namwe nimugende, mushire ingano imiryango yanyu ishonje. 20 Hanyuma muzonzanire mwenewanyu mutoyi, kugira ngo duhinyuze amajambo yanyu, mwoye gupfa.» Bagira uko. 21 Babwirana bati: «Ni ivy'ukuri, turiko turishura inabi twagiriye mwenewacu; twarabonye amagorwa y'umutima wiwe igihe yadutakambira tukanka kumwumviriza. Ni co gituma aya magorwa yatuguyeko.» 22 Rubeni abishura avuga ati: «Sinari nababwiye nti: Ntimucumure kuri uwo mwana, ntimwumveb! None ehe turiko turabazwa amaraso yiwe.» 23 Na bo ntibamenye ko Yozefu yabitegera, kuko hagati yabo hariho uwusobanura. 24 Yozefu ava iruhande yabo, aja kurira, araheza agaruka aho bari arabavugisha. Abakuramwo Simeho, amubohesha babona.

Abahungu ba Yakobo basubira muri Kanahani.

25 Hanyuma Yozefu ategeka ko buzuza ingano amagunira yabo, kandi ko umwe wese bamusubiriza amafeza mw'igunira ryiwe, bongere babatekerere impamba y'urugendo. Uko ni ko babagiriye. 26 Baremeka ingano indogobwe zabo, bava aho baragenda. 27 Bageze aho barara, umwe muri bo apfundurura igunira ngo agaburire indogobwe yiwe, yubuka ku mafeza yiwe, yari mu munwa w'igunira ry'ingano. 28 Abwira benewabo ati: «Bansubije amafeza yanje, ng'aya mw'igunira!» Umutima urabavamwo bagira ubwoba, babwirana bati: «None Imana yatugiriye ibiki?»
29 Barashika kwa se Yakobo mu gihugu ca Kanahani, bamwiganira ivyabashikiye vyose. 30 Bamubwira bati: «Umugabo aganza igihugu yaradukariye, atwita abatasi bariko baratata igihugu. 31 Twamwishuye tuti: Tukubwije ukuri, ntituri abatasi. 32 Twavukana turi icumi na babiri, dusangiye data; umwe wo muri twebwe ntakiriho, umuhererezi na we yasigaranye na data mu gihugu ca Kanahani. 33 Uwo mugabo aganza igihugu, atubwira ati: Kugira ngo menye ko muvugisha ukuri, nimusigarane umwe mu bo muvukana, mutore ivyo mushira imiryango yanyu ishonje, muheze mugende. 34 Hanyuma muzonzanire mwenewanyu mutoyi, ni co kizomenyesha ko mutari abatasi, ariko ko muvuga ukuri. Nzoca ndabasubiza mwenewanyu, muzohore mwitemberera muri iki gihugu.»
35 Bariko baracuranura ibiri mu magunira yabo, basanga mw'igunira ry'umwe wese harimwo agatu k'amafeza yiwe. Bo, na se wabo babonye utwo dutu tw'amafeza yabo, ubwoba burabatekera. 36 Se wabo Yakobo ababwira ati: «Murampekuye! Yozefu ntakiriho, Simeho ntakiriho, none na Benyamini na we mumuntware! Vyose binguyeko!»
37 Hanyuma Rubeni abwira se wiwe ati: «Nintamukugarukanira, urica abahungu banje babiri. Numunshinge, jewe nzomukugarukanira!» 38 Avuga ati: «Umuhungu wanje ntamanukana namwe. Mwenewabo yarapfuye, uwu na we asigaye wenyene. Hogira inabi imushikira muri iyo nzira mufashe, mwomanura ikuzimu imvi zanje zuzuye agahinda.»




#Article 130: Ikigabane ca 43 (654 words)


Yakobo yemera ko Benyamini agenda mu Misiri

1 Ikigoyi caguma kiremvya igihugu. 2 Aho bahereje kurya ingano bari bakuye mu Misiri, se ababwira ati: «Nimusubire kudusumira utwokurya.» 3 Yuda amubwira ati: «Wa mugabo yaraturahiye yisubiriza ati: Ntimuzorenguka imbere yanje mutari kumwe na mwenewanyu. 4 Niwaturungikana mwenewacu, tuzomanuka kugusumira ivyokurya; 5 utamurungitse na ho, ntituzomanuka, kuko uwo mugabo yatubwiye ati: Ntimuzondenguke mu maso mutari kumwe na mwenewanyu.» 6 Isarayeri avuga ati: «Ni kuki mwangirira nabi mu kubwira uwo mugabo ko mufise uwundi mwenewanyu?» 7 Na bo bavuga bati: «Uwo mugabo yaratubazagije ibitwerekeye n'ivyerekeye umuryango wacu, abaza ati: So wanyu aracariho? Hari uwundi muvukana mufise? Twamwishuye ku vyo yatubajije. None twari kumenya vy'ukuri ko ahava atubwira ati: Murazomanukane ino mwenewanyu?» 8 Yuda abwira se wiwe Isarayeri ati: «Ndungikana uwo musore duce duhaguruka, tugende; ni ho tuzobaho ntidupfe, twebwe nyene, na wewe nyene n'abana bacu. 9 Ndamwishinze jewe ubwanje, uramumbaza. Nintamukugarukanira, nintamugushikiriza, nzoba ndagucumuyeko ubuzima bwanje bwose. 10 Iyo tudateba gutya, ubu tuba tumaze kuvayo kabiri.»
11 Se wabo Isarayeri ababwira ati: «Nikwaba ari uko, nimugire ibi: Nimwakire ku vyimburwa muri iki gihugu, mubishire mu magunira yanyu, muzobishikanire uwo mugabo: uburembo bukeyi n'ubuki bukeyi, imbazi zimoga neza n'imira, ibiyoba n'amashakedi. 12 Mwitwaze ayandi mafeza, kandi musubizeyo amafeza mwasanze mu munwa w'amagunira yanyu, hari n'aho kwabaye ukwihenda. 13 Jane murumuna wanyu, muhaguruke, musubire kuri uwo mugabo. 14 Imana Mushoboravyose irabagirira imbabazi imbere y'uwo mugabo kugira ngo abarekurire mwenewanyu wundi, na Benyamini! Nayo jewe, ari uguhekurwa ndahekuwe.»

Yozefu azimana benewabo

15 Abo bantu bafata amashikanwa, bafata n'ayandi mafeza bitwaza, bajana na Benyamini, barahaguruka, bamanuka mu Misiri, barenguka imbere ya Yozefu. 16 Yozefu arabona ko bari kumwe na Benyamini, abwira umubwiriza wiwe ati: «Shikana aba bantu mu nzu, ubage igitungwa, ugikinjike, kuko aba bantu baza gusangira nanje ku mutaga.» 17 Uwo mubwiriza agira nk'uko Yozefu yavuze, ashikana abo bantu mu nzu kwa Yozefu.
18 Abo bantu baterwa ubwoba n'uko babinjije mu nzu kwa Yozefu, bavuga bati: «Ni ukubera ya mafeza basubiza mu magunira yacu aho duheruka ino. Batwinjije kugira ngo batugweko, badukubagure, batugire abaja, batware n'indogobwe zacu.» 19 Baraheza begera wa mugabo yari umubwiriza wa Yozefu, baramwikebukanya bageze ku muryango w'inzu. 20 Bavuga bati: «Muhanyi, aho duheruka ino, twari twamanukanywe n'ugusuma ivyokurya. 21 Dushitse aho turara, twabaye tugipfundurura amagunira yacu, tuza tubona umwe wese asanze amafeza yiwe mu munwa w'igunira ryiwe. Ayo mafeza ni yo tugarukanye ata na rimwe rivuyemwo, 22 kandi twamanutse tuzanye n'ayandi mafeza dusumisha ivyokurya. Ntituzi uwadushiriye ayo mafeza mu magunira yacu.» 23 Na we avuga ati: «Tekane ntimutinye! Imana yanyu, Imana ya so wanyu ni Yo yabashiriye iryo tunga mu magunira yanyu. Amafeza yanyu yari yanshikiriye.» Araheza asohora Simeho aramubazanira.
24 Nya mubwiriza yinjiza abo bantu mu nzu kwa Yozefu. Arabazanira amazi, boza ibirenge vyabo, yongera agaburira n'indogobwe zabo. 25 Baba barategura ya mashikanwa barindiriye ko Yozefu ashika ku mutaga; nkako, bari bumvise ko baza kubazimanira aho.
26 Yozefu yinjiye mu nzu, baca bamuhereza ya mashikanwa bari basanganywe mu nzu, bakubita inkoro hasi imbere yiwe. 27 Arababaza ko ari amahoro. Avuga ati: «Umutama so wanyu mwambwiye ari mu mahoro? Aracariho?» 28 Bamwishura bati: «Umusavyi wawe, data ari mu mahoro, aracariho.» Barunama, bakubita inkoro hasi imbere yiwe. 29 Hanyuma Yozefu araramura amaso abona mwenewabo Benyamini mwene nyina. Ababaza ati: «Uwo ni umwe mwenewanyu mutoyi mwambwira?» Amubwira ati: «Imana ikurabe ryiza mwananje.» 30 Kubera ikigumbagumba cinshi afitiye mwene nyina, Yozefu arivumbura, arondera aho aririra, yinjira mu cumba ciwe haba ari ho aririra. 31 Hanyuma ariyoza mu maso, arasohoka. Ariyumanganya, avuga ati: «Nimuzane ivyokurya.» 32 We bamugaburira ukwiwe, na bo babagaburira ukwabo. Abanyamisiri bafungurira hamwe na we, ariko bari ukwabo, kuko Abanyamisiri ntibashobora gusangira n'Abahebereyi kukomu Misiri kwari uguhumana. 33 Benewabo na Yozefu bicara imbere yiwe, imfura mu kibanza c'umukuru, umuhererezi mu kibanza c'umuto, bakaza bararabana, kuko ivyo vyari vyatumye bagwa mu gahundwe! 34 Yozefu yaza aragaburira umwumwe umutigiri uvuye ku vyokurya biri imbere yiwe. Ariko umutigiri wa Benyamini waruta gatanu iyo abandi bose. Baranywa hamwe na we, barahimba.




#Article 131: Ikigabane ca 44 (622 words)


Igikombe ca Yozefu mw'igunira rya Benyamini

1 Yozefu ategeka umubwiriza wiwe ati: «Uzuza amagunira y'abo bantu ivyokurya bashobora gutwara vyose, uheze ushirire umwe wese amafeza mu munwa w'igunira ryiwe. 2 Hanyuma igikombe canje, kirya gikombe c'ifeza, ugishire mu munwa w'igunira ry'umuhererezi, hamwe n'amafeza yari kugura ingano ziwe.» Araheza abigira nk'uko Yozefu yabivuze.
3 Bukeye mu gitondo, barekura abo bantu baragenda hamwe n'indogobwe zabo. 4 Bakiva mu gisagara, ariko batarashika kure, Yozefu abwira wa mubwiriza wiwe ati: «Haguruka! Irukanga ukurikire abo bantu, ubahamvye uheze ubabwire uti: Ni kuki ineza muyituye inabi? 5 Si mwebwe mufise igikombe databuja ahora anyweramwo kandi ahora akoresha mu kugendeza ibintu? Ivyo mwakoze ni ibiki?»
6 Hanyuma umubwiriza arabahamvya, ababwira ayo majambo. 7 Bamwishura bati: «Ni kuki databuja avuze amajambo nk'ayo? Ntirikabe ko abasavyi bawe bakora ivyo! 8 Amafeza twari twasanze mu munwa w'amagunira yacu, twarayakugarukaniye tuyavanye mu gihugu ca Kanahani. None twari kwiba amafeza canke inzahabu mu nzu ya shobuja gute? 9 Uwo ico gikombe cubukako mu basavyi bawe bace bamwica. Na twebwe nyene duce tuba abaja ba databuja.» 10 Ababwira ati: «Ni uko rero, biraba nk'uko mubivuze. Uwo cubukako azoba umuja wanje, namwe muzoba mweze.» 11 Umwe wese yihutira gutura igunira ryiwe, arishira hasi, umwe wese aza arapfundurura igunira ryiwe. 12 Umubwiriza arasaka, atangurira ku mukuru, ahereza ku muhererezi wabo, igikombe cubuka mw'igunira rya Benyamini. 13 Baca bitaburirako impuzu, umwe wese aremeka igunira indogobwe yiwe, basubira inyuma.
14 Yuda na benewabo barinjira mu nzu kwa Yozefu, na we ni ho yari akiri, bakubita inkoro hasi imbere yiwe. 15 Yozefu ababaza ati: «Ico kintu mwagize ni igiki? Ntimwari muzi ko umuntu nkanje ngendeza ibintu?» 16 Hanyuma Yuda avuga ati: «Turi bubwire iki databuja? Turi buvuge iki? Turi bwiregure dute? Imana ni Yo yagaragaje icaha c'abasavyi bawe. Nta kundi, tugiye kuba abaja ba databuja, twebwe hamwe n'uwo igikombe cubutseko.» 17 Abishura ati: «Ntirikabe ko nokora gutyo. Umuntu ico gikombe cubutseko ni we ambera umuja; namwe nimwidugire amahoro kwa so wanyu.»

Yuda avugira Benyamini

18 Yuda yegera Yozefu, amubwira ati: «Databuja, ese woreka umusavyi wawe akakubwira ijambo, kandi ntushavurire umusavyi wawe; erega umeze nka Farawoni. 19 Databuja yabajije abasavyi biwe ati: Muracafise so canke mwenewanyu? 20 Natwe twishuye databuja tuti: Dufise data w'umutama, n'umwana mutoyi wo mu busaza bwiwe; na we mukuruwe yarapfuye, none mu nda kwa nyina ni we wenyene asigaye, kandi se aramukunda. 21 Nawe ubwira abasavyi bawe uti: Muramumanukanire ndamubone. 22 Twishuye databuja tuti: Uwo musore ntashobora kuva hambavu ya se wiwe, kuko amuvuye hambavu, se yoca apfa. 23 Waciye ubwira abasavyi bawe uti: Umuhererezi wanyu atamanukanye namwe, ntimuzosubira kurenguka imbere yanje. 24 Tumaze kuduga n'ugushika kwa data ari we musavyi wawe, twaramushikirije amajambo ya databuja. 25 Hanyuma data avuga ati: Subire mugende mudusumire utwokurya. 26 Twishuye tuti: Ntidushobora kumanuka. Turi kumwe n'umuhererezi wacu tuzomanuka, kuko tudashobora guseruka mu maso ya wa mugabo tutari kumwe n'umuhererezi wacu. 27 Umusuku wawe ari we data yatubwiye ati: Murazi ko umugore wanje yabamvyariye ari babiri. 28 Umwe muri bo yarigiriye, nibwira nti: Nta nkeka hari icamutandaguye, sinasubiye kumubona gushika n'ubu. 29 Uwu na we kandi mukamunkura mu maso, nihagira inabi imushikira, muzoba mumanuye ikuzimu imvi zanje zuzuye agahinda. 30 Ubu rero, ninasubira iw'umusavyi wawe ari we data ntari kumwe n'uwo musore, n'ukuntu bari pfa mpfe, 31 akabona rero uwo musore si ho ari, azoca apfa. Na bo abasavyi bawe bazoba bamanuye ikuzimu imvi z'umusavyi wawe ari we data zuzuye agahinda. 32 Kubera ko umusavyi wawe yari yishinze uwo musore imbere ya data, mu kuvuga nti: Ntamukugarukaniye nzoba ncumuye kuri data ubuzima bwanje bwose, 33 ubu rero, nkundira jewe umusavyi wawe mbe umuja wa databuja mu kibanza c'uwo musore, uwo musore na we adugane na benewabo. 34 Mbega noduga nte kwa data ntari kumwe n'uwo musore? Eka sinkabone inabi yoshikira data.»




#Article 132: Ikigabane ca 45 (509 words)


Yozefu yimenyesha benewabo

1 Yozefu ntiyashobora kwiyumanganya imbere y'abari kumwe na we; arasemerera ati: «Nimusohore umuntu wese ari iruhande yanje.» Nta n'umwe yari iruhande yiwe igihe Yozefu yimenyesha benewabo. 2 Araturikisha ararira. Abanyamisiri baravyumva, n'ingoro ya Farawoni iravyumva.
3 Yozefu abwira benewabo ati: «Ndi Yozefu. Data aracariho?» Benewabo ntibashobora kumwishura, kuko bariko barajugumira imbere yiwe. 4 Yozefu abwira benewabo ati: «Nimunyegere rero.» Baramwegera. Avuga ati: «Ndi mwenewanyu Yozefu, umwe mwagurisha mu Misiri. 5 Ubu rero ntimusubire kubabara; ntimusubire kwiraburanirwa n'uko mwangurishije ino, kuko Imana yandungitse imbere yanyu kugira ngo ndabarokorere ubuzima. 6 Erega imyaka imaze kuba ibiri inzara iri mu gihugu, kandi hasigaye imyaka itanu, nta wuzorima kandi nta wuzokwimbura. 7 Imana rero yandungitse imbere yanyu kubazigamira agasigarira mu gihugu, kugira ngo ndokore ubuzima bwanyu mubone gukira nyagukira. 8 None rero si mwebwe mwandungitse ngaha, ni Imana. Ni Yo yangize umuvyeyi wa Farawoni, ingira umukuru w'urugo rwiwe rwose, n'umutegetsi mu gihugu cose ca Misiri.
9 Ihute muduge kwa data, mumubwire muti: Ng'iri iryo umuhungu wawe Yozefu avuze: Imana yangize umukuru wa Misiri yose. Manuka iyo ndi udatevye. 10 Uzogerera mu ntara ya Gosheni, ube hafi yanje, wewe, abana bawe n'abuzukuru bawe, ibitungwa bitobito na bininibinini vyawe n'ivyawe vyose. 11 Nzokugaburirira aho, kuko inzara isigaje imyaka itanu. Gutyo ntuzokena, wewe n'umuryango wawe n'ivyawe vyose. 12 Ni ivyo mubona n'amaso yanyu kandi na Benyamini mwenewacu arabibona n'amaso yiwe ko ari jewe ndabibabwije umunwa wanje. 13 Muzokwiganira data iteka ryose mfise mu Misiri n'ibindi vyose mwabonye. Muzoheza mwihute kumanukana data ino.»
14 Agwa ku bitugu Benyamini mwenewabo, ararira. Benyamini na we kandi aririra mu bitugu vyiwe. 15 Agwa mu nda benewabo bose yiyuha iryosozi. Ivyo biheze, benewabo baraganira na we.

Farawoni atumako Yakobo

16 Iyo nkuru iramenyekana mu ngoro kwa Farawoni ko benewabo na Yozefu bashitse. Ivyo birahimbara Farawoni n'abasavyi biwe. 17 Farawoni abwira Yozefu ati: «Barira benewanyu uti: Gire ibi: remeka imizigo ibitwazi vyanyu, fata inzira mugende mu gihugu ca Kanahani, 18 muzane so wanyu n'abanyu, muze iwanje, nzobaha ibintu vyizavyiza mu biri mu gihugu ca Misiri; muzorya ibinuze biri mu gihugu. 19 Nawe ndagutegetse, babwire uti: Gire ibi: jane imikogote yo mu gihugu ca Misiri y'ukuzana abana banyu n'abagore banyu, muze muzane na so wanyu, muheze muze. 20 Ntimuririre ibintu muzoba musize, kuko ivyiza vyose vy'igihugu ca Misiri ari rwanyu.»
21 Bene Isarayeri bagira gutyo. Yozefu abaha imikogote nk'uko Farawoni yabivuze, abaha n'impamba y'urugendo. 22 Umwumwe amuha impuzu z'uguhindura, abigira kuri bose. Benyamini amuha amafeza amajana atatu n'imyambaro itanu y'uguhindura. 23 Arungikira se wiwe indogobwe icumi zikoreye ibintu vyizavyiza vyo mu Misiri, n'indogobwe icumi zivyara zikoreye ingano, imikate, n'ibifungurwa vy'urugendo rwiwe. 24 Araheza arungika benewabo, baragenda. Ababwira ati: «Mu nzira ntimugende muratongana.»
25 Baraduga, bava mu Misiri bashika mu gihugu ca Kanahani, kwa Yakobo se wabo. 26 Baramumenyesha ko Yozefu akiriho, kandi ko yabaye umukuru mu gihugu cose ca Misiri. Umutima wiwe uguma utimvye, kuko atabemera. 27 Bamushikiriza amajambo yose Yozefu yababwiye; araheza abona imikogote Yozefu yamurungikiye y'ukumurerura, umutima wa Yakobo se wabo ubona kuba muzima. 28 Isarayeri avuga ati: «Geza aho! Umuhungu wanje Yozefu aracari muzima? Nzogenda tubonane ntarapfa.»




#Article 133: Ikigabane ca 46 (621 words)


Yakobo amanuka mu Misiri

1 Isarayeri afata urugendo, ajana ibintu vyiwe vyose. Ashitse i Berisheba, ahereza imbagwa Imana ya se wiwe Izahaki. 2 Mw'ijoro, Imana ibonekera Isarayeri mu ndoto, imubwira iti: «Yakobo, Yakobo!» Na we yishura ati: «Ndi hano.» 3 Ivuga iti: «Ndi Eri, Imana ya so wawe. Ntutinye kumanuka mu Misiri, kuko ari ho nzokugirira igisata kinini cane. 4 Nanje nzomanukana na we mu Misiri, kandi ni jewe nyene nzogukurayo ndakudugane. Bisubiye kandi, Yozefu ni we azohwamika amaso yawe.» 5 Isarayeri arahaguruka, ava i Berisheba. Bene Isarayeri bajana se wabo Yakobo ari we Isarayeri, abana babo be n'abagore babo muri ya mikogote Farawoni yari yarungitse ngo bamurerure.
6 Bafata kandi amasho yabo n'amatungo yose bari baronkeye mu gihugu ca Kanahani. Yakobo agenda mu Misiri ari kumwe n'uruvyaro rwiwe rwose. 7 Ajana mu Misiri abahungu biwe, abana babo n'abakobwa biwe, uruvyaro rwiwe rwose.

Uruvyaro rwa Yakobo

8 Ng'aya amazina ya bene Isarayeri bagiye mu Misiri: Yakobo n'abahungu biwe. Imfura ya Yakobo ni Rubeni. 9 Bene Rubeni ni Hanoki, Faru, Hetseroni na Karemi. 10 Bene Simeho ni Yemuweri, Yamini, Ohadi, Yakini, Tsohari na Shawuri, umuhungu w'Umukanahanikazi. 11 Bene Revi ni Gereshoni, Kehati na Merari. 12 Bene Yuda ni Heri, Onani, Shera, Peretsi na Zerahi. Heri na Onani bapfiriye mu gihugu ca Kanahani. Abahungu ba Peretsi bari Hetseroni na Hamuri. 13 Bene Isakari ni Tora, Puwa, Yobi na Shimeroni. 14 Bene Zaburoni ni Seredi, Eroni na Yahereri. 15 Abo ni bo bahungu Reya yavyariye Yakobo muri Padani Aramu, hamwe n'umukobwa wiwe Dina. Abahungu n'abakobwa biwe bose hamwe bari mirongo itatu na batatu.
16 Bene Gadi na bo ni Tsefoni na Hagi, Shuni na Etseboni, Heri, Arodi na Areri. 17 Bene Asheri ni Yimena, Yishwa, Yishwi, Beriya na mushiki wabo Serahi. Bene Beriya ni Heberi na Marikiyeri. 18 Abo ni bo bahungu ba Zirepa, umwe Rabani yari yahaye umukobwa wiwe Reya kugira ngo avyarire Yakobo. Bari icumi na batandatu.
19 Abahungu ba Rakeri umugore wa Yakobo ni Yozefu na Benyamini. 20 Yozefu yavyariye mu gihugu ca Misiri Manase na Efurayimu; abavyarana na Asenati, umukobwa wa Potifera, umuherezankuka wa Oni. 21 Bene Benyamini ni Berahi, Bekeri na Asheberi, Gera na Nahamani, Ehi na Roshi, Mupimu, Hupimu na Aredi. 22 Ni bo bahungu Rakeri yavyariye Yakobo. Bose hamwe bari icumi na bane.
23 Mwene Dani ni Hushimu. 24 Bene Nefutari ni Yahetseri, Guni, Yetseri na Shiremu. 25 Abo ni bo bahungu ba Bireha, umwe Rabani yari yahaye umukobwa wiwe Rakeri ngo avyarire Yakobo. Bose hamwe bari indwi.
26 Igitigiri c'abantu bose bamanukanye na Yakobo mu Misiri kandi bamuka kuri we, tudaharuye abagore b'abahungu biwe, ni mirongo itandatu na batandatu. 27 Abahungu Yozefu yaronkeye mu Misiri ni babiri. Igitigiri c'abantu bose bo mu rugo rwa Yakobo bagiye mu Misiri ni mirongo indwia.

Yakobo mu Misiri

28 Yakobo arungika Yuda ngo yitangire imbere aje kwa Yozefu ngo ategure aho bashikira i Gosheni. Barashika mu ntara ya Gosheni, 29 Yozefu ategura umukogote wiwe, aduga gusanganira se wiwe Isarayeri i Gosheni. Amushikiriye, Yozefu amugwa ku bitugu, aririra umwanya munini mu bitugu vyiwe. 30 Isarayeri abwira Yozefu ati: «Ubu ho reka mpfe, ko ndakubonye mu maso, ukaba ukiri muzima.»
31 Yozefu abwira benewabo n'abo mu rugo kwa se ati: «Ngira nduge ndabimenyeshe Farawoni, ndamubwire nti: Benewacu n'abo mu rugo kwa data bahora mu gihugu ca Kanahani bashitse iwanje. 32 Abo bantu ni abungere b'ibitungwa bitobito, kuko bamye ari aborozi b'ibitungwa; baje bazanye ibitungwa vyabo bitobito na bininibinini, n'ivyo bari batunze vyose. 33 None rero, Farawoni niyaramuka abahamagaye akababaza umwuga wanyu, 34 muramwishure muti: Abasavyi bawe bamye ari aborozi b'ibitungwa kuva mu buto bwacu gushika n'ubu; uko turi, ni ko na ba sokuru bacu bari. Ni ho muzoshobora kuba mu ntara ya Gosheni, kuko ku Munyamisiri kuba umworozi w'ibitungwa bitobito ni uguhumana.»




#Article 134: Ikigabane ca 47 (704 words)


Yozefu ashikana ab'iwabo kwa Farawoni

1 Yozefu agenda rero kubimenyesha Farawoni amubwira ati: «Data na benewacu bashitse bavuye mu gihugu ca Kanahani, baje bazanye ibitungwa vyabo bitobito na bininibinini, n'ivyo batunze vyose; ng'abo mu ntara ya Gosheni.» 2 Hanyuma atora abantu batanu muri benewabo, abashira imbere ya Farawoni. 3 Farawoni abwira benewabo na Yozefu ati: «Umwuga wanyu ni uwuhe?» 4 Bishura Farawoni bati: «Abasavyi bawe ni abungere; uko turi ubu ni ko na ba sokuru bacu bari. Twasuhukiye muri iki gihugu, kuko ibitungwa bitobito vy'abasavyi bawe ntivyari bigifise ubwatsi, kuko ikigoyi kiriko kirayogeza igihugu ca Kanahani. None rero, kundira abasavyi bawe babe mu ntara ya Gosheni.»
5 Farawoni abwira Yozefu ati: «So na benewanyu baje iwawe. 6 Igihugu ca Misiri kiri imbere yawe, gererera so na benewanyu ahantu heza cane mu gihugu, bibere mu ntara ya Gosheni. Niwaba uzi ko muri bo harimwo abantu b'intwari, urabagira abakuru b'ubusho bwanje.» 7 Yozefu azana se wiwe Yakobo, amuhagarika imbere ya Farawoni, Yakobo ahezagira Farawoni. 8 Farawoni abwira Yakobo ati: «Imisi y'ubuzima bwawe ingana iki?» 9 Yakobo yishura Farawoni ati: «Imisi y'imyaka maze ndi inyambukira ni imyaka ijana na mirongo itatu. Kandi iyo misi y'imyaka y'ubuzima bwanje na yo nyene yabaye mike kandi mibi, kandi ntiyashikiriye imisi y'imyaka y'ubuzima bwa ba sokuru mu misi bamaze ari inyambukira.» 10 Yakobo ahezagira Farawoni, arasohoka ava imbere ya Farawoni. 11 Yozefu aragerera se wiwe na benewabo, abaha itongo mu gihugu ca Misiri, ahantu heza cane mu gihugu, mu ntara ya Rahemesesi, nk'uko Farawoni yari yabitegetse.
12 Yozefu atekerera se na benewabo n'abo mu rugo kwa se, abaha ibifungurwa akurikije uko abana bangana.

Inyifato ya Yozefu mu gihe c'ikigoyi

13 Ivyokurya birabura mu gihugu cose, kuko ikigoyi cagishegeshe cane. Igihugu ca Misiri n'igihugu ca Kanahani vyari vyasinzikaye kubera ico kigoyi. 14 Yozefu yegeranya amafeza yose yari mu gihugu ca Misiri n'igihugu ca Kanahani, mu kugurisha ingano, araheza arunda ayo mafeza yose mu ngoro kwa Farawoni.
15 Amafeza arabura mu gihugu ca Misiri no mu gihugu ca Kanahani. Abanyamisiri bose baza kwa Yozefu bamubwira bati: «Duhe ivyokurya. Ni kuki twokugwa imbere kubera ubukene bw'amafeza?» 16 Yozefu abishura ati: «Nimumpe ibitungwa vyanyu, kugira ngo ndabahe ivyokurya, tubiguze ibitungwa vyanyu ko amafeza yakenye.» 17 Bazanira ibitungwa vyabo Yozefu, na we abaha ivyokurya babigujije amafarasi, ibitungwa bitobito n'ibitungwa bininibinini hamwe n'indogobwe. Uyo mwaka arabasumisha ivyokurya, babigujije ibitungwa vyabo vyose.
18 Uyo mwaka uheze, baza kwa Yozefu mu mwaka ukurikira bamubwira bati: «Muhanyi, ntitwoguhisha ko amafeza yabuze, kandi ko ubusho bw'ibitungwa bwegukiye wewe databuja; nta kigisigaye imbere yawe Muhanyi atari imibiri yacu n'amatongo yacu. 19 Ni kuki twokugwa mu maso, twebwe n'amatongo yacu? Tugure, twebwe n'amatongo yacu, uheze uduhe ivyokurya; hanyuma twebwe n'amatongo yacu duce tuba abaja ba Farawoni. Duhe imbuto, kugira ngo tubeho ntidupfe, amatongo ntazoheza ngo acike amashamba.»
20 Yozefu agurira Farawoni isi yose ya Misiri, kuko Umunyamisiri wese yagurisha itongo ryiwe, kubera ikigoyi cari kibarembeje. Gutyo amatongo yegukira Farawoni. 21 Abantu abimurira mu bisagara, abakura mu mpande zose z'igihugu ca Misiri. 22 Ariko Yozefu ntiyaguze amatongo y'abaherezankuka, kuko hariho umugabane Farawoni yabageneye; nkako bafungura ivyo Farawoni yari yabageneye. Ni co gituma batagurishije amatongo yabo.
23 Yozefu abwira abantu ati: «Uyu musi nabaguze, mwebwe n'amatongo yanyu, mwegukiye Farawoni. Ng'iyo imbuto mbahaye, murateragire amatongo. 24 Nihagera ko mwimbura, muzocagurako ica gatanu, mugihe Farawoni, musigarane ibindi bice bine vy'uguteragira imirima n'ugufungura mwebwe n'ababa mu mazu yanyu, n'abana banyu.» 25 Bavuga bati: «Uraturokoreye ubuzima; ese databuja yoturaba ryiza, natwe tukaba abaja ba Farawoni.» 26 Yozefu ashinga itegeko rikurikizwa n'uyu musi mu gihugu ca Misiri ko ica gatanu bagiha Farawoni. Amatongo y'abaherezankuka gusa ni yo atafatwa n'iryo tegeko, ni co gituma ategukiye Farawoni.

Yakobo araga

27 Isarayeri agerera mu gihugu ca Misiri, mu ntara ya Gosheni, Abanyisarayeri barahiganzira, baraharondokera, barasasagara cane. 28 Yakobo amara imyaka icumi n'indwi mu gihugu ca Misiri; imisi Yakobo yamaze, imyaka y'ubuzima bwiwe ni ijana na mirongo ine n'indwi. 29 Imisi y'ugupfa yegereje, Isarayeri ahamagara umuhungu wiwe Yozefu amubwira ati: «Ninaba nogira iteka mu maso yawe, shira ikiganza cawe munsi y'ikibero canjea, ungirire ubuntu ntumpemukire; ndagusavye, ntuze umfube mu Misiri, 30 unkundire nzoryame hamwe na ba sokuru, uzonkure mu Misiri, umfube mu ruhafu rwabo.» Amwishura ati: «Nzogira nk'uko ubivuze.» 31 Na we avuga ati: «Ndahira.» Yozefu aramurahira, Isarayeri aca yunama ku mutwe w'uburiri bwiwe.




#Article 135: Ikigabane ca 48 (461 words)


Yakobo ahezagira abahungu ba Yozefu

1 Ivyo biheze, babwira Yozefu bati: «So wawe ararwaye.» Yozefu ajana n'abahungu biwe babiri, Manase na Efurayimu. 2 Babimenyesha Yakobo bati: «Umuhungu wawe Yozefu araje.» Yakobo ari we Isarayeri arinanata, yicara ku buriri. 3 Yakobo ari we Isarayeri abwira Yozefu ati: «Imana Mushoboravyose yarambonekeye i Ruzi mu gihugu ca Kanahani, kandi irampezagira, 4 imbwira iti: Ngiye kukurondora, ndagusasagaze, ube ikoraniro ry'amakungu. Iki gihugu nzogiha uruvyaro rwawe mu nyuma zawe, ruciganzire na ntaryo. 5 Ubu rero, aba bahungu babiri wavyariye mu gihugu ca Misiri ntaraza iwawe mu Misiri ni abanje. Efurayimu na Manase bazoba abanje nka Rubeni na Simeho. 6 Ariko abana bawe wavyaye mu nyuma zabo bazoba rwawe, bazohamagarwa gutorana umugabane wabo kw'izina rya benewabo.
7 Nayo jeho, aho nava i Padani, Rakeri yampfiriyeko mu gihugu ca Kanahani, ku nzira, hafi y'irembo rya Yefurata. Ni ho namufuvye ku nzira ija i Yefurati ari ho Beterehemu.»
8 Isarayeri abonye abahungu ba Yozefu avuga ati: «Abo ni ba nde?» 9 Yozefu yishura se wiwe ati: «Ni abahungu banje Imana yampereye ino.» Avuga ati: «Ndagusavye ubanyegereze ndabahezagire.» 10 Ubusaza bwari bwaremereye amaso ya Isarayeri, ntiyari agishobora kubona. Arabamwegereza. Isarayeri arabarwa mu nda, arabagumbira. 11 Hanyuma abwira Yozefu ati: «Sinari ncizigiye kukubona mu maso, none ehe raba Imana impaye kubona n'uruvyaro rwawe!» 12 Yozefu abakura ku bibero vya se wiwe, akubita inkoro hasi.
13 Yozefu afata abo bahungu biwe babiri, Efurayimu mu buryo bwiwe, ari bwo bubamfu bw'Isarayeri, Manase na we mu bubamfu bwiwe, ari bwo buryo bw'Isarayeri, arabamwegereza. 14 Isarayeri aramvura ukuboko kwiwe kw'ukuryo, yubika ikiganza ku mutwe wa Efurayimu ari we muhererezi, ikiganza ciwe c'ukubamfu na co ku mutwe wa Manase. Yari yanyuranije ibiganza, kuko Manase yari imfura. 15 Hanyuma ahezagira Yozefu avuga ati:

Imana yambereye umwungere kuva nkivuka gushika n'uyu musi,
16 umumarayika yankijije inabi yose, nahezagire iyi misore
kugira ngo kubera yo izina ryanje rizogume riyagwa, hamwe n'izina rya ba sokuru banje Aburahamu na Izahaki.
Nirondoke igwire cane ikwire igihugu.»
17 Yozefu abona ko se yubitse ikiganza ciwe c'ukuryo ku mutwe wa Efurayimu biramubabaza. Acakira ikiganza ca se kugira ngo agikure ku mutwe wa Efurayimu agishire ku mutwe wa Manase. 18 Yozefu abwira se wiwe ati: «Si uko, dawe, kuko uwu ari we mfura. Nushire ikiganza cawe c'ukuryo ku mutwe wiwe.» 19 Ariko se wiwe aranka, ati: «Ndabizi mwananje, ndabizi. N'uwu nyene azoba igihugu. N'uwu nyene azoba mukuru. Ariko rero, murumunawe azomuheta mu bukuru, kandi uruvyaro rwiwe ruzoba isinzi ry'ibihugu.»
20 Kuri uyo musi nyene arabahezagira, avuga ati:

Imana nikugire nka Efurayimu, ikugire nka Manase!»
Gutyo ashira Efurayimu imbere ya Manase.
21 Isarayeri abwira Yozefu ati: «Ehe ngiye gupfa, ariko Imana izokwamana namwe, kandi izobasubiza mu gihugu ca ba sokuru banyu. 22 Jewe ndaguhaye Sikemu, nanyaze Abemori nkoresheje inkota yanje n'umuheto wanje. Ni co urushije benewanyu.»




#Article 136: Ikigabane ca 49 (549 words)


Yakobo ahezagira abahungu biwe icumi na babiri

1 Yakobo ahamagara abahungu biwe ababwira ati: «Nimukoranire hamwe ndababwire ibizobashikira mu misi iri imbere.
2 Egerane mwumvirize, bahungu ba Yakobo,
nimutege amatwi Isarayeri ari we so.
3 Rubeni, uri imfura yanje,
ububasha bwanje, n'ubuzibura bw'ubukomezi bwanje.
Unengesereye icubahiro, wuzuye ububasha.
4 Umeze nk'amazi asebuye,
ariko ntuzoruta abandi,
kuko wuriye ku buryamo bwa so wawe,
warahumanije uburiri bwanje mu kubwuriraa.
5 Simeho na Revi ni abavandimwe,
inkota zabo bazikoresha mu gukora ikibi.
6 Umutima wanje ntukaje mu nama yabo,
umushaha wanje ntukifatanye n'akagwi kabo!
Kuko ishavu ryabo ryatumye bica umuntub,
ukutagondwa kwabo kwatumye bamugaza impfizi!
7 Ishavu ryabo rirakavumwa kuko rikaze cane,
uburake bwabo buvumwe kuko bwica!
Nzobasanzariza muri bene Yakobo,
ndabashwiragize muri Isarayeri.
8 Yuda we, ni wewe benewanyu bazoshemeza,
ikiganza cawe kizokwirahira abansi bawe,
abahungu ba so bazokubitira ibipfukamiro imbere yawe.
9 Yuda ni icana c'intambwe,
urahinguye uvuye gusasika inganda, muhungu wanje!
Yarabunze aryama nk'intambwe;
ni nk'intambwe y'ingore, ni nde azomukura hasi?
10 Inkoni y'ubwami ntizova kwa Yuda
intahe ntizova hagati y'ibirenge vyiwe,
gushika nyeneyo aje,
uwo amakungu ategerezwa kugamburukira.
11 We azirika umutavu w'indogobwe yiwe ku muzabibu,
ku giti c'umuzabibu urobanuye na ho akahazirika umwana w'indogobwe yiwe.
Amesurira impuzu yiwe mu muvinyu,
ivyambarwa vyiwe na vyo mu ntukuzi y'ivyamwa vy'imizabibu.
12 Amaso yiwe atukuzwa n'umuvinyu,
amenyo yiwe na yo akezwa n'amata.
13 Zaburoni azogerera ku nkengera y'ibiyaga
abe icambu c'amato,
imbibe ziwe zishike i Sidoni.
14 Isakari ni indogobwe ikomantaye,
ibutamye hagati y'imizigo.
15 Yarabonye ko aho aruhukira ari heza
kandi ko igihugu gihimbaye;
atega urutugu rwiwe ngo yiremeke,
yemera ibikorwa vy'umuja.
16 Dani azocira urubanza igisata ciwe,
nk'umwe wo mu miryango y'Isarayeri.
17 Dani nabe inzoka ku kirari,
imamba ku nzira,
ikomora ibinono vy'ifarasi,
uwuyigenderako agacuranguka.
18 Urukiza rwawe, ni rwo nizeye Mukama!
19 Gadi azoterwa n'igitero,
na we ace abatera abaturutse inyuma.
20 Kwa Asheri hava indya ziwe zinuze,
agatanga imfungurwa ziryoheye umwami.
21 Nefutari ni inyemera yidegemvya,
ivyara imitavu myiza.
22 Yozefu ni igiti cama cane,
igiti cama cegereye isoko,
amashami yaco arenga uruzitiro.
23 Abarwanisha imyampi baramusomborokeje,
baramurasa, barasubira baramwibundira,
24 ariko umuheto wiwe uguma ubanze,
arabanguka mu maboko no mu biganza vyiwe,
kubera ibiganza vya Mutananirwa wa Yakobo,
kubera izina ry'umwungere akaba n'urutare rw'Isarayeri,
25 Imana ya so wawe. Iyo Mana nikurwaneko,
Imana Mushoboravyose niguhunde
imihezagiro yo hejuru mw'ijuru,
iguhezagirire inyenga yishashe mu kuzimu,
iguhezagirire amabere n'igitereko.
26 Imihezagiro ya so wawe irarengeye
imihezagiro y'imisozi yamaho,
imihezagiro y'imbibe z'imitumba ya kera,
nishungurukire ku mutwe wa Yozefu,
ku ruhanga rw'uwatowe muri benewabo.
27 Benyamini ni ibingira ritandagura;
mu gitondo rirashiha ico ryacakiye,
ku mugoroba na ho, rikagabanganya ivyasahuwe.»
28 Iyo yose ni yo miryango icumi n'ibiri y'Isarayeri. Ivyo ni vyo se yababwiye aho yabahezagira, mu guha umwumwe wese umuhezagiro umubereye.
29 Hanyuma abaha amategeko, ababwira ati: «Ubu, ngira mpamvye abanje. Muze mumfube hamwe na ba sokuru muri rya senga ry'ibuye ryo mu murima wa Heferoni Umuheti, 30 mw'isenga ry'ibuye riri mu murima w'i Makepera, aharabana na Mamure, mu gihugu ca Kanahani, umwe Aburahamu yagura na Heferoni Umuheti ngo umubere itongo ry'ugufubamwo. 31 Ni ho bafuvye Aburahamu n'umugore wiwe Sara; ni ho bafuvye Izahaki n'umugore wiwe Rebeka; ni ho nafuvye Reya. 32 Uyo murima n'isenga ry'ibuye ririmwo vyaguzwe kwa bene Heti.»
33 Yakobo amaze guha amategeko abahungu biwe, asubiza amaguru mu buriri, araheza aracikana, ahamvya abiwe.




#Article 137: Ikigabane ca 50 (509 words)


Ifubwa rya Yakobo

1 Yozefu aca yubama ku ruhanga rwa se, amuririrako, aramugumbira. 2 Yozefu ategeka abasuku biwe b'abaganga gusiga se wiwe ibibuza umubiri wiwe kubora. Ni uko, abaganga basiga Isarayeri ibimubuza kubora. 3 Ivyo bimara imisi mirongo ine, nk'uko igihe c'ukubisiga gisanzwe kingana.
Hanyuma Abanyamisiri bamuririra imisi mirongo indwi. 4 Iyo misi y'ukumuririra iheze, Yozefu abwira abo mu ngoro kwa Farawoni ati: «Ninaba nogira iteka mu maso yanyu, ndabasavye mumbaririre Farawoni muti: 5 Data yarandahije ati: Ehe ngiye gupfa. Uzomfube mu ruhafu niyimbishirije mu gihugu ca Kanahani. None rero, ndasavye nduge gufuba data, mpejeje nzogaruka.» 6 Farawoni avuga ati: «Duga ufube so wawe nk'uko yabikurahije.»
7 Yozefu araduga gufuba se wiwe. Abasavyi bose ba Farawoni, abakurambere bo mu ngoro yiwe, abakurambere bose bo mu gihugu ca Misiri badugana na we, 8 hamwe n'abo mu nzu kwa Yozefu bose, benewabo, n'abo mu nzu kwa se bose. Nta wasigaye mu gihugu ca Gosheni atari abana babo, ibitungwa bitobito vyabo n'ibitungwa bininibinini vyabo. 9 Imikogote n'abagendera ku mafarasi na bo kandi badugana na we. Umuvuvu w'abantu uba munini cane.
10 Bashika ku mbuga iri mw'itaba, hakurya y'uruzi Yorodani. Ni ho bagiriye imigirwa myinshi kandi y'agatangaza y'ukumuririra. Yozefu agandarira se wiwe imisi indwi. 11 Abakanahani baba muri ico gihugu babonye ico kigandaro kibera ku mbuga iri mw'itaba bavuga bati: «Ni ikigandaro c'agakura ca Misiri.» Baca bita ico kibanza kiri hakurya y'uruzi Yorodani, Aberi Misiria.
12 Abahungu ba Yakobo bamugirira ivyo yari yarabategetse. 13 Abahungu biwe bamujana mu gihugu ca Kanahani, bamufuba mw'isenga ry'ibuye ryo mu murima w'i Makepera, umwe Aburahamu yari yaguze n'umuheti Heferoni, ngo uzobe itongo ry'abapfuye, aharabana na Mamure.
14 Yozefu amaze gufuba se wiwe, asubira mu Misiri, we na benewabo, n'abo bose bari baduganye na we gufuba se wiwe.

Amaherezo ya Yozefu

15 Benewabo na Yozefu babonye ko se yapfuye, bavugana bati: «Kumbure Yozefu azotwanka, adusubirize mu ndumane inabi yose twamugiriye.» 16 Batuma uwuja kubwira Yozefu ati: «So wawe atarapfa, yatanze itegeko ati: 17 Muze mubwire Yozefu muti: Turasavye ugire ikigongwe ku bugome bwa benewanyu no ku gicumuro cabo, kubera inabi bakugiriye. Ubu rero, turagusavye, nugire ikigongwe ku bugome bw'abasavyi b'Imana ya so wawe!» Yozefu aca ararira babimubwiye.
18 Benewabo bagenda gukubita inkoro hasi imbere yiwe, bavuga bati: «Turarengutse, turi abaja bawe.» 19 Yozefu na we ababwira ati: «Ntimutinye! Mbega, ndi mu kibanza c'Imana? 20 Mwebwe mwiyumviriye kungirira nabi, ariko Imana yiyumviriye guhindura iyo nabi mu neza, kugira ngo irangure ibi biriko biraba uyu musi ngo abantu benshi babeho. 21 None rero, ntimutinye, nzobatunga, mwebwe n'abana banyu.» Arabahumuriza, abayagira iribashika ku mutima.
22 Yozefu aguma mu Misiri, we n'umuryango wa se wiwe. Yozefu amara imyaka ijana na cumi. 23 Yozefu aribonera abuzukuruza bakomoka kuri Efurayimu. Abona kandi bene Makiri, mwene Manase, bavukira ku bibero vya Yozefu. 24 Yozefu abwira benewabo ati: «Ngiye gupfa, ariko Imana izobagendera, ibakure muri iki gihugu, ibadugane mu gihugu yemereye Aburahamu, Izahaki na Yakobo, igatako n'indahiro.» 25 Hanyuma, Yozefu arahiza bene Isarayeri ati: «Imana niyabagendera, murakura amagufa yanje ino muyaduganeb.»
26 Yozefu apfa amaze imyaka ijana na cumi. Bamusiga ibibuza kubora, bamushingura mw'isandugu mu Misiri.




#Article 138: Irani (11 words)


Irani (Iran) canke Republik Islam ya Iran(i) n’igihugu kiri muri Aziya




#Article 139: Ken Berry (13 words)


Kenneth Ronald Ken Berry (* 11.3.1933, Moline, Illinois – * 1.12.2018, Burbank, California).




#Article 141: Jannat zubair (70 words)


Jannat Zubair Rahmani (wavutse ku ya 29 Kanama 2001) ni umukinnyi wa filime na  yo mu Buhinde. Yatangiye umwuga we mu 2009 ariko amenyekana binyuze muri Phulwa ya Colors TV mu 2011.  Yakinnye kandi nka Young Phool Kanwar muri Bharat Ka Veer Putra - Maharana Pratap  na Pankti Sharma muri Tu Aashiqui.  Muri 2018, yagaragaye muri firime ya Hichki ya Bollywood nk'umwe mu banyeshuri ba Rani Mukerji.




#Article 142: Salman Khan (145 words)


Abdul Rashid Salim Salman Khan (27 Ukuboza 1965)  ni umukinnyi wa filime w’Ubuhinde, producer, umuririmbyi rimwe na rimwe akaba na televiziyo. Mu mwuga wa filime umaze imyaka irenga mirongo itatu, Khan yabonye ibihembo byinshi, harimo ibihembo bibiri bya Filime by’igihugu nka producer wa firime, n’ibihembo bibiri bya Filmfare kubera gukina. Yavuzwe mu bitangazamakuru nk'umwe mu bakinnyi bitwaye neza mu bucuruzi bwa sinema ku isi ndetse no mu Buhinde. Forbes yamushyize ku rutonde rwabo rwa 2015 rwa Top-Bahembwa 100 Ibyamamare Byamamare ku Isi; Khan yanganyije na Amitabh Bachchan ku mwanya wa 71 kuri uru rutonde, bombi binjije miliyoni 33.5 z'amadolari.  Dukurikije urutonde rwa Forbes 2018 rw’abantu 100 bahembwa ibyamamare mu byamamare ku isi, Khan ni we waje ku mwanya wa mbere mu Buhinde ufite umwanya wa 82 yinjije miliyoni 37.7 z’amadolari.  Azwi kandi nk'uwakiriye ikiganiro nyacyo, Bigg Boss kuva mu 2010. 




#Article 143: Aamir Khan (135 words)


Mohammed Aamir Hussain Khan (wavutse ku ya 14 Werurwe 1965) ni umukinnyi w’Umuhinde, umuyobozi, umukinnyi wa firime ndetse na televiziyo. Binyuze mu mwuga we umaze imyaka isaga mirongo itatu muri filime zo mu Buhinde, Khan yigaragaje nk'umwe mu bakinnyi bazwi cyane kandi bakomeye muri sinema yo mu Buhinde.  Afite abantu benshi bakurikira ku isi, cyane cyane mu Buhinde no mu Bushinwa, kandi Newsweek yavuze ko ari umustar ukomeye wa filime   ku isi.    Khan ni we wahawe ibihembo byinshi, birimo ibihembo icyenda bya Filmfare, ibihembo bine bya Filime y'igihugu, ndetse na AACTA. Yahawe icyubahiro na Guverinoma y'Ubuhinde hamwe na Padma Shri mu 2003 na Padma Bhushan mu 2010,  ahabwa izina ry'icyubahiro na Guverinoma y'Ubushinwa mu 2017.  Amaze imyaka myinshi ashyirwa ku rutonde rw’abayisilamu 500 bakomeye ku isi. 




#Article 144: Shah Rukh Khan (106 words)


Shah Rukh Khan (wavutse ku ya 2 Ugushyingo 1965), uzwi kandi ku ntangiriro ya SRK, ni umukinnyi w’umuhinde, utunganya amafilime, ndetse na televiziyo. Yavuzwe mu bitangazamakuru nka Baadshah ya Bollywood (yerekeza kuri filime ye Baadshah yo mu 1999), Umwami wa Bollywood na King Khan, yagaragaye muri filime zirenga 80 za Bollywood, kandi yamamaye cyane, harimo 14 Ibihembo bya Filmfare. Guverinoma y'Ubuhinde yamuhaye Padma Shri, na Leta y'Ubufaransa imuha Ordre des Arts et des Lettres na Legio y'icyubahiro. Khan afite abayoboke bakomeye muri Aziya no muri diaspora y'Abahinde kwisi yose. Ku bijyanye n'ubunini bw'abareba n'amafaranga yinjiza, yasobanuwe nk'umwe mu bakinnyi ba filime batsinze neza ku isi. [A]




#Article 145: Wordpress (1240 words)


Ko te WordPress ( WP , WordPress.org ) he punaha whakahaere koreutu, tuwhera-puna korero (CMS) i tuhia i te PHP  me te takirua me te papaa raraunga MySQL , MariaDB ranei . Kei roto i nga waahanga ko te hoahoanga plugin me tetahi punaha tauira , i whakahuahia i roto i a WordPress hei kaupapa. I te tuatahi i hangaia te WordPress hei punaha tuhinga-tuhinga engari kua whanake ia ki te tautoko i etahi atu momo waahanga paetukutuku tae atu ki nga raarangi maataki tuku iho me nga huihuinga , ara ma nga purongo, nga waahi mema, nga punaha whakahaere whakahaere (LMS)toa ipurangi . Ko te WordPress e neke atu ana i te 60 miriona paetukutuku,  tae atu ki te 33.6% o te paetukutuku 10 miriona runga ake o te Paenga-whawha 2019 ,  WordPress tetahi o nga punaha pūnaha whakahaere ihirangi rongonui e whakamahia ana.  Kua whakamahia te WordPress mo etahi atu waahanga tono penei i nga punaha whakaatu whanui (PDS). 

Tukua WordPress i runga Mei 27, 2003, i ona kaiwhakatū, kaiwhakawhanake American Matt Mullenweg  me English kaiwhakawhanake Mike Little ,  rite te marau o te B2 / cafelog . Kua tukuna te punaha i raro i te raihana  (i muri mai ranei). 

Hei mahi, me whakauru te WordPress ki runga i tetahi kaiwhakarato paetukutuku , he waahanga ranei o te ratonga manaaki Ipurangi penei i te WordPress.com , he rorohiko ranei kei te whakahaere i te kohi raupaparorohiko WordPress.org hei mahi hei kaiwhakarato whatunga i ona ake tika.  Ka whakamahia pea te rorohiko o te takiwa mo nga mahi whakamatautau takitahi me nga kaupapa ako.

Ko te WordPress tetahi wheketere e hanga wharangi paetukutuku  he maatauranga matua kua hangaia hei whakamarama i nga mahi a WordPress: kei te penapena nga ihirangi ka taea e tetahi kaiwhakamahi te hanga me te whakaputa i nga wharangi paetukutuku , kaore e hiahiatia he kaupapa i tua atu i te rohe me te ratonga manaaki.

Ko te WordPress tetahi punaha tatauranga paetukutuku ma te whakamahi i tetahi kaitukatuka tauira . Ko tona mahinga hanga he kaiwhakahaere o mua , e raru ana i nga tono katoa mo nga URI kore-pono ki te konae PHP kotahi e takahi ana i te URI me te tautuhi i te whaainga. Tenei taea tautoko mō atu tangata-pānui permalinks . 

Ka taea e nga kaiwhakamahi WordPress te whakauru me te whakawhiti i waenga i nga kaupapa rereke . Ko nga Kaupapa e tuku ana i nga kaiwhakamahi ki te whakarereke i te ahua me te mahi o te paetukutuku WordPress me te kore e whakarereke i te waehere matua, i nga waahanga paetukutuku ranei. Ko nga paetukutuku paetukutuku e hiahia ana i te kaupapa kia tae atu ki nga kaupapa katoa me waihangahia ma te whakamahi i nga paerewa WordPress me te PHP hangahanga, HTML tika (HyperText Markup Reo), me nga Tikanga Tohu Cascading (CSS). Ka taea te whakauru i nga kaupapa ma te whakamahi i te taputapu Whakamatau WordPress i roto i te papatohu, ko nga kopapa kaupapa ranei ka kape tika ki roto i te raarangi kaupapa, hei tauira ma te FTP .  Ko te PHP , HTML me CSSe kitea ana i roto i nga kaupapa ka taea te huri tika ki te huri i te whanonga kaupapa, ko te kaupapa ranei ka waiho hei kaupapa tamaiti ka riro nga ahuatanga mai i tetahi atu kaupapa me te maamaa te aukati i nga waahanga.  kaupapa WordPress ka whakariterite i nga waahanga e rua: kaore he utu, he utu. He maha nga kaupapa koreutu kua tohua ki te raarangi tuhinga a WordPress (e mohiotia ana hoki ko te pupuru), a ka waatea nga kaupapa putea hei hoko mai i nga maakete me nga kaihanga WordPress. Ka taea hoki e nga kaihanga WordPress te hanga me te whakawhanake i o raatau ake kaupapa. Ko te kaupapa koreutu Underscores i hangaia e nga kaihanga WordPress hei kaupapa rongonui mo nga kaupapa hou. Ko nga Kaupapa me nga  e taea te hoko i konei 

Ko te hoahoanga plugin a WordPress ' ka taea e nga kaiwhakamahi te whakawhānui i nga waahanga me nga mahi a tetahi paetukutuku, rangitaki ranei. I te Hanuere 2020, ko te WordPress.org te 55,487 plugins e waatea ana,  ia o ia e tuku ana i nga mahi me nga waahanga ka taea e nga kaiwhakamahi te whakahou i o raatau papaanga ki o raatau hiahia motuhake. Heoi, kaore tenei e uru atu ki nga plugins moni e waatea ana (tata ki te 1,500+), kaore nei i raarangi i te kohinga WordPress.org. Ko enei whakaritenga taapiri mai i te arotautanga miihini rapu (SEO) , ki nga papaanga a te kiritaki e whakamahia ana hei whakaatu i nga korero tuuturu ki te takiuru ki nga kaiwhakamahi, ki nga punaha whakahaere a ihirangi, ki nga whakaaturanga whakaatu ihirangi, penei i te taapiri o te whakatuu me nga pae whakaterenga.. Kaore nga taapara e waatea ana i nga wa katoa i nga wa katoa me nga whakahoutanga, na te mutunga kaore pea e mahi tika, kaore ranei i te mahi. E waatea te nuinga o nga monomai ma roto i a WordPress ano, ma te tango mai i a raatau me te whakauru i nga konae ma te whakamahi i te FTP ma te papaa WordPress ranei. Heoi, he maha nga tuatoru ka toha ki nga whakauru mai i o raatau ake paetukutuku, he maha nga utu ka utua.

Ko nga kaiwhakawhanake paetukutuku e hiahia ana ki te whakawhanake i nga plugins me ako ki te punaha matau a WordPress e neke atu ana i te 300 nga matau kua wehea ki nga waahanga e rua: nga matau mahi me nga matau tātari.

Ko nga taupānga waea waea mo te WordPress te tikanga mo te WebOS ,  Android ,  iOS (iPhone, iPod Touch, iPad),  Waea Matapihi , me te Parakipere .  Ko enei tono, i hangaia e Automattic , he whiringa maapiri penei i te taapiri i nga pou tuhinga hou me nga whaarangi, mo te korero, te whakaputa korero, te whakautu i nga korero hei taapiri atu ki te kaha ki te tiro ki nga tatauranga. 

I mahi te Rōpū Akoranga WordPress ki te whakapai ake i te whakauru mo nga kaupapa matua o te WordPress me te tautoko i te tino tautuhi mo nga kaupapa e waatea ana.  Ko te Raupae Whakauru Hangarau e whakarato ana i te tautoko matauranga mo te whakauru tukutuku me te hoahoa whakaurunga. Ko te Maatauranga Whakauru Ake Paetukutuku WordPress e kii ana Ko nga taangata hou me whakahoutia ranei i tukuna i te WordPress me uru me nga Aratohu Uru Paetukutuku Tukutuku 2.0 i te taumata AA. 

Kei te WordPress ano te whakahaere hononga hono; he miihini rapu- he hoa , he hanganga whakaaetanga ; te kaha ki te tohua nga waahanga maha ki nga pou; me te tautoko mo te tapa o nga pou. Kei roto hoki nga whiriwhiringa taapiri aunoa, ma te whakariterite i te panui paerewa me te huringa kuputuhi i nga pou (hei tauira, te huri i nga rekoata ki nga paanui mohio ). Tautoko hoki WordPress te Trackback me Pingback paerewa mō te whakaatu hononga ki ētahi atu pae e whai hono ratou ki te pou i te tuhinga ranei. Ko nga pou WordPress ka taea te whakatika i te HTML, ma te whakamahi i te ētita tirohanga, te whakamahi ranei i tetahi o nga monohiko e whakaaetia ana mo te maha o nga ahuatanga whakatikahia.




#Article 146: Naruhito (24 words)


L’emperor Naruhito (令和天皇 Reiwa Tennō?), nato principe Hiro (浩宮 Hiro-no-miya?), (Tokyo, 23 february 1960) è il 126º emperor del Yapon dal 1 may 2019.




#Article 147: Jean-Louis David (334 words)


Jean-Louis David, wavutse ku ya 24 Werurwe 1934 i Grasse1 apfa ku ya 3 Mata 20192 i Épalinges (Ubusuwisi), ni umusutsi w’imishatsi w’umufaransa na rwiyemezamirimo.

Yavutse ku ya 24 Werurwe 1934 i Grasse, agera i Paris mu myaka ya za 1950. Jean-Louis David yari agenewe umwuga wo kwerekana imideli mbere yo kwimukira mu gutunganya imisatsi. ngombwa] mu kwinjizwa muri Gabriel Garland, salon yo mu karere ka Champs Élysées, nyirayo akaba afite na cinema ya Cinémonde. Nkigisubizo, igitaramo gikunze kugaragara ninyenyeri za cinema yicyo gihe. Afite imyaka 20 gusa, yahise yihesha izina yandika imisatsi yicyamamare muri Hollywood Kim Novak. Ku myaka 25, yafunguye salon ye yambere yogosha umusatsi mwizina rye, avenue de Wagram.

Yamenyekanye cyane cyane mu myaka ya za 1960 abikesheje gukata kwe kwangiritse, nyuma no guhanga udushya nka netnet (ibara ryoroheje, guhera mu mizi kugeza ku musatsi) 3.

Yakunda kwimenyereza ku bipupe. Il conseillait de s'entrainer régulièrement sur des têtes malléables ( ) avec différent type de cheveux (afro, crépus, bouclé) appelée également tête d'étude.

Itsinda rya Jean Louis DavidNote 1 ryashinzwe mu 1976 hanyuma rikoresha sisitemu ya francise muri salon zogosha imisatsi, sisitemu yavumbuye hashize imyaka ibiri muri Amerika4. Ibigo byayo byashyize ahagaragara ibicuruzwa byinjije miliyari 6.7 mu 1994, naho mu 1995, harimo salon 378 mu Bufaransa (kuri francisees 227) na 700 ku isi yose (yabanje gushingwa muri Mongoliya, Ubusuwisi, Ubutaliyani , muri Espagne, Quebec, Polonye na Berezile, mbere y'Uburusiya na Koreya y'Epfo) 5. Iratangiza kandi ibicuruzwa bitandukanye byo kwisiga, na cyane cyane ibicuruzwa byimisatsi bigurishwa mumaduka manini, harimo shampo, scrunchies, clips yimisatsi, masike hamwe nogosha umusatsi.

Mu 1995, iyobowe na Jean-Christophe David kuva mu 1993, umuhungu wa Jean-Louis David, isosiyete yagurishije gahunda yo kuzigama ku bakandida ba francise muri salon zayo kugira ngo igumane ibintu byiza byayo (abayobozi cyangwa abatunganya imisatsi ya mbere) ) 5.

Mu 2002, Jean-Louis David yagurishije itsinda rye muri Amerika Régis Corporation6, ifatanije n’itsinda ry’Abafaransa Franck Provost, mbere y’izabukuru i Épalinges mu Busuwisi, igihugu yari yarabonye ubwenegihugu4.

Yapfuye ku ya 3 Mata 2019 mu Busuwisi azize kanseri.




#Total Article count: 147
#Total Word count: 36656